Numenye inzira za Yehova
“N’unyereke imigendere yawe, kugira ngo nkumenye”.—KUVAYO 33:13.
1, 2. (a) Ni kubera iki Musa yavyifashemwo ukuraho igihe yabona Umunyamisiri agirira nabi Umuheburayo? (b) Kugira ngo Musa abe uwubereye umurimo wa Yehova, yari akeneye kwiga iki?
MUSA yari yarerewe mu rugo kwa Farawo, kandi yari yarigishijwe ubwenge abanyacubahiro bo mu Misiri babona ko buhambaye. Yamara, Musa yaratahura yuko atari Umunyamisiri. Abavyeyi biwe bari Abaheburayo. Ashikanye imyaka 40, yaragendeye benewabo, ni ukuvuga Abisirayeli. Igihe Musa yabona Umunyamisiri ariko agirira nabi Umuheburayo, ntiyabiretse gutyo. Yaciye yica uwo Munyamisiri. Musa yahisemwo kwifatanya n’abasavyi ba Yehova, kandi yiyumvira yuko Imana yariko iramukoresha kugira ngo ahabuze benewabo (Ivyakozwe 7:21-25; Abaheburayo 11:24, 25). Igihe iryo bara ryamenyekana, abo mu muryango w’umwami wa Misiri baciye babona yuko Musa ari umugarariji, bica biba ngombwa ko ayanyaga (Kuvayo 2:11-15). Kugira ngo Musa akoreshwe n’Imana, yategerezwa kumenya neza inzira za Yehova. None Musa yari kuba umuntu yoroshe kwigisha?—Zaburi 25:9.
2 Mu myaka 40 yakurikiye, Musa yabayeho ari impunzi n’umwungere. Aho kugira ngo ashavuzwe n’uko benewabo b’Abaheburayo basa n’abatamushima, yaremeye ivyo Imana yaretse ngo bimushikire. Naho haciye imyaka myinshi ata kintu kiboneka kimwereka yuko yemewe, Musa yararetse Yehova aramusena. Mu nyuma, Musa yaranditse ibimwerekeye atariko ariyemera, mugabo abitumwe n’impwemu yera y’Imana, ati: “Uwo mugabo Mose yar’umugwaneza kurusha abantu bose bo mw isi” (Guharūra 12:3). Yehova yarakoresheje Musa mu buryo buhambaye butandukanye. Natwe nyene nitwarondera ubugwaneza canke ukwicisha bugufi, Yehova azoduhezagira.—Zefaniya 2:3.
Yarashinzwe igikorwa
3, 4. (a) Ni igikorwa ikihe Yehova yashinze Musa? (b) Ni imfashanyo iyihe Musa yahawe?
3 Umusi umwe umumarayika yari aserukiye Yehova yaravuganye na Musa hafi y’Umusozi Horebu ku gace k’umusozi Sinayi kinjira mu kiyaga. Musa yabwiwe ngo: “N’ukuri abantu banje bari muri Egiputa nabonye amarushwa barimwo, numvise gutaka kwabo batakishwa n’ababakoresha babahindagiza; kuko nzi imibabaro yabo, kandi mmanukanywe no kubarokora, mbakūre mu maboko y’Abanyegiputa, mbadūgane, mbakūre mur’ico gihugu, mbajane mu gihugu ciza cāgutse, gitemba amata n’ubūki” (Kuvayo 3:2, 7, 8). Ivyo birerekana ko hari igikorwa Imana yagira ishinge Musa, mugabo categerezwa gukorwa nk’uko Yehova agomba.
4 Uwo mumarayika wa Yehova yabandanije ati: “None ngwino, ngutume kuri Farawo, ukūre abantu banje b’Abisirayeli muri Egiputa”. Musa yaragonanwe. Yumva yuko atabishoboye, kandi ubwiwe ntiyari kubishobora. Ariko rero, Yehova yaramusubirije umutima mu nda ati: “Nzoba ndi kumwe nawe” (Kuvayo 3:10-12). Yehova yarahaye Musa ububasha bwo gukora ibimenyetso vy’akumiza vyobaye ikimenyamenya c’uko yatumwe n’Imana koko. Aroni mwenewabo na Musa bari kujana, akamubera umuvugizi. Yehova yobigishije ivyo bakwiye kuvuga n’ivyo bakwiye gukora (Kuvayo 4:1-17). Musa yoba yari kurangura ico gikorwa adahemuka?
5. Ni kubera iki bitari vyoroheye Musa uravye inyifato Abisirayeli bagize?
5 Abakuru bo mu Bisirayeli mu ntango baremeye ivyo Musa na Aroni bababwiye (Kuvayo 4:29-31). Ariko rero bidatevye, “abarōngōzi b’Abisirayeli” baragirije Musa na mwenewabo ngo batumye Farawo n’abantu biwe ‘babanka urunuka’ (Kuvayo 5:19-21; 6:9). Igihe Abisirayeli bariko barava mu Misiri, bararandutse imitima babonye imikogote y’Abanyamisiri ibomye inyuma. Kubera ko imbere yabo hari Ikiyaga Gitukura, inyuma yabo na ho hakaba imikogote y’intambara, Abisirayeli babonye yuko kabaye, baca bata ishavu kuri Musa. Iyo uba Musa wari kuvyifatamwo gute? Naho Abisirayeli batari bafise amato, Musa abwirijwe na Yehova yahimirije abantu kwitegurira kugenda. Hanyuma Imana yarazibiye amazi y’Ikiyaga Gitukura, maze hagati mu kiyaga hacika nk’i musozi kugira ngo Abisirayeli barengane.—Kuvayo 14:1-22.
Ikibazo gihambaye kuruta uguhabuzwa
6. Yehova yashimitse ku ki igihe yashinga igikorwa Musa?
6 Igihe Yehova yashinga igikorwa Musa, yarashimitse ku vy’uko izina ryiwe rihambaye. Kwubaha iryo zina be na Nyeneryo vyari bihambaye cane. Igihe Musa yabaza Yehova ibijanye n’izina ryiwe, yamubwiye ati: “Nzogaragaza ko ndi ico nzogaragaza ko ndi” (NW). Vyongeye, Musa yari kubwira Abisirayeli ati: “[“Yehova”, NW], Imana ya basogokuruza, yabantumyeko, ni yo Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo”. Yehova yongeyeko ati: “Iryo ni ryo zina ryanje ry’ibihe bitazoshira, iryo ni ryo rizobabera icibutso canje, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana” (Kuvayo 3:13-15). Gushika n’ubu, abasavyi b’Imana bo kw’isi yose barazi yuko Yehova ari ryo zina ryayo.—Yesaya 12:4, 5; 43:10-12.
7. Imana yahimirije Musa gukora iki naho Farawo yari yagaragaje ubwishime?
7 Igihe Musa na Aroni barenguka imbere ya Farawo, barashikirije ubutumwa mw’izina rya Yehova. Mugabo Farawo yavuze n’ubwishime n’akantu ati: “[“Yehova”, NW] ni nde, ngo ndamwumvire, ndekure Abisirayeli? [“Yehova”, NW] sindamuzi, kandi sindekura Abisirayeli” (Kuvayo 5:1, 2). Naho Farawo yerekanye yuko akomantaye umutima be n’uko ari umubeshi, Yehova yahimirije Musa kumushikiriza ubutumwa incuro n’izindi (Kuvayo 7:14-16, 20-23; 8:1, 2, 20). Musa yarabona yuko Farawo yashangashiwe. None hari iciza cari kuva mu kwongera kumuhangara? Abisirayeli bari bashashaye guhabuzwa. Farawo yari yarahiye ararengwa yuko atabarekura. Wewe wari gukora iki?
8. Ni ivyiza ibihe vyavuye mu kuntu Yehova yakoze ku bijanye na Farawo, kandi ivyo bintu vyabaye bikwiye gutuma dukora iki?
8 Musa yarongeye gushikiriza ubundi butumwa, mu kuvuga ati: “[“Yehova”, “NW”], Imana y’Abaheburayo, agize ngo Reka abantu biwe bagende, bamusabe”. Imana yavuze kandi iti: ‘Mba narabanguye ukuboko kwanje, nkakurekurirako ikiza, mwe n’abantu bawe, ukarandurwa mw’isi. Ariko, icatumye mba ndakuretse, ni ukugira ngo nkwereke ubushobozi bwanje, kandi ngo izina ryanje ryamamare mw’isi yose’ (Kuvayo 9:13-16). Mu gushitsa urubanza kuri Farawo umwe yikomantaza umutima, Yehova yari afise intumbero yo kwerekana ububasha bwiwe mu buryo bwobaye ingabisho kuri abo bose bamurwanya. Muri abo, hobaye harimwo na Shetani wa Mucokoranyi, uwo Yezu Kirisitu yahavuye yita “umwami w’isi” (Yohana 14:30; Abaroma 9:17-24). Nk’uko vyari vyaravuzwe, izina rya Yehova ryaramenyekanye mw’isi yose. Ukwihangana kwiwe kwashikanye ku gukingirwa kw’Abisirayeli be n’igugu ry’ikivange c’abantu bifatanije na bo mu gusenga Yehova (Kuvayo 9:20, 21; 12:37, 38). Kuva ico gihe, ukwamamaza izina rya Yehova kwarazaniye ivyiza abandi bantu amamiliyoni bahindukiriye ugusenga kw’ukuri.
Gukorana n’abantu bagoye
9. Ihanga Musa yakomokamwo ryerekanye gute yuko ritubaha Yehova?
9 Abaheburayo bari bazi izina ry’Imana. Musa yarakoresha iryo zina igihe yaba ariko avugana na bo, mugabo ntibama imisi yose baha nyene iryo zina icubahiro kibereye. None inyuma gato y’aho Yehova akuriye Abisirayeli mu Misiri, vyagenze gute igihe batashoka baronka amazi meza yo kunywa? Baciye bidodombera Musa. Ubukurikira baridodomvye ku bijanye n’imfungurwa. Musa yarabagabishije yuko batariko bidodombera we na Aroni gusa, mugabo ko bariko bidodombera na Yehova (Kuvayo 15:22-24; 16:2-12). Ku Musozi Sinayi, Yehova yarahaye Abisirayeli Ivyagezwe, abijanisha n’ibimenyetso bidasanzwe. Ariko rero, abantu baragambaraye mu gucura imasa y’inzahabu basenga, baraheza bavuga ko bariko bagira ‘umusi mukuru wa Yehova’.—Kuvayo 32:1-9.
10. Ni kubera iki ivyo Musa yasavye nk’uko tubisanga muri Kuvayo 33:13 bifitiye akamaro cane abacungezi bakirisu muri iki gihe?
10 None Musa yari gukorana gute n’abantu Yehova ubwiwe yadondoye ko batagonda izosi? Musa yinginze Yehova ati: “Ndakwinginze, asangwa nagiriwe ubuntu imbere yawe koko, n’unyereke imigendere yawe, kugira ngo nkumenye, mbone kurushiriza kugirirwa ubuntu imbere yawe” (Kuvayo 33:13). Mu kwitwararika Ivyabona bo muri iki gihe, abacungezi bakirisu baragira umukuku wicisha bugufi cane kurusha rya hanga rya Isirayeli. Yamara, na bo nyene basaba bati: “Uhoraho, nyereka inzira zawe, nyigisha amarango yawe” (Zaburi 25:4). Kumenya inzira za Yehova bituma abacungezi bashobora gutunganya ingorane mu buryo buhuye n’Ijambo ry’Imana, kandi bujanye na kamere zayo.
Ivyo Yehova yiteze ku basavyi biwe
11. Ni inyobozo izihe Yehova yahaye Musa, kandi ni kubera iki turondera kuzimenya?
11 Ivyo Yehova yari yiteze ku basavyi biwe yabibabwiriye ku Musozi Sinayi. Mu nyuma, Musa yarahawe ibisate bibiri vy’amabuye vyanditseko ya Mabwirizwa Cumi. Akimanuka uwo musozi, yabonye Abisirayeli bariko barasenga ca gishushanyo c’imasa kivugutiwe mu muriro, maze n’ishavu n’akantu aca akubita hasi ivyo bisate, bica biramenagurika. Yehova yarongeye kwandika ayo Mabwirizwa Cumi ku bisate vy’amabuye Musa yari yibaziye (Kuvayo 32:19; 34:1). Ayo mategeko nta co yari yahindutseko kuva agitangwa ubwa mbere. Musa yategerezwa kuyisunga. Imana yarafashije kandi Musa gutahura neza ukuntu imeze, gutyo iramwereka ingene akwiye kwigenza nk’umuserukizi wa Yehova. Abakirisu ntibagengwa n’Ivyagezwe vya Musa, mugabo ivyo Yehova yabwiye Musa birimwo ingingo ngenderwako z’ishimikiro nyinshi zitahindutse kandi zibandanya gukora ku basenga Yehova bose (Abaroma 6:14; 13:8-10). Nimuze duce irya n’ino zimwezimwe muri zo.
12. Kuba Yehova yasaba ko bamwibandako we musa vyari bikwiye gutuma Abisirayeli bagira iki?
12 Niwibande kuri Yehova we musa. Ihanga rya Isirayeli ni ho ryari igihe Yehova yatangaza yuko asaba ko bamwibandako we musa (Kuvayo 20:2-5). Abisirayeli bari barabonye ibimenyamenya vyinshi cane vyerekana yuko Yehova ari we Mana y’ukuri (Gusubira mu vyagezwe 4:33-35). Yehova yaratomoye yuko ivyo ayandi mahanga yariko arakora vyaba ibihe, atokwihanganiye ubwoko na bumwe bwo gusenga ibigirwamana canke ubupfumu mu basavyi biwe. Ukumwibandako kwabo kwategerezwa kutaba ukwo guheza umwuga. Bose babwirizwa gukundisha Yehova umutima wabo wose, n’ubugingo bwabo bwose, n’inkomezi zabo zose (Gusubira mu vyagezwe 6:5, 6). Ivyo bari kubigira mu mvugo no mu kuntu bigenza, ni ukuvuga mu mice yose y’ubuzima bwabo (Abalewi 20:27; 24:15, 16; 26:1). Na Yezu Kirisitu yaratomoye yuko Yehova asaba ko bamwibandako we musa.—Mariko 12:28-30; Luka 4:8.
13. Ni kubera iki Abisirayeli babwirizwa kugamburukira Imana badaca ku ruhande, kandi ni igiki gikwiye gutuma tuyigamburukira (Umusiguzi 12:13)?
13 Nugamburuke amabwirizwa ya Yehova udaca ku ruhande. Abisirayeli bari bakeneye kwibutswa yuko igihe bunga ubucuti na Yehova biciye kw’isezerano, bamuraganiye kumugamburukira badaca ku ruhande. Bari bifitiye umwidegemvyo mu bintu vyinshi, mugabo mu bintu Yehova yari yarabahayemwo amabwirizwa, bategerezwa kugamburuka badaca ku ruhande. Kubigira gutyo vyotanze ikimenyamenya c’uko bakunda Imana, kandi vyobagiriye akamaro bo hamwe n’uruvyaro rwabo, kubera ko ivyo Yehova yabasaba vyose yabibasaba ku neza yabo.—Kuvayo 19:5-8; Gusubira mu vyagezwe 5:27-33; 11:22, 23.
14. Imana yashimitse gute mu kwereka Abisirayeli yuko gushira ivy’impwemu mu kibanza ca mbere ari ikintu gihambaye?
14 Nushire ivy’impwemu mu kibanza ca mbere. Ihanga rya Isirayeli ntiryari kureka ngo kwitwararika ivyo rikeneye vy’umubiri binigire mu menshi ivy’impwemu. Abisirayeli ntibari kubaho bitwararika gusa ivy’ubuzima bwa misi yose. Yehova yarashize ku ruhande ku ndwi ku ndwi umwanya yise uwera, ukaba wari ugenewe ibikorwa bijanye no gusenga Imana y’ukuri (Kuvayo 35:1-3; Guharūra 15:32-36). Ku mwaka ku mwaka, hari uwundi mwanya wategerezwa guheberwa amahwaniro meranda yari yarashinzwe (Abalewi 23:4-44). Ivyo vyarabaronsa akaryo ko kuganira ku bikorwa vy’ububasha vya Yehova, kwibutswa ivyerekeye inzira ziwe, no kumukengurukira ku bw’ukugira neza kwiwe kwose. Uko abantu bari guserura yuko bibanda kuri Yehova, ni ko bogiye bararushiriza kumutinya no kumukunda bakongera bagafashwa kugira bagendere mu nzira ziwe (Gusubira mu vyagezwe 10:12, 13). Ingingo ngenderwako ngirakamaro ziri muri ayo mabwirizwa ziragirira akamaro abasavyi ba Yehova muri iki gihe.—Abaheburayo 10:24, 25.
Nutahure wongere uhe agaciro kamere za Yehova
15. (a) Ni kubera iki gutahura no guha agaciro kamere za Yehova vyagiriye akamaro Musa? (b) Ni ibibazo ibihe bishobora kudufasha kuzirikana bimwe bishika ibwina kuri imwimwe yose muri kamere za Yehova?
15 Gutahura no guha agaciro kamere za Yehova na vyo nyene vyofashije Musa mu kuntu yofashe abo bantu. Muri Kuvayo 34:5-7 havuga yuko Imana yaciye imbere ya Musa, maze ikavuga iti: “Nd’Uhoraho, nd’Uhoraho, Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu, nteba kuraka, ngira ikigongwe cinshi, mpora nd’umwizigirwa, nama ngirira imbabazi abantu ibihumbi n’ibihumbi, mparira ibigabitanyo n’ibicumuro n’ivyaha, ariko simperereza urubanza k’ūtarugira; mpōra abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku buzukuru no ku runganwe rwabo rugira gatatu no ku rugira kane”. Nufate akanya uzirikane kuri ayo majambo. Niwibaze uti: ‘Kamere imwimwe yose muri izo isobanura iki? Yehova yayigaragaje gute? Abacungezi bakirisu bashobora gute kugaragaza iyo kamere? Iyo kamere ishobora gute kugira ico ihinduye ku vyo umwe wese muri twebwe akora?’. Rimbura uburorero bumwebumwe.
16. Dushobora gute kurushiriza gutahura ikigongwe c’Imana, kandi ni kubera iki kugira ivyo ari ikintu gihambaye?
16 Yehova ni “Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu”, canke Imana y’ikigongwe n’ubugwaneza. Nimba ufise igitabu c’irabiro Étude perspicace des Écritures, ubona gute usomye ibivugwa munsi y’ahanditse ngo “Miséricorde” (Ikigongwe)? Canke nugire ubushakashatsi kuri iryo jambo ukoresheje igitabu Index des publications de la Société Watch Tower canke ya porogarama ya orodinateri yitwa Watchtower Library iri ku kadisiki kitwa CD-ROMa. Koresha igitabu gikoranirijwemwo amajambo akoreshwa muri Bibiliya (Concordance) kugira ngo utore ivyanditswe vyerekeza ku kigongwe. Uzobona yuko ikigongwe ca Yehova, turetse ivy’uko gituma igihano kigabanywa rimwe na rimwe, gishiramwo kandi n’imbabazi zuzuye ikibabarwe. Ikigongwe gituma Imana igira ico ikoze kugira ngo itabare abasavyi bayo. Ikimenyamenya c’ivyo, ni uko Imana yaronkeje Abisirayeli ivyo bakeneye mu buryo bw’umubiri no mu buryo bw’impwemu mu rugendo rugoye bagize bagana mu Gihugu c’Isezerano (Gusubira mu vyagezwe 1:30-33; 8:4). Yehova abigiranye ikigongwe yaraharira abantu igihe baba bakoze amakosa. Yaragiriye ikigongwe abasavyi biwe ba kera. Wumva none abasavyi biwe bo mu bihe vya none badakwiye kurushiriza kugiriranira imbabazi!—Matayo 9:13; 18:21-35.
17. Gutahura ubuntu bwa Yehova kwacu biremesha gute ugusenga kw’ukuri?
17 Ikigongwe ca Yehova kijana n’ubuntu. Wosigura gute ‘umunyabuntu’ canke ‘ubuntu’? Ivyo nubigereranye n’ivyanditswe bivuga yuko Yehova ari umunyabuntu. Bibiliya yerekana yuko ubuntu bwa Yehova burimwo ukwitwararikana urukundo aboro bo mu basavyi biwe (Kuvayo 22:26, 27). Mu gihugu ico ari co cose, abanyamahanga eka mbere n’abandi ushobora gusanga bigorewe. Igihe Yehova yariko yigisha abasavyi biwe kutagira nkunzi no kugirira ubuntu abantu nk’abo, yabibukije yuko na bo nyene bari barabaye abanyamahanga mu Misiri (Gusubira mu vyagezwe 24:17-22). Tuvuge iki ku bitwerekeye, twebwe abasavyi b’Imana bo muri iki gihe? Kugira ubuntu biradufasha kugiranira ubumwe no gukwegēra abandi ku gusenga Yehova.—Ivyakozwe 10:34, 35; Ivyahishuriwe 7:9, 10.
18. Twigira iki ku bintu Yehova yigishije Abisirayeli vyerekeye inzira z’abantu bo mu yandi mahanga?
18 Ariko rero, kwitwararikana ubuntu abantu bo mu yandi mahanga, ntivyategerezwa gusubirira urukundo Abisirayeli bakunda Yehova be n’ingingo mfatirwako yashinze zigenga ivyo kwigenza runtu. Ni co gituma Abisirayeli bigishwa kutigana inzira z’amahanga yari abakikije, kutigana imigenzo yabo ijanye n’ivyo gusenga, no kutigana ubuzima bwabo bwuzuyemwo ubuhumbu (Kuvayo 34:11-16; Gusubira mu vyagezwe 7:1-4). N’ivyo nyene biraturaba muri iki gihe. Dutegerezwa kuba abantu bera, nk’uko nyene Imana yacu Yehova ari iyera.—1 Petero 1:15, 16.
19. Gutahura ukuntu Yehova abona ikibi bishobora gute kurinda abasavyi biwe?
19 Kugira ngo Musa atahure inzira za Yehova, Yehova yaratomoye yuko naho atemera icaha, ari Imana iteba kuraka. Arareka hagaca igihe kugira ngo abantu bamenye ivyo asaba bongere babikurikize. Igihe abantu bigaye, Yehova arabaharira ivyaha bakoze, mugabo ntareka guhana abakwiye guhanwa igihe bakoze ibibi bikomakomeye. Yaburiye Musa yuko ivyo Abisirayeli bari gukora vyari kugira ingaruka nziza canke mbi ku mayaruka yari gukurikira. Gutahura no gukunda inzira za Yehova birashobora kurinda abasavyi b’Imana kuyegekako ibintu bo ubwabo bikwegeye, canke bikabarinda kwiyumvira ko ateba kugira ico akoze.
20. Ni ibiki vyodufasha gukorana neza n’abo dusangiye ukwizera be n’abo duhura mu busuku turangura (Zaburi 86:11)?
20 Nimba wipfuza kurushiriza kumenya Yehova n’inzira ziwe, nubandanye kugira ubushakashatsi no kuzirikana igihe usoma Bibiliya. Nusuzume witonze imice y’akaroruhore itari imwe ya kamere ya Yehova. Nurimbure ubijanisha n’isengesho ingene woshobora kwigana Imana ukongera ukarushiriza guhuza ubuzima bwawe n’umugambi wayo. Ivyo bizogufasha kwirinda ibintu vyoguteza ingorane, gukorana neza n’abo musangiye ukwizera, no gufasha abandi kumenya no gukunda Imana yacu nziza igitangaza.
[Utujambo tw’epfo]
a Vyose vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Wize iki?
• Ni kubera iki kwicisha bugufi vyari bihambaye kuri Musa, kandi ni kubera iki ari nkenerwa kuri twebwe?
• Ni iciza ikihe cavuye mu kuba Musa yarashikirije Farawo ijambo rya Yehova incuro n’izindi?
• Ni izihe ngingo ngenderwako zimwezimwe zihambaye Musa yigishijwe kandi natwe zituraba?
• Twokora iki kugira ngo turushirize gutahura kamere za Yehova?
[Ifoto ku rup. 21]
Musa yarashikirije Farawo ijambo rya Yehova adahemuka
[Ifoto ku rup. 23]
Yehova yarahishuriye Musa ivyo asaba abantu
[Ifoto ku rup. 24]
Nuzirikane kuri kamere za Yehova