ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 20 rup. 52-rup. 53 ing. 3
  • Ibindi bihano bitandatu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibindi bihano bitandatu
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Ibihano bitatu vya mbere
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Musa na Aroni kwa Farawo
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • ‘Yehova ampindukira agakiza’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Musa yahisemwo gukorera Yehova
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 20 rup. 52-rup. 53 ing. 3
Igitero c’inzige

ICIGWA CA 20

Ibindi bihano bitandatu

Musa na Aroni baragiye kubwira Farawo ivyo Imana ibatumye, bati: ‘Utarekuye abantu banje, nzoteza ibibugu mu gihugu.’ Ibibugu vyaciye vyuzura mu mazu yose y’Abanyamisiri, abakene n’abatunzi. Igihugu cose cari cuzuye ibibugu. Ariko mu ntara ya Gosheni aho Abisirayeli baba nta bibugu vyariyo. Kuva kuri ico gihano ca kane, ibihano vyakurikiye vyashikira Abanyamisiri gusa. Farawo yaratakambiye Musa ati: ‘Saba Yehova adukureko ibi bibugu, Abisirayeli baca bagenda.’ Ariko Yehova amaze gukuraho nya bibugu, Farawo yaciye asubira kwanka. None Farawo yari guteba akemera kubarekura?

Yehova yavuze ati: ‘Farawo natarekura abantu banje, ibitungwa vyose vy’Abanyamisiri bizogwara hanyuma bipfe.’ Bukeye, ibitungwa vyaciye bitangura gupfa. Ariko ibitungwa vy’Abisirayeli ntivyapfuye. N’ico gihe Farawo yaranse kubarekura.

Yehova yaciye abwira Musa ngo asubire kwa Farawo maze aterere iminyota mu kirere. Nya minyota yaciye ihinduka umukungugu maze uja ku Banyamisiri bose. Uwo mukungugu waciye utuma Abanyamisiri bose n’ibitungwa vyabo bagwara ibihute bibabaza. N’ico gihe nyene, Farawo yaranse kurekura Abisirayeli.

Igihano ca 4 gushika ku ca 6: ibibugu, icago cashikiye ibitungwa, ibihute

Yehova yarasubiye kurungika Musa kwa Farawo ngo amubwire ati: ‘N’ubu nturemera kurungika abantu banje? Ejo hazogwa urubura mu gihugu.’ Bukeye, Yehova yararungitse urubura, imituragaro n’umuriro. Ntihari bwigere haba igihuhusi nk’ico mu Misiri. Ibiti n’ibitegwa vyose vyarononekaye, kiretse ivyo mu ntara ya Gosheni. Farawo yaciye avuga ati: ‘Takambira Yehova ahagarike ibi bintu! Muzoheza mugende.’ Ariko nya rubura rukimara guhera, Farawo yaciye ahindura.

Musa yaciye amubwira ati: ‘Ubu rero inzige zizorya ibiterwa vyose vyasigajwe na rwa rubura.’ Inzige nyinshi cane zarariye ibintu vyose vyari bisigaye mu mirima no ku biti. Farawo yasavye Musa ati: ‘Takambira Yehova akureho izi nzige.’ Ariko n’igihe Yehova yakuraho izo nzige, Farawo yagumye yanka kurekura Abisirayeli.

Yehova yabwiye Musa ati: ‘Ramvura ukuboko kwawe ukwerekeza mw’ijuru.’ Ubwo nyene haciye haba umwiza w’umuzitanya. Abanyamisiri bamaze imisi itatu badashobora kubona ikintu na kimwe canke umuntu n’umwe. Mu mazu y’Abisirayeli ni ho gusa habona.

Igihano ca 7 gushika ku ca 9: urubura, inzige, umwiza

Farawo yaciye abwira Musa ati: ‘Ubu murashobora kugenda. Ariko ibitungwa vyanyu mubisige.’ Musa yamwishuye ati: ‘Dutegerezwa gutwara ibitungwa vyacu kuko ari vyo tuzoshikanira Imana yacu.’ Farawo yaciye ashavura cane, aca aramukankamira ati: ‘Mva mu maso! Ninasubira kukubona nzoca ndakwica.’

«Muzokwongera kubona ubudasa buri hagati y’umugororotsi n’umubisha, hagati y’uwukorera Imana n’uwutayikorera.»​—Malaki 3:18

Ibibazo: Ni ibihano bitandatu ibihe bivugwa muri iyi nkuru? Vyari bitandukaniye he n’ibihano bitatu vya mbere?

Kuvayo 8:20–10:29

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika