ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 18 rup. 48-rup. 49 ing. 4
  • Igisaka caka umuriro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igisaka caka umuriro
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Igisaka Kirurumba
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Igituma Musa Yahunze
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Numenye inzira za Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Musa yari afise urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 18 rup. 48-rup. 49 ing. 4
Musa ari iruhande y’igisaka caka umuriro

ICIGWA CA 18

Igisaka caka umuriro

Musa yabaye i Midiyani imyaka 40. Yarazanye umugore, aravyara n’abana. Igihe kimwe aragiye intama hafi y’umusozi Sinayi, yarabonye ikintu gitangaje. Yabonye igisaka c’amahwa cariko kiraka umuriro mugabo ntigishe! Agize ngo aregera kugira arabe igituma kidasha, yaciye yumva ijwi rivuye muri nya gisaka rimubwira riti: ‘Musa! Ntiwegere ng’aha. Kura ibirato vyawe kuko aha hantu uhagaze ari heranda.’ Yehova ni we yariko aravuga biciye ku mumarayika.

Musa yaragize ubwoba, aca aripfuka mu maso. Nya jwi ryaciye rimubwira riti: ‘Nabonye ingorane Abisirayeli barimwo. Nzobakura mu Misiri ndabajane mu gihugu ciza. Ni wewe uzobayobora ubakure mu Misiri.’ Musa ategerezwa kuba yaratangaye cane.

Musa yaciye abaza ati: ‘Abantu nibambaza uwantumye, nzobabwira ko ari nde?’ Imana yamwishuye iti: ‘Urababwira ko Yehova, Imana ya Aburahamu, Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo ari yo yagutumye.’ Musa yaciye amubaza ati: ‘Abantu nibatanyumviriza na ho?’ Yehova yaciye aha Musa ikimenyetso c’uko azomufasha. Yasavye Musa ngo aterere hasi inkoni yiwe. Nya nkoni yaciye ihinduka inzoka! Igihe Musa yayifata ku murizo, yaciye isubira kuba inkoni. Yehova yamubwiye ati: ‘Niwakora ico gitangaro, bazoca bemera ko ari jewe nagutumye.’

Musa yabwiye Yehova ati: ‘Sinzi kuvuga.’ Yehova yaciye amusezeranira ati: ‘Nzokubwira ivyo uzovuga, kandi nzorungika mwenewanyu Aroni agufashe.’ Kubera yuko Musa yari yabonye ko Yehova ari kumwe na we, yaciye afata umugore wiwe n’abana biwe, asubira mu Misiri.

«Ntimuze muhagarike umutima mwibaza ivyo muzovuga n’ingene muzobivuga, kuko ivyo muzovuga muzobihabwa muri uwo mwanya nyene.»​—Matayo 10:19

Ibibazo: Musa yabonye iki igihe yari aragiye intama? Yehova yashaka ko Musa akora iki?

Kuvayo 3:1–4:20; Ivyakozwe 7:30-36

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika