‘Igikwiye ni ukwumvira Imana kuyirutisha abantu’
‘Yehova ampindukira agakiza’
ICO gihe, abasavyi ba Yehova babwirizwa guhitamwo uwo bokwumviye. Boba bokwumviye wa mutegetsi w’umubisha wa Misiri ha kera, canke bokwumviye Yehova Imana, bakava muri ico gihugu c’ubuja bakaja kwegukira Igihugu c’Isezerano?
Kubera ko umwe Farawo wo mu Misiri yanse n’akagagazo n’akantu kurekura abasavyi ba Yehova, Imana yarateje ico gihugu vya Vyago Cumi. Ese ukuntu ivyo vyagaragaje ububasha bukomeye ifise! Imana z’Abanyamisiri nta co zashoboye gukora ngo zibuze ivyo vyago gushika.
Igihe Farawo yabwirwa kurekura abasavyi b’Imana ngo bagende, yavuze n’akagaye n’akantu ati: “[“Yehova”, NW] ni nde, ngo ndamwumvire, ndekure Abisirayeli? [“Yehova”, NW] sindamuzi, kandi sindekura Abisirayeli” (Kuvayo 5:2). Ivyo vyatumye igihugu ca Misiri gishikirwa n’ibi vyago: (1) amazi yarahindutse amaraso, (2) harateye ibikere, (3) harateye imibu, (4) harateye ibibugu, (5) icago carateye ibitungano, (6) harateye ibihute ku bantu no ku bikoko, (7) haraguye urubura, (8) harateye inzige, (9) harabaye umwiza, (10) imfura zo mu Misiri zarishwe, ushizemwo n’umuhungu wa Farawo. Amaherezo, Farawo yararetse abo Baheburayo baragenda. Washima, yaranabahatiye kugenda!—Kuvayo 12:31, 32.
Abagabo, abagore n’abana b’Abisirayeli hamwe n’igugu ry’ikivange c’abanyamahanga, bose hamwe bakaba bari abantu hafi imiliyoni zitatu, baciye bagenda batiriwe baratebagana (Kuvayo 12:37, 38). Ariko ata n’akanya kahaciye, Farawo yaciye aboma inyuma ari kumwe n’ingabo ziwe ziteye ubwoba. Abisirayeli basa n’abugarijwe n’Ikiyaga Gitukura, ubugaragwa burimwo akaga be n’ingabo za Farawo. Yamara, Musa yabwiye abantu ati: “Nta co mutinya: mwihagararire gusa, murābe agakiza [k’]Uhoraho”.—Kuvayo 14:8-14.
Yehova yarakoze igitangaro, agaburamwo kubiri amazi y’Ikiyaga Gitukura kugira ngo Abisirayeli bashobore gukira. Ariko Abanyamisiri bagize ngo barakurikira Abisirayeli, Imana yaciye ituma amazi asubira guterana. “Imikogote ya Farawo n’ingabo ziwe [Yehova] yabinuze mu kiyaga” (Kuvayo 14:26-28; 15:4). Kwanka kwubaha Yehova vyashikanye umwe Farawo w’umunyabwishime kw’iherezo ry’agahomerabunwa.
Ku Kiyaga Gitukura, Yehova yarerekanye ko ari “intōre mu ntambara” (Kuvayo 15:3). Iyo nkuru yahumetswe ivuga iti: “Nukw Abisirayeli babona ibihambaye Uhoraho yakoreye Abanyegiputa: baca batinya Uhoraho, baramwizera” (Kuvayo 14:31; Zaburi 136:10-15). Abo Bisirayeli barakuriye ubwatsi Imana bimwe bivuye ku mutima: abagabo barahurije amajwi hamwe na Musa mu kuririmba ururirimbo rw’intsinzi, mushikiwe Miriyamu na we aja imbere abagore mu kuvyinaa.
Yehova aracari Umurokozi
Ico gikorwa c’igitangaza Imana yakoze co kurokora kirashobora kwigisha abasavyi ba Yehova bo mu gihe ca none ivyigwa bikomeza ukwizera. Icigwa kimwe, ni uko Yehova afise ububasha butagira aho bugarukira be n’uko ashobora gufata mu mugongo abasavyi biwe bimwe vyuzuye. Mu ruririmbo rw’intsinzi Musa n’Abisirayeli baririmvye, bavuze bigina intsinzi bati: “Ukuboko kwawe kw’i buryo, ewe Uhoraho w’icubahiro kivuye mu bubasha, ukuboko kwawe kw’i buryo, ewe Uhoraho, kujanjaguye abamenja”.—Kuvayo 15:6.
Ikindi cigwa abasavyi ba Yehova bahigira, ni uko Mushoboravyose yipfuza rwose kubakingira. Abisirayeli baririmvye bati: “Uhoraho n’inkomezi zanje n’indirimbo yanje, ampindukiye agakiza. Uwo ni we Mana yanje, nanje ndamuhimbaza”. N’ikindi cigwa abasavyi b’Imana bahigira, ni uko ata n’umwe ashobora kurwanya igomba rya Yehova Imana ngo atsinde. Abasavyi b’Imana bari barokotse baririmvye bigina intsinzi bati: “Uhoraho, mu vyitwa imana n’iyihe ihwanye nawe? N’iyihe ihwanye nawe, wewe w’icubahiro kivuye mu kwera, wewe uteye ubgoba kubg’ibihambaye ukora, wewe ukora ibitangaza?”.—Kuvayo 15:2, 11.
Nka kumwe kwa Farawo wo mu Misiri ha kera, abategetsi bo mw’isi ya kino gihe barahama abasavyi ba Yehova. Indongozi zifise ubwibone zoshobora ‘kuvuga amajambo y’agatituro kuri Musumbavyose kandi zigacobogoza abera biwe’ (Daniyeli 7:25; 11:36). Yamara, Yehova asubiriza umutima mu nda abasavyi biwe ati: “Nta co kurwanisha bācuriye kukurwanya kizogira ico kimara; kand’ururimi rwose ruzoguhagurukira kukubūranya, uzorutsinda. Ivyo ni vyo mwandu w’abasavyi banje, jewe Uhoraho”.—Yesaya 54:17.
Abarwanya igomba ry’Imana nta co bazoshikako, nka kumwe nyene Farawo n’ingabo ziwe ata co bashitseko. Ibikorwa Yehova yakoze vyo kurokora, nka kimwe yakora mu gukura Abisirayeli mu Misiri, birerekana neza yuko bibereye ko dukurikiza ya ngingo ngenderwako intumwa za Yezu zavuze igira iti: ‘Igikwiye ni ukwumvira Imana kuyirutisha abantu’.—Ivyakozwe n’intumwa 5:29.
[Akajambo k’epfo]
a Raba Calendrier des Témoins de Jéhovah 2006, janvier-février.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 9]
WARI UBIZI?
• Yehova yaratumye umuyaga ukomeye uhuhuta ijoro ryose kugira ngo Abisirayeli bashobore kujabuka Ikiyaga Gitukura nk’abaca i musozi.—Kuvayo 14:21, 22.
• Biboneka ko vyasavye inzira ica mu mazi y’ubwaguke bungana n’ikilometero kimwe n’inusu canke burenga kugira Abisirayeli amamiliyoni bashobore guca mu Kiyaga Gitukura mu mwanya mutoyi ukuraho.
[Ifoto ku rup. 9]
Imana za Misiri ntizashoboye guhagarika vya Vyago Cumi Yehova yateza
[Abo dukesha ifoto]
Udushushanyo twose uko ari dutatu: Ifoto yafashwe bitangiwe uburenganzira na British Museum