ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 17 rup. 46-rup. 47 ing. 2
  • Musa yahisemwo gukorera Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Musa yahisemwo gukorera Yehova
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Ingene Musa Yarokotse
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ukwizera kw’Abavyeyi Kwǎhawe Impera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Umwami Mubi Aganza Misiri
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Igituma Musa Yahunze
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 17 rup. 46-rup. 47 ing. 2
Umukobwa wa Farawo abonye ka Musa, Miriyamu na we ariko arabaraba ari hafi yabo

ICIGWA CA 17

Musa yahisemwo gukorera Yehova

Abo mu muryango wa Yakobo bamaze gushika Misiri, bahavuye bitwa Abisirayeli. Yakobo na Yozefu bamaze gupfa, haratanguye kuganza Farawo mushasha. Yaratinye kubera yuko Abisirayeli bariko baragwira gusumba Abanyamisiri. Farawo yaciye agira Abisirayeli abaja. Yabategetse gufyatura amatafari no gukora cane mu mirima. Ariko uko Abanyamisiri bafata nabi Abisirayeli, ni ko Abisirayeli baguma bagwira. Kubera ko Farawo atabishaka, yaciye ategeka ko abahungu bose b’Abisirayeli bavutse baca bicwa. Urazi ukuntu ico kintu cateye ubwoba Abisirayeli?

Umugore w’Umwisirayelikazi yitwa Yokebedi yari afise akana keza cane k’agahungu. Kugira agakingire, yagashize mw’ikapo maze ayinyegeza mu marenga y’uruzi Nili. Mushiki wako yitwa Miriyamu yaciye aguma hafi kugira agacunge.

Umukobwa wa Farawo yaraje kwoga mu ruzi, aca arabona ya kapo. Ayipfunduruye yasanzeyo akana kariko karira, aca akumvira ikigongwe. Miriyamu yaciye amubaza ati: ‘Ngende kurondera umugore yomukwonkereza?’ Umukobwa wa Farawo yaremeye, Miriyamu aca azana nyina wiwe Yokebedi. Umukobwa wa Farawo yaciye amubwira ati: ‘Twara uyu mwana umunyonkereze, nzoguhemba.’

Musa ahunze

Nya mwana amaze gukura, Yokebedi yaramushiriye umukobwa wa Farawo. Yaciye amwita Musa maze amurera nk’umwana wiwe. Musa yari nk’umwana w’umwami, kandi yararonka ikintu cose ashaka. Ariko ntiyigeze yibagira Yehova. Yari azi neza ko yari Umwisirayeli atari Umunyamisiri, kandi yahisemwo gukorera Yehova.

Musa afise imyaka 40, yararondeye gufasha abantu b’iwabo. Igihe yabona Umunyamisiri ariko arakubita Umwisirayeli, yaciye yica uwo Munyamisiri. Musa yaciye anyegeza ikiziga ciwe mu musenyi. Farawo yarabimenye, aca arondera kwica Musa. Musa yaciye ahungira mu gihugu ca Midiyani. Yehova yaramwitwararitse ari ng’aho i Midiyani.

«Kubera ukwizera, Musa . . . yaranse kwitwa umuhungu w’umukobwa wa Farawo, ahitamwo gufatanwa nabi n’abantu b’Imana.»​—Abaheburayo 11:24, 25

Ibibazo: Abisirayeli bafatwa gute mu Misiri? Kubera iki Musa yahunze akava mu Misiri?

Itanguriro 49:33; Kuvayo 1:1-14, 22; 2:1-15; Ivyakozwe 7:17-29; Abaheburayo 11:23-27

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika