ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 31
  • Musa na Aroni kwa Farawo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Musa na Aroni kwa Farawo
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Ibihano bitatu vya mbere
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ibindi bihano bitandatu
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Imana irokora Abisirayeli
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Musa yahisemwo gukorera Yehova
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 31

INKURU YA 31

Musa na Aroni kwa Farawo

AHO Musa ashikiye mu Misiri, yigānira Aroni mwenewabo vya bitangaza vyose. Musa na Aroni bakora ivyo bitangaza, Abisirayeli baca barēmera ko Yehova ari kumwe na bo.

Bahejeje baja kwa Farawo bamubwira bati: ‘Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: ‘Rekura abantu banje bagende, bamare imisi itatu bansengera mu bugararwa.” ’ Farawo abishura ati: ‘Yehova jewe sindamuzi, kandi ntabo ngenda ndekuye.’

Farawo yashavujwe n’uko abantu basavye akaruhuko ngo baje gusenga Yehova. Aca abatunira ku bikorwa kurusha uko yahora. Abisirayeli batuka Musa kubera ko bamerewe nabi cane, Musa biramubabaza. Yehova amubwira ngo ntababare. Ati ‘nzotuma Farawo arungika abantu banje.’

Musa na Aroni basubira kwa Farawo, bakorerayo igitangaro. Aroni ata hasi inkoni yiwe, ihinduka inzoka nini. Abapfumu ba Farawo na bo bata inkoni hasi, na zo nyene zihinduka inzoka. Ariko rāba! Iyo kwa Aroni iriko iramira iz’abo bapfumu! N’aho nyene Farawo yaranse kurekura Abisirayeli.

Igihe c’uko Yehova yereka Farawo ububasha bwiwe cari kigeze. Urazi uko yabigenjeje? Yatumye ibihano cumi mu Misiri.

Amaze gutuma ibitari bike, Farawo atumako Musa amubwira ati: ‘Kuraho iki gihano, nanje nca ndabareka bagende.’ Ca gihano giheze, aca asubira kwanka. Ntiyabaretse ngo bagende. Munyuma igihano kigira cumi giheze, aca arabirukana.

Urazi ibihano Imana yabahaye ivyo ari vyo? Zingurura urupapuro tubirabe.

Kuvayo 4:27-31; 5:1-23; 6:1-13, 26-30; 7:1-13.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika