UDUKURU TW’IRYA N’INO
Kw’isi yose
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu ryamenyesheje yuko guhumeka ivyotsi birekurwa n’imiduga inywa amazutu “bituma abantu bashobora cane kurwara kanseri y’amahaha,” bikaba kumbure ari ukwo nyene biri no ku bijanye na kanseri y’uruhago.
Antarctique
Ibisigarira vy’utuntu tumeze nk’agafu dutuma amashurwe arondoka be n’utundi tubuto vyubuwe munsi y’ikiyaga, turerekana yuko mu karere ka Antarctique higeze kuba ibigazi be n’ibiti bimeze nk’ivyo mu turere dushushe. Abenshi biyumvira yuko kera cane, urushana rutakanya cane muri ako karere be n’uko urugero rw’ubushuhe bwo ku masonga y’isi butari butandukanye cane n’urugero rw’ubushuhe bwo mu turere turi kuri wa mukanda w’isi (équateur).
Muri Irlande
Raporo yo mu 2012 yasohowe n’Ishirahamwe ry’abapatiri b’Abagatolika bo muri Irlande yerekana yuko ibice 87 kw’ijana vy’abagatolika babajijwe muri ico gihugu babona ko abapatiri bari bakwiye kwemererwa kurongora. Ibice 77 kw’ijana na bo babona ko abagore bari bakwiye kwemererwa kuba abapatiri.
Afrika yo munsi ya sahara be na aziya yo mu bumanuko bushira ubuseruko
Icigwa cagizwe ku miti ivura malariya cerekanye yuko mu mihingo imwimwe wasanga akenshi iyo miti idakwije ibisabwa canke ari iya magendo, bigatuma itavura neza iyo ndwara canke mbere ntiyivure na buhoro. Muri Aziya yo mu bumanuko bushira ubuseruko ibice 36 kw’ijana vy’imiti yasuzumwe basanze ari iya magendo, muri Afrika yo munsi ya Sahara na ho basanga ari ibice 20 kw’ijana.
Muri Salvador
Hagati muri Ndamukiza 2012, abategetsi baramenyesheje umusi umwe rudende utaranzwe n’ubwicanyi mu myaka nk’itatu yari iheze. Mu 2011, ubukozi bw’ikibi bufitaniye isano n’ibiyayuramutwe bwatumye muri ico gihugu abantu 69 ku bantu 100.000 bicwa, ico kikaba ari kimwe mu bitigiri biteye ubwoba kuruta ibindi kw’isi.