ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/2 rup. 3
  • Musa yari nde?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Musa yari nde?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Numenye inzira za Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Igisaka caka umuriro
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Igituma Musa Yahunze
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Igisaka Kirurumba
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/2 rup. 3

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO: NI IBIKI TWIGIRA KURI MUSA?

Musa yari nde?

Iyo wumvise izina Musa uca ubona iki? Woba uca ubona . . .

  • ka kayoya kanyegejwe na nyina wako mu kijishano ku Ruzi Nili?

  • ka gahungu karezwe n’umukobwa wa Farawo kagakurira mu bihinda vyo mu Misiri, yamara ntikibagire ko ari Akisirayeli?

  • wa mugabo yamaze imyaka 40 ari umwungere i Midiyani?

  • wa mugabo yavuganye na Yehovaa imbere y’igisaka caka umuriro?

  • wa mugabo yarindutse agaseruka imbere y’umwami wo mu Misiri, agasaba ko Abisirayeli bokurwa mu buja?

  • wa mugabo yarungitswe n’Imana kumenyesha umwami wa Misiri vya Vyago cumi vyashikira ico gihugu igihe uwo mwami yanka kwumvira Imana y’ukuri?

  • wa mugabo yayoboye Abisirayeli mu rugendo rukomeye rwo kuva mu Misiri?

  • wa mugabo Imana yakoresheje mu kugaburamwo kabiri Ikiyaga Gitukura?

  • wa mugabo yashikirije Abisirayeli ya Mabwirizwa cumi avuye ku Mana?

IVYO bintu vyose hamwe n’ibindi vyarashitse mu buzima bwa Musa. Ntibitangaje kubona uwo mugabo w’umwizigirwa yubahwa cane n’abakirisu, abisilamu n’abo mw’idini ry’Abayahudi!

Vy’ukuri, Musa ni umuhanuzi yagaragaje “ububasha bukomeye kandi buteye akoba.” (Gusubira mu vyagezwe 34:10-12) Yaremeye ko Imana imukoresha mu buryo bukomeye. Naho ari ukwo, Musa yari umuntu asanzwe. Cokimwe n’umuhanuzi Eliya, uwabonetse ari kumwe na Musa muri kwa kubonekerwa kwaba igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, Musa yari umuntu “yiyumva nk’uko twiyumva.” (Yakobo 5:17; Matayo 17:1-9) Musa yarahuye n’ingorane nyinshi mu zidushikira kandi yarazitsinze.

Woba wipfuza kumenya ukuntu yabigenjeje? Rimbura zitatu muri kamere nziza Musa yagaragaje be n’ico twigira ku karorero yatanze.

a Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika