“Hagarare mushikamye, mubone ubukiriro bwa Yehova”
“Uhoraho ari mu ruhande rwanje, sinzotinya: non’umuntu yoshobora kungira iki?”.—ZABURI 118:6.
1. Ni ibintu bikomeye ibihe umuryango w’abantu wimirije guhangana na vyo?
MURI kino gihe, umuryango w’abantu wimirije guhangana n’ibintu bikomeye ku rugero utari bwigere ubona. Igihe Yezu yariko aravuga ivyo bintu vyobaye muri kino gihe, yaburiye abayoboke biwe ati: “Hazoba amakuba akomeye atigeze kubaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu, oya, kandi atazokwongera kubaho. Nkako, iyo misi iyaba itogeruwe, nta gifise umubiri cokize; mugabo ku bw’abatowe, iyo misi izogerurwa”.—Matayo 24:21, 22.
2. Ni bande bagitangiriye ya makuba akomeye?
2 Muri kino gihe abamarayika baracatangiriye ayo makuba akomeye naho abantu batababona. Mu vyo intumwa Yohani yahishuriwe na Yezu, yaratewe agateka ko kwerekwa igituma ayo makuba agitangiriwe. Iyo ntumwa yari igeze mu zabukuru ibidondora muri aya majambo agira ati: “Mbona abamarayika bane bahagaze ku mfuruka zine z’isi, bafashe bagumije ya miyaga ine y’isi. . . . Maze mbona uwundi mumarayika aduga ava iburasirazuba, afise ikidodo c’Imana nzima; maze asemerera n’ijwi rirenga abwira ba bamarayika bane . . . ati: ‘Ntihagire ico mugira isi canke ikiyaga canke ibiti, gushika tumaze kudoma ikidodo ku bashumba b’Imana yacu mu ruhanga rwabo’”.—Ivyahishuwe 7:1-3.
3. Ikintu ca mbere kizoranga ya makuba akomeye ni ikihe?
3 Ukudoma ikidodo kwa nyuma ku “bashumba b’Imana yacu” basizwe, kuriko kuregereza kurangira. Ba bamarayika bane bariteguriye kurekura ya miyaga izobica bigacika. None ni bayirekura, ni igiki kizoca kiba? Umumarayika arishura ico kibazo mu kuvuga ati: “Babiloni ca gisagara gikomeye kizoraririzwa rimwe, kandi ntikizokwigera congera kuboneka” (Ivyahishuwe 18:21). Ese ukuntu mw’ijuru hazoba umunezero mwinshi ivyo ni vyaba, inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma igasangangurwa!—Ivyahishuwe 19:1, 2.
4. Ni ibiki bikiraririye gushika?
4 Amahanga yose yo kw’isi azoba yagiye hamwe kugira ngo arwanye abasavyi ba Yehova. None ayo mahanga yoba azoshobora guherengeteza abo bakirisu b’intahemuka? Vyoshobora gusa nk’aho azobishobora. Yamara rero, ingabo zo mw’ijuru zizoba zikurikiye Kristu Yezu zizokwitwararika ivy’uko izo ngabo z’abantu zisangangurwa (Ivyahishuwe 19:19-21). Amaherezo, wa Mubesheranyi n’abamarayika biwe bazotererwa mu nyenga aho ata kintu na kimwe bazoba bagishoboye gukora. Ntibazoba bagishoboye kuzimiza abantu kubera yuko bazobohwa imyaka igihumbi. Ese ukuntu yemwe rya sinzi rinini ry’abazoba barokotse rizoba riruhuriwe!—Ivyahishuwe 7:9, 10, 14; 20:1-3.
5. Abaguma ari intadohoka kuri Yehova biteze uwuhe munezero?
5 Twimirije kubona ivyo bintu vyiza cane ariko kandi biteye akoba. Ivyo vyose birafitaniye isano n’ukwemezwa kw’uburenganzira Yehova afise bwo gutegeka, ni ukuvuga kuba ari we Segaba w’ibiriho vyose. Vyongeye, zirikana iki kintu: Tugumye turi intadohoka kuri Yehova tukongera tugahagarara dushikamye mu gushigikira ubusegaba bwiwe, turashobora kuzoterwa agateka ko kugira uruhara mu gutuma izina ryiwe ryezwa be no mw’iranguka ry’umugambi wiwe. Ese ukuntu uwo uzoba ari umunezero w’akaburarugero!
6. Turavye ibintu vyimirije kuba, ni ibiki tugiye kurimbura?
6 Ubwo twoba twiteguriye ivyo bintu bihambaye? Twoba twizera ubushobozi Yehova afise bwo kurokora? Twoba twizigira tudakeka ko azodutabara ku gihe kibereye kandi mu buryo bwiza gusumba ubundi bwose? Mu gihe twishura ivyo bibazo umwumwe wese akwiye kwibaza, turashobora kugumiza mu muzirikanyi ivyo intumwa Paulo yabwiye abakirisu bagenziwe b’i Roma, ati: “Ibintu vyose vyanditswe kera vyanditswe kugira bitwigishe, kugira ngo biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro” (Abaroma 15:4). Mu bintu vyanditswe kugira ngo bitwigishe, bikaduha uruhoza n’icizigiro, harimwo inkuru ivuga ivy’igihe Yehova yarokora Abisirayeli abakuye mu buja bukaze bw’Abanyamisiri babahahaza. Gusuzuma twitonze ivyo bintu biteye umunezero vyabaye igihe Yehova yayobora ibintu kugira ngo arokore Abisirayeli, birakwiye kuturemesha cane magingo tukirindiriye ya makuba akomeye ariko aregereza yihuta.
Yehova ararokora abasavyi biwe
7. Mu 1513 B.G.C., ni ikintu ikihe kiba mu Misiri kigatuma imitwe ishuha?
7 Turi mu mwaka wa 1513 B.G.C. Yehova aramaze guteza Abanyamisiri ivyago icenda. Inyuma y’icago c’icenda, Farawo arirukana Musa amuhutagiza mu kumubwira ati: “Mva i ruhande! Uzire akaziri, ntuze wongere kungaruka mu maso, kuk’umusi uzosubira kungaruka mu maso uzopfa!”. Musa yishura ati: “Uvuze ko: sinzosubira kukugaruka mu maso ukundi”.—Kuvayo 10:28, 29.
8. Abisirayeli bahabwa ubuyobozi ubuhe butuma baza kurokoka, kandi bivamwo iki?
8 Ubu na ho Yehova arahishurira Musa yuko agiye guteza Farawo be n’Abanyamisiri bose ikindi cago, ico kikaba ari co ca nyuma. Ku musi ugira 14 w’ukwezi kwa Abibu (canke Nisani), umwana w’imfura w’Umunyamisiri wese be n’imfura y’igikoko cose, bizopfa. Mugabo, imiryango y’Abisirayeli irashobora kuzigurizwa mu gihe yokurikiza neza na neza ubuyobozi Imana yahaye Musa. Bategerezwa gufata makeya ku maraso y’umwagazi w’intama bakayamija ku bishimaryango vy’amazu yabo uko ari bibiri be no ku gice co hejuru y’umuryango maze bagaca baguma mu mazu yabo. None ni igiki kiba muri iryo joro? Reka Musa ubwiwe abe ari be abitwiganira. Avuga ati: “Mu gicugu Uhoraho yica abana bose b’imfura bo mu gihugu ca Egiputa”. Ubu ho Farawo aca agira ico akoze adatebaganye. Arahamagara Musa na Aroni maze akababwira ati: “Ni mukūre hasi, mujonjore, muve mu bantu banje, . . . mugende, muje gusaba Uhoraho, nk’uko mwavuze”. Abisirayeli utanka barakura hasi bakigira, bikaba bishoboka ko barenga imiliyoni zitatu, bajana n’“igugu ry’ikivange c’abanyamahanga” batagira igitigiri.—Kuvayo 12:1-7, 29, 31, 37, 38.
9. Mu gukura Abisirayeli mu Misiri, Imana ibayobora ibacishije mu nzira iyihe, kandi kubera iki?
9 Inzira ya hafi Abisirayeli boshobora gufata ni iyijana inkengera y’Ikiyaga Mediterane maze bagaca mu gihugu c’Abafilisitiya. Mugabo rero ako ni akarere kabamwo abansi babo. Ku bw’ivyo, kumbure kubera yuko Yehova ashaka gukingira abasavyi biwe ngo ntibahave baja mu ntambara, abayobora abacishije mu nzira ica mu bugaragwa, ahabangikanye n’Ikiyaga Gitukura. Naho bagira urwo rugendo ari abantu amamiliyoni, iryo sinzi ntirigenda mu kajagari. Inkuru yo muri Bibiliya ivuga iti: “Abahungu ba Isirayeli baduze bavuye mu gihugu ca Misiri bipanze nk’abatonze urugamba”.—Kuvayo 13:17, 18, NW.
“Mubone ubukiriro bwa Yehova”
10. Ni kubera iki Imana ibarira Abisirayeli gusagaza imbere ya Pi-hahiroti?
10 Ubukurikira, ibintu birahinduka mu buryo butangaje. Yehova abwira Musa ati: “Barira Abisirayeli bakebanuke, basagaze imbere y’i Pi-hahiroti, hagati y’i Migidoli n’ikiyaga, aharābana n’i Bayali-sefoni”. Mu gihe iryo sinzi rinini ririko rirakurikiza ubwo buyobozi, rirahava rigasanga rikikujwe n’imisozi ku ruhande rumwe, ku rundi na ho hari amazi y’aho Ikiyaga Gitukura gita ururimi. Bisa n’uko batagira isaganirizo. Ariko rero, Yehova arazi ico ariko aragira. Abwira Musa ati: “Umutima wa Farawo ngira ndawukomantaze, abakurikire; nanje nzokwiheshereza icubahiro kuri Farawo no ku ngabo ziwe zose, kand’Abanyegiputa bazomenya ko nd’Uhoraho”.—Kuvayo 14:1-4.
11. (a) Farawo akora iki, kandi Abisirayeli bavyifatamwo gute? (b) Musa avyifatamwo gute igihe Abisirayeli bidoga?
11 Farawo amaze kubona ko umengo yihenze mu kwemerera Abisirayeli kuva mu Misiri, aca ahitamwo imikogote 600 y’intambara maze akaboma inyuma. Abisirayeli bakubise ijisho izo ngabo z’Abanyamisiri, baratekerwa n’ubwoba maze bakaboregera Musa bati: “Mbega nta mva zari muri Egiputa, mu kutuzana gupfira mu bugaragwa?”. Kubera ko Musa yizigiye adakeka ko Yehova aza kubarokora, yishura ati: “Ntaco mutinya: [“hagarare mushikamye, mubone ubukiriro bwa Yehova, ubwo agira ashitse uno musi ku bwanyu”, NW] . . . Uhoraho ni we agira ngw abarwanire, namwe ni mwinumire gusa”.—Kuvayo 14:5-14.
12. Yehova atabara gute abasavyi biwe?
12 Mu buryo buhuye n’amajambo Musa yavuze y’uko Yehova ubwiwe ari we yorwaniye Abisirayeli, ubu ingabo z’abamarayika zica zigira ico zikoze. Umumarayika wa Yehova arashinga mu buryo bw’igitangaro inkingi y’igicu inyuma y’ikambi y’Abisirayeli, iyo nkingi ikaba ari yo yagiye irabayobora. Mu gihe iyo nkingi ituma ku ruhande rw’Abanyamisiri haba umwiza, mu Bisirayeli hoho ituma haba umuco (Kuvayo 13:21, 22; 14:19, 20). Mu kugamburuka itegeko ahawe n’Imana, Musa araramvura ukuboko kwiwe. Iyo nkuru ibandanya igira iti: “Uhoraho ahuhutisha umuyaga mwinshi uvuye i burasirazuba, ukēsha ijoro ryose, usubiza ikiyaga inyuma. . . . Maz’ Abisirayeli baca hagati mu kiyaga nk’abaca ku musozi; amazi ababera nk’umurombero i buryo n’i bumoso”. Abanyamisiri barasubira gukurikira Abisirayeli, mugabo Yehova ari ku ruhande rw’abasavyi biwe. Arata ikambi y’Abanyamisiri mu muvurungano, maze akabwira Musa ati: “Ramvura ukuboko hejuru y’ikiyaga, amazi ateranire ku Banyegiputa no ku mikogote yabo no ku bagendera ku mafarasi bo muri bo”. Ingabo za Farawo ziraherengetezwa ku buryo ata n’uwo kubara inkuru asigara!—Kuvayo 14:21-28; Zaburi 136:15.
Nugire ico wigiye ku kurokorwa kwa Isirayeli
13. Abisirayeli bakiriye gute ukurokorwa kwabo?
13 Ukwo kurokorwa ku gitangaro kwagize ico gukoze gute ku barokotse? Emwe, Musa n’Abisirayeli nta kindi bakoze atari uguca bashira ijwi hejuru bakaririmba bashemeza Yehova! Baririmvye bati: “Ndaririmbira Uhoraho, kukw ari n’intsinzi y’agahebūza. . . . Uhoraho azokwama ahangamye ibihe bitazoshira” (Kuvayo 15:1, 18). Ni vyo, iciyumviro caciye ubwo nyene kiza muri bo kwari ukuninahaza Imana. Muri ico gihe, ubusegaba bwa Yehova bwaragaragaye.
14. (a) Ni ibiki dushobora kwiga ku bijanye na Yehova turavye ivyashikiye Isirayeli? (b) Icanditswe c’umwaka wa 2008 ni ikihe?
14 Ivyo bintu vyabaye vyeza umutima, tubikuramwo ivyigwa ibihe, uruhoza uruhe be n’icizigiro ikihe? Turashobora kubona tudakeka ko Yehova yiteguriye gufasha abasavyi biwe mu ngorane iyo ari yo yose bashobora gucamwo. Arashoboye gufasha mu kintu ico ari co cose coshobora kubashikira. Ca Kiyaga Gitukura nticashoboye gutangira Abisirayeli igihe Yehova yatuma wa muyaga ukomeye wo mu Buseruko uhuhuta. Vyongeye, yarashoboye gutuma ico Kiyaga nyene gihinduka imva y’ingabo za Farawo. Mu gihe tuzirikana kuri ivyo bintu, turashobora kuvuga nka kumwe kw’umwanditsi wa Zaburi, uwavuze ati: “Uhoraho ari mu ruhande rwanje, sinzotinya: non’umuntu yoshobora kungira iki?” (Zaburi 118:6). Turashobora kandi kuronkera uruhoza mu majambo ya Paulo dusanga mu Baroma 8:31 agira ati: “Nimba Imana idushigikiye, ni nde azoturwanya?”. Ese ukuntu ayo majambo yahumetswe adusubiriza umutima mu nda! Aradukuramwo ubwoba ubwo ari bwo bwose be n’ugukekeranya ukwo ari kwo kwose dushobora kuba dufise, maze akatwuzuza icizigiro. Ese ukuntu rero icanditswe cacu c’umwaka wa 2008 kibereye, na co kikaba kigira giti: “Hagarare mushikamye, mubone ubukiriro bwa Yehova”!—Kuvayo 14:13, NW.
15. Ukugamburuka kwari guhambaye gute mu bijanye n’ukurokorwa kwa Isirayeli ikava mu Misiri, kandi guhambaye gute muri kino gihe?
15 Ni ibiki kandi dushobora kwigira ku nkuru y’ukuva mu Misiri kwa Isirayeli? Turabona yuko dutegerezwa kugamburukira Yehova naho yodusaba gukora ibiki. Abisirayeli baragamburutse mu gukurikiza ibintu vy’ido n’ido basabwe mu bijanye no gutegura Pasika. Mw’ijoro ryo ku wa 14 Nisani, baragumye mu mazu yabo babigiranye ukugamburuka. Igihe amaherezo bava mu Misiri, bategerejwe kugenda “bipanze nk’abatonze urugamba” (Kuvayo 13:18, NW). Muri kino gihe, birahambaye cane ko dukurikiza ubuyobozi turonka biciye kuri wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” (Matayo 24:45). Dutegerezwa kwumviriza twitonze ijambo ry’Imana ritubwira riduturutse inyuma riti: “‘Iyi ni yo nzira. Ni mube ari yo mujana’, nimba mukwiye gukikamira i buryo canke i bubamfu” (Yesaya 30:21, NW). Uko turushiriza kwegereza intango ya ya makuba akomeye, birashoboka cane ko duhabwa ubuyobozi bumwebumwe bw’ido n’ido. Kugira ngo urugendo tugira muri ino misi idurumbanye rube urutagiramwo intambamyi, bizovana n’ukuntu tuguma dufatanye mu nda n’abandi basavyi ba Yehova b’intahemuka.
16. Ni igiki dushobora kwigira ku kuntu Imana yayoboye ibintu mu kurokora Abisirayeli?
16 Niwibuke kandi ko Yehova yakebeje Abisirayeli maze akabacisha ahantu vyasa n’uko bugarijwe, bari hagati y’imisozi ku ruhande rumwe be n’Ikiyaga Gitukura ku rundi. Ata gukeka, iyo nzira yasa n’iyitabereye. Mugabo rero, Yehova yari yifatiye ibintu mu minwe, kandi ibintu vyose vyaragenze neza ku bw’ugushemezwa kwiwe be n’ukurokorwa kw’abasavyi biwe. Muri kino gihe, twoshobora kuba tutabona neza igituma ibintu bimwebimwe bijanye no gutunganya ibintu, bikorwa mu buryo bunaka. Naho ari ukwo, turashobora vy’ukuri kwizigira ubuyobozi Yehova atanga biciye ku muhora wo kwizigirwa akoresha mu kutumenyesha ico twokora. Rimwe na rimwe, ibintu vyoshobora gusa n’ibigendera neza abansi bacu. Twisunze ubushobozi bwacu bwo gutahura ibintu buri n’aho bugarukira, vyoshika ntidutahure ido n’ido ry’ukuntu ibintu vyifashe. Ariko rero, Yehova we arashoboye kuyobora ibintu ku gihe kibereye nka kumwe nyene yabigiriye Abisirayeli mu bihe vya kera.—Imigani 3:5.
Niwizigire Yehova
17. Ni kubera iki dushobora kwizigira ubuyobozi bw’Imana tugaherezako?
17 Woba ushobora kwiyumvira ukuntu Abisirayeli bategerezwa kuba barumvise basubirijwe umutima mu nda igihe bazirikana kuri ya nkingi y’igicu yabayobora ku murango be n’inkingi y’umuriro yabayobora mw’ijoro? Ico cari icemeza c’uko “umumarayika w’Imana” yariko arayobora urugendo rwabo (Kuvayo 13:21, 22; 14:19). Muri kino gihe, turashobora kwizigira tudakeka yuko Yehova ari kumwe n’abasavyi biwe kugira ngo abayobore, abakingire, yongere abarokore. Turashobora kugumiza ku muzirikanyi iri sezerano rigira riti: “[Yehova] ntaheba abakunzi biwe. Bazigamwa ibihe vyose” (Zaburi 37:28). Nimuze ntitukigere twibagira ko hari ingabo z’abamarayika b’abanyabubasha ziriko zirafata mu mugongo abasavyi b’Imana muri kino gihe. Tubifashijwe na bo, turashobora ‘guhagarara dushikamye, maze tukabona ubukiriro bwa Yehova’.—Kuvayo 14:13, NW.
18. Ni kubera iki dukeneye ‘kwambara umwambaro ukwiye w’ibirwanisho biva ku Mana’?
18 None ni igiki kizotuma dushobora ‘guhagarara dushikamye’ mu nzira y’ukuri? Tuzobishobozwa no kwambara vya birwanisho vy’impwemu Paulo yadondora mw’ikete yandikiye Abanyefeso. Niwibuke ko iyo ntumwa iduhimiriza “[kwambara] umwambaro ukwiye w’ibirwanisho biva ku Mana”. None twoba turiko turambara ivyo birwanisho vyose vy’impwemu? Muri uyu mwaka uza, vyoba vyiza umwumwe wese yisuzumye kugira ngo yiyemeze neza ko afise vya birwanisho vyose kandi ko avyambaye neza. Wa mwansi wacu, uwo na we akaba ari Shetani wa Mubesheranyi, arazi aho tugoyagoya kandi nta ko atagira kugira ngo aduhwikire canke adutegere aho dufise intege nke. Turwana “intambara yo kunigana” n’ibinyankomezi vy’impwemu bibi. Naho ari ukwo, twisunze inkomezi za Yehova, turashobora gutahukana intsinzi.—Abanyefeso 6:11-18; Imigani 27:11.
19. Mu gihe twokwihangana, twoshobora guterwa agateka ko kugira iki?
19 Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mwironsa ubuzima bwanyu” (Luka 21:19). Ese twoba muri abo bantu bakorana ukudahemuka mu kwihanganira amakuba ayo ari yo yose yoshobora kubashikira, gutyo biciye ku buntu ata wari abukwiriye bw’Imana, tugaterwa agateka ko ‘guhagarara dushikamye, maze tukabona ubukiriro bwa Yehova’.
Wokwishura gute?
• Ni ibintu ibihe biteye umunezero vyimirije kuba?
• Mu 1513 B.G.C., Yehova yerekanye gute ububasha bwiwe bwo kurokora?
• Ni igiki wiyemeje kuzokora muri kazoza?
[Iciyumviro nyamukuru on on page 20]
Icanditswe c’umwaka wa 2008 kizoba kivuga giti: “Hagarare mushikamye, mubone ubukiriro bwa Yehova”.—Kuvayo 14:13, NW.
[Ifoto ku rup. 17]
“Ibintu vyose vyanditswe kera vyanditswe kugira bitwigishe”
[Ifoto ku rup. 18]
Ugukomantaza umutima kwa Farawo kwarakwegeye Misiri akarambaraye
[Ifoto ku rup. 19]
Abisirayeli barokotse ari uko bakoze ivyo Yehova yabategetse vyose