ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g24 no. 1 rup. 4-6
  • Kubera iki abantu batacubaha abandi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki abantu batacubaha abandi?
  • Be maso!—2024
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGITUMA KWUBAHA ABANDI BIHAMBAYE
  • IVYO WOKORA
  • IVYO IVYABONA VYA YEHOVA BARIKO BARAKORA
  • Niwubahe abandi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Icubahiro caroye he?
    Be maso!—2024
  • Kubera iki twokwubaha ubukuru?
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Kubera iki twokwubaha ubukuru?
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
Ibindi
Be maso!—2024
g24 no. 1 rup. 4-6
Umugabo ari muri resitora ariko arakankamira uwusereva, na we ariko aramusaba imbabazi. Abandi bari kumwe n’uwo mugabo ku meza basa n’abumva ubuyega.

Kubera iki abantu batacubaha abandi?

IGITUMA KWUBAHA ABANDI BIHAMBAYE

Kwubaha abandi biragabanya amatati, bigatuma ingorane zitunyuka.

  • Hari umugani wo muri Bibiliya ugira uti: «Inyishu irimwo ubwitonzi ihwamika uburake, ariko ijambo ribabaza ritera ishavu.» (Imigani 15:1) Amajambo be n’ibikorwa bitaranga icubahiro, nta kindi bikora atari ukwunyura ingorane akenshi bikavamwo ingaruka zibabaje.

  • Yezu yavuze ati: «Ivyuzuye mu mutima ni vyo akanwa kavuga.» (Matayo 12:34) Igihe dukoresha amajambo ataranga icubahiro, birerekana ingene tubona abo tudasangiye ibara ry’urukoba, ubwoko, igihugu canke imico kama.

    Mw’itohoza riherutse kugirwa ku bantu barenga 32.000 bo mu bihugu 28, ibice 65 kw’ijana bavuze ko ivyo kutubaha abandi vyunyutse kuruta ikindi gihe cose.

IVYO WOKORA

Niwubahe abantu bose haba kw’ishure canke ku kazi, naho mwoba mutabona ibintu kumwe. Nurabe ibintu mwohurizako. Ivyo bizogufasha kutabatora amahinyu canke kutabacira urubanza.

«Nimureke guca urubanza kugira namwe ntimuzocirwe urubanza.»—Matayo 7:1.

Nufate abandi nk’uko nawe ushaka ko bagufata. Igihe witwararika abandi kandi ukabafata neza, birashoboka cane ko nawe ari vyo bazokugirira.

«Ivyo mushaka ko abandi babagirira, abe ari vyo namwe mubagirira.»—Luka 6:31.

Nubabarire abandi. Niwizigire abandi mu kwirengagiza ivyo bavuze canke ivyo bakoze vyoshobora kugushavuza, ntuce wibaza ko bashatse kubabaza.

«Ugutahura kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe, kandi kwirengagiza ikosa yakorewe bituma aboneka neza.»—Imigani 19:11.

Mu Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova imbere y’ikoraniro. Abantu bo mu myaka itandukanye n’amoko atandukanye bariko bararamukanya n’igishika bongera baganira.
Mu Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova imbere y’ikoraniro. Abantu bo mu myaka itandukanye n’amoko atandukanye bariko bararamukanya n’igishika bongera baganira.

IVYO IVYABONA VYA YEHOVA BARIKO BARAKORA

Aho Ivyabona vya Yehova baba n’aho bakorera barubaha abantu, bakaremesha n’abandi kwubahana.

Turigisha Bibiliya abantu bose ku buntu ariko ntitubahata ngo bemere ivyiyumviro vyacu. Ahubwo, tugerageza gushira mu ngiro impanuro yo muri Bibiliya idusaba kubwira abandi ubutumwa bwiza ‘tubigiranye ubwitonzi n’icubahiro kigera kure.’—1 Petero 3:15; 2 Timoteyo 2:24.

Turirinda kwinuba abandi mu guha ikaze ku makoraniro yacu abantu bose bipfuza kumenya ivyo Bibiliya yigisha. Turihatira kutanegura abandi kandi ‘tukubaha abantu bose.’—1 Petero 2:​17, Bibiliya Yera.

Turubaha abategetsi. (Abaroma 13:1) Turagamburuka amategeko tukariha n’amakori. Ntituja muri politike ariko turubahiriza uburenganzira abandi bafise bwo kwihitiramwo ivyo bokora mu bijanye na politike.

Udufoto: Amafoto yakuwe mw’ividewo «Urukundo rudahemuka ruzotsinda ryari urwanko?» 1. Umwarabu. 2. A Umuyahudi.

MENYA N’IBINDI

Ntivyoroshe kwubaha abantu igihe wigishijwe kubanka. Raba ingene abagabo babiri bo mu moko atandukanye bize kwubaha abandi. Raba kuri jw.org ividewo ivuga ngo Urukundo rudahemuka ruzotsinda ryari urwanko?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika