Kuvayo
8 Maze Yehova abwira Musa ati: «Genda kwa Farawo umubwire uti: “Yehova avuze ati: ‘Rekura abantu banje kugira baje kunsenga*+. 2 Ukaguma wanka kubarekura, igihugu cawe cose nzogiteza ikiza c’ibikere+. 3 Uruzi Nili ruzokwuzuramwo ibikere. Bizova mu ruzi vyinjire mu nzu yawe no mu cumba cawe, biduge no ku gitanda cawe. Bizokwinjira mu mazu y’abasuku bawe, bije ku bantu bawe, mu mafuru yawe n’ibikono vyawe bacumbiramwo imikate+. 4 Ibikere bizokwurirako, vyurire ku bantu bawe no ku basuku bawe bose.’”»
5 Mu nyuma Yehova abwira Musa ati: «Bwira Aroni uti: “Fata ya nkoni yawe hanyuma uramvurire ukuboko hejuru y’inzuzi, imigende y’uruzi Nili n’ibidengeri vy’amazi, kugira ibikere biduge bitere igihugu ca Misiri.”» 6 Aroni aca aramvurira ukuboko hejuru y’amazi ya Misiri, ibikere bica bitangura kuduga, vyuzura igihugu ca Misiri. 7 Ariko ba baherezi bakora ivy’amageza baca bagira nk’ivyo nyene bakoresheje ubuhinga bwabo busiga ubwenge. Na bo nyene batuma ibikere biduga mu gihugu ca Misiri+. 8 Farawo aca ahamagara Musa na Aroni, ababwira ati: «Nimwinginge Yehova adukureko ibi bikere twe n’abantu banje+, kuko ngira ndekure abantu banyu kugira baje gushikanira ibimazi Yehova.» 9 Musa abwira Farawo ati: «Mbwira rero umusi notakambira Imana kugira igukureko ivyo bikere mwe n’abasuku bawe n’abantu bawe, be no mu mazu yanyu. Bizosigara mu ruzi Nili gusa.» 10 Farawo amwishura ati: «Ejo.» Musa aca avuga ati: «Bizoba nk’uko ubivuze, kugira umenye ko ata muntu ariho angana na Yehova Imana yacu+. 11 Ibikere bizoja kure yawe, bive mu mazu yawe, ku basuku bawe no ku bantu bawe. Bizosigara mu ruzi Nili gusa+.»
12 Musa na Aroni baca bava kwa Farawo, maze Musa atakambira Yehova kugira akureho ibikere yari yateje Farawo+. 13 Yehova aca akora ivyo Musa amusavye, ibikere bitangura gupfira mu mazu, ku mbuga no mu gahinga. 14 Baraheza begeranya ivyo bikere, bivamwo ibirundo vyinshi cane. Igihugu gica gitangura kunuka. 15 Farawo abonye ko habaye agahengwe, aca akomantaza umutima wiwe+, yanka kwumviriza Musa na Aroni nk’uko Yehova yari yabivuze.
16 Yehova rero abwira Musa ati: «Barira Aroni uti: “Fata inkoni yawe ukubite umukungugu wo hasi, na wo uca uhinduka imibu mu gihugu cose ca Misiri.”» 17 Baca bagira gutyo nyene. Aroni aduza ya nkoni yiwe ayikubita umukungugu wo hasi, imibu ica ija ku bantu no ku bikoko. Umukungugu wose wo hasi uca uhinduka imibu mu gihugu cose ca Misiri+. 18 Ba baherezi bakora ivy’amageza bagerageza kugira nk’ivyo nyene, barondera kuzana imibu bakoresheje ubuhinga bwabo busiga ubwenge+, ariko birabananira. Iyo mibu iguma ku bantu no ku bikoko. 19 Abo baherezi bakora ivy’amageza baca babwira Farawo bati: «Ni urutoke rw’Imana+!» Ariko Farawo abandanya gukomantaza umutima wiwe, ntiyabumviriza nk’uko Yehova yari yabivuze.
20 Yehova aca abwira Musa ati: «Uzozinduke kare mu gitondo uje guhura na Farawo igihe azoba amanutse ku ruzi Nili, maze umubwire uti: “Yehova avuze ati: ‘Rekura abantu banje kugira baje kunsenga*. 21 Nutabarekura, nzoguteza ibibugu* mwe n’abasuku bawe n’abantu bawe, kandi bizokwinjira no mu mazu yawe. Amazu y’Abanyamisiri azokwuzuramwo ibibugu, vyuzure n’aho bazoba bahagaze hose. 22 Kuri uwo musi, intara ya Gosheni abantu banje babamwo nzoyitandukanya n’ahandi. Nta kibugu kizobonekayo+. Uzoca umenya ko jewe Yehova ndi aha muri iki gihugu+. 23 Nzoshiraho itandukaniro hagati y’abantu banje n’abantu bawe, kandi ivyo uzobibona ejo aho bukera.’”»
24 Yehova aca abigenza ukwo nyene. Imigwi mininiminini y’ibibugu itangura gushwara mu nzu ya Farawo, mu mazu y’abasuku biwe no mu gihugu cose ca Misiri+. Igihugu kirayogera kubera ivyo bibugu+. 25 Amaherezo, Farawo ahamagara Musa na Aroni, ababwira ati: «Genda mushikanire ibimazi Imana yanyu aha mu gihugu.» 26 Musa amwishura ati: «Ntitwokwubahuka gukora ico kintu, kuko twohava dushikanira Yehova Imana yacu ibimazi bisesema Abanyamisiri+. Hamwe twoshikana ibimazi bibasesema kandi tukabigirira imbere yabo, ntibohava batwicisha amabuye? 27 Tuzogira urugendo rw’imisi itatu mu gahinga, duheze dushikanire ibimazi Yehova Imana yacu nk’uko yabitubwiye+.»
28 Farawo aca avuga ati: «Nzobareka muje mu gahinga gushikanira ibimazi Yehova Imana yanyu, ariko ntimuzoje kure cane. Nimunsabire Imana yanyu inkurireho+ ibi bibugu.» 29 Musa amwishura ati: «Ehe ndagiye kandi ndaza kwinginga Yehova. Ejo ibibugu bizova kuri Farawo, ku basuku biwe no ku bantu biwe. Mugabo Farawo ntasubire kuduhenda* ngo ararungika abantu gushikanira ibimazi Yehova Imana ariko ntabigire+.» 30 Musa aca ava kwa Farawo, araheza yinginga Yehova+. 31 Yehova aca akora ivyo Musa amusavye, vya bibugu bica biva kuri Farawo, ku basuku biwe no ku bantu biwe. Nta na kimwe casigaye. 32 Ariko Farawo yongera gukomantaza umutima wiwe, ntiyarekura Abisirayeli.