Ijambo rya Yehova ni rizima
Ibikurubikuru vyo mu gitabu co Kuvayo
NI INKURU yabaye koko yerekeye uguhabuza abantu bacuranguzwa ‘bagacumukuzwa’ (Kuvayo 1:13). Vyongeye, ni inkuru ikora ku mutima yerekeye ivuka ry’ihanga. Ibitangaro vy’akumiza, icegeranyo c’amategeko c’akaroruhore be n’iyubakwa ry’itaberenakulo, ni bimwe mu bintu bihimbaye cane biri muri iyo nkuru. Ivyo ni vyo canecane biri mu gitabu ca Bibiliya co Kuvayo.
Ico gitabu co Kuvayo canditswe n’umumenyeshakazoza w’Umuheburayo yitwa Musa, cigana ivyashikiye Abisirayeli mu kiringo c’imyaka 145, ni ukuvuga kuva Yozefu apfuye mu 1657 B.G.C., gushika itaberenakulo irangiye kwubakwa mu 1512 B.G.C. Yamara rero, iyo nkuru ntiyigana gusa ivyabaye. Iri mu bigize ijambo ry’Imana canke ubutumwa Imana yarungikiye abantu. Ku bw’ivyo, ni ‘nzima kandi ifise ubukuba’ (Abaheburayo 4:12). Ico gitabu co Kuvayo gica rero kigira ico kivuga kuri twebwe.
“IMANA YUMVA AMABOROGO YABO”
Abakomoka kuri Yakobo baba mu Misiri bararondoka ningoga na ningoga ku buryo umwami ashinga ko bagirwa abaja. Mbere Farawo ategeka ko abana b’abahungu b’inzoya bose b’Abisirayeli bicwa. Akana k’amezi atatu kitwa Musa karacika kw’icumu, umukobwa wa Farawo akagafata nk’umwana wiwe. Naho Musa akurira i bwami, ashikanye imyaka 40 araja ku ruhande rw’ihanga akomokamwo, akica Umunyamisiri (Ivyakozwe 7:23, 24). Bibaye ngombwa ko ahunga, aja i Midiyani. Ari aho i Midiyani, arubaka urwiwe kandi abaho ari umwungere. Ku gisaka caka umuriro ku gitangaro, Yehova ashinga Musa ibanga ryo gusubira mu Misiri kugira ngo akure Abisirayeli mu buja barimwo. Mwenewabo Aroni aragenwa kugira ngo amubere umuvugizi.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
3:1—Yetiro yari umuherezi bwoko ki? Mu gihe ca basokuruza, umutwe w’umuryango ni we yawubera umuherezi. Biboneka ko Yetiro yari sekuruza w’umwe mu miryango y’Abamidiyani, akaba n’umutwe wawo. Kubera ko Abamidiyani bakomoka kuri Aburahamu biciye kuri Ketura, kumbure boba bari bazi ivyerekeye ugusenga Yehova.—Itanguriro 25:1, 2.
4:11—Ni mu buryo ubuhe Yehova ‘atera uburagi, ubupfamatwi canke agahumisha umuntu’? Naho hari igihe Yehova yateje uruhumyi be n’uburagi, igihe cose umuntu ashikiwe n’ubwo bumuga si Yehova aba yabiteye (Itanguriro 19:11; Luka 1:20-22, 62-64). Ivyo biterwa n’icaha twarazwe (Yobu 14:4; Abaroma 5:12). Ariko rero, kubera ko Imana yaretse ivyo bintu bigashika, yarashoboye kwivuga ko ari yo ‘itera’ uburagi, ubupfamatwi be n’uruhumyi.
4:16—Ni mu buryo ki Musa ‘yabereye nk’Imana’ Aroni? Musa yaserukira Imana. Ku bw’ivyo, Musa yarabereye “nk’Imana” Aroni, Aroni na we akaba yari umuvugizi aserukira Musa.
Ivyigwa tuhigira:
1:7, 14. Yehova yarafashe mu mugongo abasavyi biwe igihe bariko baracurwa bufuni na buhoro mu Misiri. Muri ubwo buryo nyene, arabungabunga Ivyabona vyiwe bo muri kino gihe mbere no mu gihe c’uruhamo rukaze.
1:17-21. Yehova aratwibuka kubera “ivyiza” dukora.—Nehemiya 13:31.
3:7-10. Yehova ntiyirengagiza ugutaka kw’abasavyi biwe.
3:14. Nta kabuza Yehova arashitsa imigambi yiwe. Ku bw’ivyo rero, twokwizigira tudakeka ko azoshitsa ivyizigiro vyacu bishingiye kuri Bibiliya.
4:10, 13. Musa yarerekanye ko abuze ukwizigira mu bijanye n’ubushobozi bwiwe bwo kuvuga ku buryo, n’igihe nyene yakurwa amazinda ko ashigikiwe n’Imana, yasavye ashimitse ko Imana yorungika uwundi muntu ngo abe ari we avugana na Farawo. Yamara, Yehova yakoresheje Musa kandi aramuha ubukerebutsi be n’inkomezi bikenewe kugira ngo arangure igikorwa yari yashinzwe. Aho kwitwaza utuntu tutunanira, nimuze twiheke kuri Yehova maze tudahemuka dushitse ibanga twajejwe ryo kwamamaza no kwigisha.—Matayo 24:14; 28:19, 20.
IBITANGARO VY’AKUMIZA BITUMA HABA UGUHABUZWA
Musa na Aroni bararenguka imbere ya Farawo, bagasaba ko Abisirayeli bohabwa uruhusha rwo kuja guhimbariza Yehova umusi mukuru mu bugaragwa. Uwo mutegetsi wa Misiri aravyanka n’akagagazo n’akantu. Yehova arakoresha Musa mu guteza ivyago bikomeye bikurakuranwa. Farawo aja kurekura Abisirayeli ari uko icago kigira cumi kimaze gutera. Ariko rero, bidatevye Farawo n’ingabo ziwe baboma inyuma. Mugabo Yehova aracira icanzo abasavyi biwe mu Kiyaga Gitukura, akabarokora. Abo Banyamisiri babakurikiye barasoma nturi igihe ikiyaga kibarengera.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
6:3—Ni mu buryo ki izina ry’Imana ritamenyeshejwe Aburahamu, Isaka na Yakobo? Abo basekuruza b’imiryango barakoresheje izina ry’Imana vyongeye Yehova arabaha imihango. Yamara, ntibiboneye ingene Yehova ari we atuma iyo mihango iranguka.—Itanguriro 12:1, 2; 15:7, 13-16; 26:24; 28:10-15.
7:1—Musa yagizwe gute “nk’Imana kuri Farawo”? Musa yarahawe kugira kuri Farawo ububasha be n’ubukuru biva ku Mana. Ni co gituma ata mvo n’imwe yari afise yo gutinya uwo mwami.
7:22—Abanyamareba b’Abanyamisiri bakuye hehe amazi atahinduwe amaraso? Bashobora kuba bakoresheje amazi yari yavomwe mu Ruzi Nili imbere y’uko ico cago gitera. Bisa n’uko amazi atahinduwe amaraso umuntu yashobora kandi kuyaronka mu kwimba amariba mw’isi ibomvye yo mu micungararo y’Uruzi Nili.—Kuvayo 7:24.
8:26, 27—Ni kubera iki Musa yavuze yuko ibimazi vya Isirayeli vyobaye ‘umuziro ku Banyamisiri’? Ibikoko bitari bimwe vyarasengwa mu Misiri. Ku bw’ivyo rero, ukuba Musa yaracishijemwo ivyo gutanga ibimazi igihe yashimika asaba yuko Isirayeli ikwiye kurekwa ikagenda gushikanira Yehova ibimazi, vyaratumye ivyo asaba birushiriza kugira inguvu no kujijura.
12:29—Ni bande bafatwa ko ari imfura? Izo mfura zari zigizwe n’abana b’abahungu gusa (Guharūra 3:40-51). Farawo ubwiwe ntiyishwe kandi yari imfura. Yari serugo. Muri ca cago kigira cumi, serugo ntiyapfa ariko hapfa umuhungu w’imfura wo mu rugo.
12:40—Abisirayeli bacumbitse mu gihugu ca Misiri igihe kingana iki? Imyaka 430 ivugwa ngaha irimwo igihe Abisirayeli bamaze “mu gihugu ca Egiputa be no mu gihugu c’i Kanani” (akajambo k’epfo muri NW). Aburahamu, afise imyaka 75, yajabutse Uruzi Efurate mu 1943 B.G.C ariko aja i Kanani (Itanguriro 12:4). Kuva ico gihe gushika Yakobo aje mu Misiri afise imyaka 130, haciye imyaka 215 (Itanguriro 21:5; 25:26; 47:9). Ivyo bica bisobanura yuko Abisirayeli mu nyuma bamaze ikiringo c’imyaka 215 mu Misiri.
15:8—Igihe bivugwa ngo ibwina mu Kiyaga Gitukura “haravura”, vyoba bisobanura ko amazi yakonje gushika n’aho acika nk’ikibuye? Irivuga ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “haravura” risobanura kwikonganya canke kuvura. Muri Yobu 10:10, iyo mvugo ikoreshwa ku bijanye n’amata y’urubu. Ni co gituma ibivugwa ngo “haravura” atari ngombwa ngo bibe bisobanura ko amazi yakonje gushika n’aho acika nk’ikibuye, ikibarafu. Iyaba “umuyaga mwinshi uvuye i burasirazuba” uvugwa muri Kuvayo 14:21 wari ukanye cane ku buryo utuma amazi akonja gushika n’aho acika nk’ikibuye, nta nkeka ko hatari kubura ahantu havuga ko hari hakonje birenze. Kubera ko ata kintu kiboneka cari gitangiriye amazi, wamengo yacitse nk’ikibuye.
Ivyigwa tuhigira:
7:14–12:30. Vya Vyago Cumi ntivyapfuye kwiyadukiza. Vyari vyarabuwe kandi vyashitse neza na neza nk’uko vyari vyarashinzwe. Ese ukuntu kuba Umuremyi yaratumye bishika, vyerekana ko afise ubushobozi ku mazi, ku muco w’izuba, ku dukoko dutoduto, ku bikoko bininibinini be no ku bantu! Ivyo vyago vyerekana kandi ko Imana itajaniranya, ko ishobora guteza amakuba abansi bayo muri ico gihe nyene igakingira abasavyi bayo.
11:2; 12:36. Yehova arahezagira abasavyi biwe. Yaritwararitse ko Abisirayeli ico gihe baronka impera y’ibikorwa bari barakoreye mu Misiri. Bari binjiye muri ico gihugu ari abantu bidegemvya, ntibari bajanywe ari inyagano zigenewe kugirwa abaja.
14:30. Turashobora kwizigira ko Yehova azorokora abamusenga mu gihe ca ya “marushwa ahambaye” yimirije.—Matayo 24:20-22; Ivyahishuriwe 7:9, 14.
YEHOVA ATUNGANYA IHANGA RYA GITEWOKARASI
Haraheze amezi atatu Abisirayeli babohojwe mu Misiri, none bacumbitse ku mucamo w’Umusozi wa Sinayi. Aho kuri uwo musozi, barahabwa ya Mabwirizwa Cumi be n’ayandi mategeko, bakinjira mw’isezerano bagirana na Yehova maze bagacika ihanga rya gitewokarasi. Musa amara imisi 40 kuri uwo musozi ariko arahabwa amabwirizwa yerekeye ugusenga kw’ukuri n’ayerekeye iyubakwa ry’itaberenakulo ya Yehova, rukaba ari urusengero bashobora kuza barimukana. Bakimurindiriye, Abisirayeli bicurira imasa y’inzahabu vyongeye barayisenga. Musa ariko aramanuka uwo musozi, arabona ivyo bariko barakora maze akaraka cane gushika n’aho akubita hasi vya bisate bibiri vy’amabuye yahabwa n’Imana. Abakoze ico kibi bamaze kuronka igihano bakwiriye, arongera kuduga uwo musozi agahabwa ibindi bisate bibiri. Musa akigaruka, iyubakwa ry’itaberenakulo riratangura. Abisirayeli bamaze umwaka wa mbere babohojwe, iryo hema ryiza igitangaza hamwe n’ibikoresho vyaryo vyose birarangira guhingurwa no gushingwa. Hanyuma Yehova aryuzuzamwo ubwiza bwiwe.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
20:5—Bigenda gute ngo Yehova ‘ahore abana ibigabitanyo vya ba se’ gushika ku maruka akurikira? Umuntu wese amaze kugera mu bigero, acirwa urubanza hisunzwe ibikorwa vyiwe bwite be n’agatima agaragaza. Mugabo, ihanga rya Isirayeli rihindukiriye ugusenga ibigirwamana, ivyo vyaragira ingaruka ku maruka akurikira. Mbere n’Abisirayeli b’intahemuka vyarabagirako ingaruka mu buryo bw’uko igihe iryo hanga rihunye mu bijanye n’ugusenga, vyabagora kuguma mu ngendo yo kutadohoka.
23:19; 34:26—Ibwirizwa ryo kudatekesha umwagazi w’igitungwa amata ya nyina wawo ryasobanura iki? Guteka umwagazi (umwagazi w’impene canke w’ikindi gitungwa) mu mata ya nyina wawo, bivugwa yuko wari umugenzo wagirwa n’abapagani bibaza ko utuma imvura igwa. Vyongeye, kubera ko amata ya nyina w’umwagazi agenewe kuwugaburira, kuwuteka mu mata ya nyina wawo coba ari igikorwa kiranga ububisha. Iryo tegeko ryarafashije mu vyo kwereka abasavyi b’Imana ko bakwiye kuba abanyempuhwe.
23:20-23—Umumarayika avugwa ngaha yari nde, kandi ni mu buryo ki izina rya Yehova ryari “muri we”? Biboneka ko uwo mumarayika yari Yezu imbere y’uko aba umuntu nkatwe. Yarakoreshejwe mu kuyobora Abisirayeli igihe bariko baja mu Gihugu c’Isezerano (1 Ab’i Korinto 10:1-4). Izina rya Yehova riri “muri we” mu buryo bw’uko Yezu ari we muntu nyamukuru ashigikira izina rya Se akongera akaryeza.
32:1-8, 25-35—Ni kubera iki Aroni atahaniwe kuba yaracuze ya masa y’inzahabu? Aroni ntiyashigikiye bivuye ku mutima ico gikorwa co gusenga ibigirwamana. Mu nyuma, biribonekeza yuko yifatanije n’Abalewi bagenziwe mu kuja ku ruhande rw’Imana no mu kurwanya abarwanya Musa. Abacumuzi bamaze kwicwa, Musa yaribukije abantu ko bacumuye cane, ivyo bikerekana yuko uretse Aroni hariho n’abandi Yehova yagiriye ikigongwe.
33:11, 20—Imana yaganiriye gute na Musa “imbonankubone”? Iyo mvugo yerekana ikiyago c’abakundana baseruranira akari ku mutima. Musa yaganira n’umuserukizi w’Imana maze agahabwa ku munwa amabwirizwa avuye kwa Yehova biciye kuri uwo muserukizi. Ariko, Musa ntiyabonye Yehova, kubera ko ‘ata muntu yoraba Imana maze ngo abeho’. Si ivyimbeshere, Yehova si we ubwiwe yaganiriye na Musa. Mu Bagalati 3:19 (UB) havuga yuko Ivyagezwe ‘vyatangajwe n’abamarayika biciye mu minwe y’umukandizi’.
Ivyigwa tuhigira:
15:25; 16:12. Yehova araronsa abasavyi biwe ivyo bakeneye.
18:21. Abagabo batorwa ngo bashingwe amabanga mw’ishengero rya gikirisu bategerezwa kuba babishoboye, batinya Imana, ari abizigirwa kandi batikunda.
20:1–23:33. Yehova ni we Mutanzi ruheta w’amategeko. Igihe Abisirayeli bakurikiza amategeko yiwe, vyatuma bamusenga mu buryo burimwo urutonde kandi buhimbaye. Yehova arafise ishirahamwe rya gitewokarasi muri kino gihe. Gukorana neza na ryo bituma tugira agahimbare n’itekane.
Insobanuro nyakuri kuri twebwe
Igitabu co Kuvayo gihishura iki ku vyerekeye Yehova? Cerekana yuko ari Umutanzi munyarukundo, Umurokozi ntangere be n’Uwushitsa imigambi yiwe. Ni Imana itunganya ibintu mu buryo bwa gitewokarasi.
Uko usoma igice ca Bibiliya c’umushamvu mu kwitegurira Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, nta nkeka yuko uzokorwa ku mutima n’ivyo wigira ku gitabu co Kuvayo. Urimbuye ibivugwa mu gihimba kivuga ngo “Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe” bizogufasha kurushiriza gutahura imwimwe mu mirongo yo mu Vyanditswe. Insasanuro zashikirijwe ahavuga ngo “Ivyigwa tuhigira” zizokwereka ukuntu ushobora kwungukira ku gusoma Bibiliya kw’umushamvu.
[Ifoto ku rup. 24, 25]
Yehova yashinze wa mugabo w’umugwaneza Musa ibanga ryo kuja kuyobora Abisirayeli akabakura mu buja
[Ifoto ku rup. 25]
Vya Vyago Cumi vyarerekanye ko Umuremyi afise ubushobozi ku mazi, ku muco w’izuba, ku dukoko dutoduto, ku bikoko bininibinini no ku bantu
[Ifoto ku rup. 26, 27]
Biciye kuri Musa, Yehova yaratunganije Abisirayeli abagira ihanga rya gitewokarasi