Ibibanza batungiramwo ibikoko muri iki gihe
HARACIYE imyaka 3000 umwami w’abami w’Umushinwa atunganije ishamba ritungirwamwo ibikoko maze aryita Itongo ry’ubwenge. Iryo shamba ryarimwo ibikoko vyinshi, rikaba ryangana na hegitari 607. Ico gihe ishamba mwene iryo ritegerezwa kuba ryari imbonekarimwe.
Muri kino gihe hoho, abantu amamiliyoni hirya no hino kw’isi barashobora kwibonera ibibanza bitungirwamwo ibikoko. Igitabu kimwe (Zoos in the 21st Century) kivuga giti: “Mw’isi aho amashamba cimeza ariko arahona, abanyagihugu na bo bakaguma bijukira ibisagara, kugira ngo abantu benshi babone ibikoko usanga baja kubirabira mu bibanza bitungirwamwo.”
Ivyo ushobora kuhasanga
Mwene ivyo bibanza biraha abantu akaryo ko kwibonera bimwebimwe mu bikoko vyiza cane kandi bitangaje kuruta ibindi, bakabibona biri ahantu hagomba kumera nk’aho bisanzwe biba. Urashobora kubona ibinyugunyugu biteye igomwe biriko biriginagura mw’ishamba rimeze nk’amashamba yo mu turere dushushe canke ibikoko bita pingouins biriko biroga ahantu hameze nko mu bibarafu vyo kw’isonga ry’epfo ry’umubumbe w’isi.
Urashobora guca mw’ishamba ritoyi rizitanye nka ya mashamba yo hafi y’umukanda w’isi (équateur) maze ukabona inyoni n’ibikoko bimwebimwe usanga biba muri mwene ayo mashamba. Canke na ho woshobora kwinjira mu cumba kirimwo umwiza ukabona ibikoko bikunda ijoro. Mu bibanza bimwebimwe urashobora no kubona inyoni zihiga ziriko ziraguruka canke ibimizi bita dauphins biriko biragira agatebetebe mu mazi. Kera ibikoko bikaze vyahora vyugaranirwa ahantu havyo, ariko ubu bishirwa hanze bagaca bahakikuza imigende y’amazi kugira ntibijabuke ngo birye abantu.
Ivyiyumviro bitandukanye
Abantu bamwebamwe baharanira agateka k’ibikoko baribaza nimba bibereye ko bikurwa aho bisanzwe vyibera maze bikugaranirwa ahantu bitaremewe kuba. Bavuga yuko ivyo bibanza bibuza ibikoko umwidegemvyo kandi bigatuma vyigenza uko bidasanzwe bimeze.
Mu kwishura ivyo bihari, abajejwe ivyo bibanza bavuga ko bifasha cane mu kuzigama ibikoko no mu kwigisha abantu. Uwitwa Jaime Rull akorera mu kibanza citwa Faunia c’i Madrid muri Espanye asigura ati: “Intumbero yacu ni iyo kwigisha abantu kwubaha ibikoko. Dushaka ko abatugendera bavyurirwa umutima wo kugira ico bafashije mu kuzigama aho ibikoko biba, kuko biramutse bihabuze bitomara na kabiri.” Hari amatohoza yerekana ko ibibanza bimwebimwe usanga bituma koko abantu batahura yuko bikenewe ko dukingira ibikoko bibangamiwe.
Bisa n’uko abantu bakunda cane ibikoko bimwebimwe vy’imbonekarimwe nk’icitwa panda. Uwitwa Noelia Benito akora mu kibanza kimwe c’i Madrid (Zoo Aquarium) avuga ati: “Abatugendera bose usanga bashaka kubona panda zibiri dufise. Ivyo bikoko bikundwa cane ni ikimenyamenya c’urugamba turimwo rwo gukingira ibikoko bigeramiwe. Twizigiye ko izo panda zizorondoka, naho nyene ari ibikoko bidapfa kuvyarana n’ico ari co cose.”
Uretse izo panda, ibikoko vyinshi birarondoka ata ngorane mu bibanza bitungirwamwo kubera biba bibayeho neza n’amagara yavyo akitwararikwa. Imigambi yo kugwiza ibikoko bimwebimwe yagenze neza yarafashije kwishura abaharira bavuga ko ivyo bibanza bitari bikwiye gukoreshwa mu vyo kwitwararika ibikoko bigeramiwe. Uretse ukwegeranya ibikoko kugira ingenzi zibiratire ijisho, mu bibanza vyinshi bitungirwamwo ibikoko usanga banagwiza ibikoko bigeramiwe kugira baze babisubize aho vyahoze biba.
Ikintu nyamukuru gituma ibikoko bihona ni uko bibura aho biba. Ku bw’ivyo, abajejwe mwene ivyo bibanza barashigikira cane imigambi yo gukingira ibikoko mu gufasha ibibanza bikingirirwamwo biri mu bihugu vyo mu turere dushushe.a
Kwihweza ibidukikije
Kubera yuko abana nka bose usanga bakunda ibikoko, igihe umuryango wose ufashe akanya ukaja kuratira ijisho ikibanza mwene ico, abavyeyi boshobora kuboneraho akaryo ko kwigisha abana babo ibijanye n’ivyo Imana yaremye. Barashobora kwihweza ibidukikije bari hamwe.
Kuva kera na rindi, abantu bamye bakunda ibikoko. Birabereye ko n’abana bacu tubibakundisha, kubera ko ivyaremwe bidufasha gutahura kamere z’Umuremyi. Kugendera mwene ico kibanza birashobora kandi kudufasha kurushiriza kwubaha no kumenya ibiremwa bitangaje biri kuri uyu mubumbe wacu ugeramiwe.
a Utwigoro abajejwe mwene ivyo bibanza bagize kugira bakingire ingwe muri Aziya, udukoko bita maki muri Madagaskari n’ibikoko vyo mu bwoko bw’inguge muri Afrika bisa n’uko twaroraniwe.