ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 2/13 rup. 16
  • Umurizo w’ikiburuburu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umurizo w’ikiburuburu
  • Be maso!—2013
  • Ivyo bijanye
  • Ibirimwo
    Be maso!—2013
  • Umurizo w’agakoko bita ifarasi yo mu mazi
    Vyoba vyariyadukije?
  • Umuserebanyi ukwega amazi ukoresheje urusato
    Be maso!—2015
  • Ibirimwo
    Be maso!—2015
Be maso!—2013
g 2/13 rup. 16

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Umurizo w’ikiburuburu

IKIBURUBURU kirava ahantu harambitse, kigasimbira ku ruhome rushinze bitagoranye. Mugabo iyo aho hantu kiri hanyerera, amaguru yaco ntafata neza hasi. Ariko ivyo ntibibuza ko gitarukira kuri urwo ruhome ata nkomanzi. Uti none kibishobora gute? Vyose bihagaze ku murizo waco.

Rimbura ibi: Igihe ikiburuburu kigomba gusimba kivuye ahantu hatanyerera, kibanza kwumviriza ko gifashe neza hasi, umurizo na wo kikaguma kiwumanuye. Ivyo bituma gisimba gitumbereye iyo cipfuza gutarukira. Ariko igihe kiri ahanyerera, ntigifata neza hasi kandi ntigisimba gitumbereye aho cipfuza gutarukira. Mugabo kikiri mu kirere, kiraminura umurizo, ivyo bigatuma gitumbera iyo cipfuza. Kugira ngo gikore ivyo bintu, gikoresha ubuhinga bwinshi. Icegeranyo kimwe casohowe na kaminuza y’i Berkeley muri Californie kivuga giti: “Ikiburuburu gitegerezwa kuguma gihinyanyura umurizo waco kugira ngo kigume gitumbereye.” Uko aho gisimba kivuye harushiriza kunyerera, ni ko biba ngombwa ko kirushiriza kuminura umurizo kugira ngo gishike hasi neza.

Umurizo w’ikiburuburu urashobora gufasha abahinga guhingura ivyuma vyitwa amarobo bibangutse cane bishobora gukoreshwa mu kurondera abantu bacitse kw’icumu igihe hateye nyamugigima canke ikindi cago. Umushakashatsi umwe yitwa Thomas Libby avuga ati: “Amarobo abanguka buhoro ugereranije n’ibikoko; ni co gituma ikintu cose coza gituma amarobo arushiriza gukora adahungabana, ryoba ari iterambere.”

None uvyibazako iki? Uwo murizo w’ikiburuburu coba ari ikintu ciyadukije? Canke hariho uwawushizeho?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika