ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 27
  • Umwami Mubi Aganza Misiri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umwami Mubi Aganza Misiri
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Musa yahisemwo gukorera Yehova
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Bajabuka Ikiyaga Gitukura
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ibindi bihano bitandatu
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ibihano bitatu vya mbere
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 27

INKURU YA 27

Umwami Mubi Aganza Misiri

ABO bagabo bariko barahimiriza abantu gukora. Raba urya ariko akubita ikiboko umukozi umwe! Abo bakozi ni abo mu muryango wa Yakobo, ni abisirayeli. Abo babakoresha ku nkoni na bo ni abanyamisiri. Vyabaye gutyo kubera iki?

Umuryango munini wa Yakobo wamaze imyaka myinshi uri mu Misiri. Yozefu yari icegera c’umwami Farawo, yarawubungabunga. Ariko munyuma amaze gupfa, uwundi Farawo atakunda Abisirayeli aba umwami mu Misiri.

Uyo Farawo mubi rero, Abisirayeli aca abagira abaja. Agena abagapita bakara batagira ikigongwe, ngo babe ari bo babakoresha. Barabakoresha cane kandi ku nkoni, ngo bubakire Farawo amazu. Ariko ico nticababujije kurondoka. Hashize imisi, Abanyamisiri batinya ko Abisirayeli baba benshi cane bagahava bakomera.

Urazi ico Farawo yagize? Yabwiye abagore bahora bafasha abavyeyi b’abisirayeli kuvyara ati: ‘Umwana w’umuhungu wese azovuka muce mumwica.’ Ariko abo bagore bari beza nta n’umwe bishe.

Farawo aca aha itegeko abantu biwe ati: ‘Ni mwice abana b’abahungu bose b’abisirayeli, musigaze abakobwa gusa.’ Iryo tegeko ryari ribi cane, si ko? Reka turabe ingene umwana w’umuhungu umwe yarokotse.

Kuvayo 1:6-22.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika