ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 19 rup. 50-rup. 51 ing. 2
  • Ibihano bitatu vya mbere

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibihano bitatu vya mbere
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Musa na Aroni kwa Farawo
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ibindi bihano bitandatu
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Musa yahisemwo gukorera Yehova
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ibihano Cumi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 19 rup. 50-rup. 51 ing. 2
Musa na Aroni bahagaze imbere ya Farawo

ICIGWA CA 19

Ibihano bitatu vya mbere

Kubera ko Abisirayeli bari abashumba, bakoreshwa ibikorwa biruhisha. Yehova yararungitse Musa na Aroni kwa Farawo ngo bamubwire bati: ‘Rekura abantu banje kugira baje kunsenga mu bugaragwa.’ Farawo yishuye n’ubwishime n’akantu ati: ‘Yehova sindamwumvira, kandi sindekura Abisirayeli.’ Aho kubarekura, Farawo yaciye abategeka gukora cane gusumba uko bahora. Yehova yaciye ahana Farawo. Urazi ingene yabigenjeje? Yarateje Misiri ibihano cumi. Yehova yabwiye Musa ati: ‘Farawo yanse kunyumvira. Mu gitondo azoba ari ku ruzi Nili. Uramusangayo umubwire ko amazi ya Nili azohinduka amaraso kubera yanse kurekura abantu banje.’ Musa yaragamburutse araja guhura na Farawo. Farawo yarabonye ingene Aroni akubita inkoni mu ruzi Nili, rugaca ruhinduka amaraso. Amazi yaciye atangura kunuka ku buryo abantu batari bagishobora kuyanywa, n’ifi zirapfa. Ariko Farawo yaranse kurekura Abisirayeli.

Haciye imisi indwi, Yehova yarasubiye kurungika Musa kwa Farawo kumubwira ati: ‘Nutarungika abantu banje, mu Misiri hose hazokwuzura ibikere.’ Aroni yaradugije inkoni yiwe, mu gihugu haca huzura ibikere. Abantu basanga ibikere mu mazu yabo, mu bitanda no mu masafuriya. Hose hari huzuye ibikere! Farawo yarasavye Musa ngo atakambire Yehova abakureko ico gihano, asezerana ko azoca arekura Abisirayeli. Yehova yarahagaritse ico gihano, Abanyamisiri baca baregeranya ibikere vyapfuye, bagira ibirundo. Igihugu cose caranuka. Ariko n’ico gihe Farawo ntiyaretse Abisirayeli ngo bagende.

Yehova yaciye abwira Musa ati: ‘Aroni nakubite inkoni yiwe hasi, umukungugu uca uhinduka imibu.’ Ubwo nyene hose haciye huzura imibu. Mbere n’Abanyamisiri barabwiye Farawo bati: ‘Iki gihano kivuye ku Mana.’ Ariko n’ico gihe yaranse kurekura Abisirayeli.

Ibihano bitatu vya mbere Yehova yateje Misiri: amazi y’uruzi Nili ahinduka amaraso, ibikere n’imibu

«Bazomenya ububasha bwanje n’ubushobozi bwanje, kandi bazomenya vy’ukuri yuko nitwa Yehova.»​—Yeremiya 16:21

Ibibazo: Ibihano bitatu vya mbere vyari ibihe? Kubera iki Yehova yahanye Abanyamisiri?

Kuvayo 5:1-18; 7:8–8:19; Nehemiya 9:9, 10

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika