ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 35
  • Yehova Atanga Amategeko

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova Atanga Amategeko
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Bagiranira isezerano na Yehova
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Numenye inzira za Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Igisaka Kirurumba
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Turōngōwe na ya Mabwirizwa Cumi?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 35

INKURU YA 35

Yehova Atanga Amategeko

HASHIZE nk’amezi abiri Abisirayeli bavuye mu Misiri, bashika ku musozi Sinayi ari wo Horebu. Ni ha handi Yehova yavugana na Musa ari mu gisaka kirurumba. Barahacumbika bahamara imisi.

Musa aduga umusozi, abasiga musi yawo barindiriye. Ashitse hejuru kuri wo, Yehova amubwira ko ashaka ko Abisirayeli bamugamburukira, bakaba igihugu ciwe yitoreye. Amanutse ababwira ivyo Yehova yavuze, na bo bavuga ko bazomwumvira kubera ko bashaka kuba abantu biwe.

Yehova aca agira igitangaza. Atuma impinga y’umusozi ifumba umwotsi, kandi haba n’imituragaro. Ababwira ati: ‘Ndi Yehova Imana yanyu yabakuye mu Misiri.’ Aca arategeka ati: ‘Mutegerezwa kudasenga izindi mana kiretse jewe.’

Imana ibaha ayandi mabwirizwa icenda ari yo mategeko. Baratinya cane. Babwira Musa bati: ‘Wewe n’utubwire kubera ko Yehova atubariye twopfa.’

Hanyuma Yehova abwira Musa ati: ‘Duga uze ino hejuru ku musozi, ndaguhe ibisate vy’amabuye bibiri nanditseko amategeko nshaka ko mwubaha.’ Musa asubira kuduga, amarayo imisi 40.

Imana yari ifise ibintu vyinshi itegeka abantu bayo. Ayo mategeko Musa arayandika. Imana imuha n’ibisate 2 vy’amabuye, vyanditsweko amategeko 10 ari yo Mabwirizwa, amwe Imana yari yababwiye.

Amabwirizwa Cumi ni amategeko ahambaye. Rimwe muri yo ngiri: ‘Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose, n’ubwenge bwawe bwose, n’umutumba wawe wose, hamwe n’inguvu zawe zose.’ Irindi na ryo ni iri: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene.’ Umwana w’Imana Yezu Kirisitu yavuze ko ayo ari yo mabwirizwa abiri makuru Imana yahaye Abisirayeli. Tuzokwiga vyinshi vyerekeye uyo Mwana w’Imana n’inyigisho ziwe.

Kuvayo 19:1-25; 20:1-21; 24:12-18; 31:18; Gusubira mu vyagezwe 6:4-6; Abalewi 19:18; Matayo 22:36-40.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika