ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 28
  • Ingene Musa Yarokotse

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene Musa Yarokotse
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Musa yahisemwo gukorera Yehova
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • “Ririmbira Yehova”!
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Ukwizera kw’Abavyeyi Kwǎhawe Impera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Musa yari nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 28

INKURU YA 28

Ingene Musa Yarokotse

RABA urwo ruyoya ruriko rurarira rufashe urutoki rw’uyo mwigeme. Ni Musa. Uyo mwigeme mwiza urazi uwo ari we? Ni umukobwa wo mu Misiri, umwana w’umwami Farawo.

Nyina wa Musa yaramuhishije gushika aho amara amezi atatu, kubera ko yanka ko bamwica. Mugabo yari azi ko bazoteba bakamubona. Ico yagize kugira ngo amukize ngiki.

Yafashe ikivumvu aragihoma kugira ngo amazi ntacinjiremwo, akiryamikamwo Musa, hanyuma aja kugitereka mu rufunzo ku nkombe y’Uruzi Nili. Abwira Miriyamu gashiki ka Musa ngo kagume karaba ico umwana yohava aba.

Buno nyene umukobwa wa Farawo aramanuka aje kwiyoga, abona ikivumvu kiri mu rufunzo. Ahamagara umwe mu ncoreke ziwe ati: ‘Genda unzanire kirya kivumvu.’ Akirumuye asangayo umwana w’intōre! Ka Musa kāriko kararira, nya mwigeme bimutera ikigongwe. Ntiyashatse ko bakīca.

Ka Miriyamu gaca karahashika. Ngako kari hambavu. Gati ‘ushaka ko nja kuguhamagarira umugore w’umwisirayeli ngo amukwonkereze?’

Na we ati: ‘Nyaragasa.’

Kariruka kaja guhamagara nyina wa Musa. Ashitse, wa mukobwa w’umwami ati: ‘Fata uyu mwana umunyonkereze nzoguhēra.’

Nyina wa Musa aca arera umwana wiwe. Musa amaze gukura, amushira wa mukobwa wa Farawo, na we amurera nk’umwana wiwe. Uko ni ko Musa yakuriye mu ngoro ibwami.

Kuvayo 2:1-10.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika