ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 108
  • Mu Nzira Ija i Damasiko

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Mu Nzira Ija i Damasiko
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yezu atora Sawuli
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Abakora ibintu bibi boba bashobora guhinduka?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ukwamamaza kwa Sauli kuvyura urwanko
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Yarahinduye cane uburyo yiyumvira
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 108

INKURU YA 108

Mu Nzira Ija i Damasiko

URAZI uwo aryamye hasi uwo ari we? Ni Sauli. Ibuka ko ari umwe yazigama imyitwikīro ya bamwe bātera Sitefano amabuye. Rāba uwo muco waka cane! Habaye iki?

Sitefano amaze kwicwa, Sauli aba indongozi mu guhīga abigishwa ba Yezu ngo abagirire nabi. Yava ku muhana akaja ku wundi, akabafata akabata mw ibohero. Benshi muri bo bahungira mu bindi bisagara, batangura kuhavugira “inkuru nziza.” Sauli na we aja mu bindi bisagara nyene kubarondera. Aha yariko aja i Damasiko. Ateye mu nzira, igitangaza cabaye ngiki:

Aza abona umuco uvuye mu kirere umwakiye hose. Aca agwa hasi nk’uko tubibona ngaha. Ijwi rica rivuga riti: ‘Sauli! Sauli! ni kuki uriko urangirira nabi?’ Abo vyari kumwe babona umuco bumva n’ijwi, ariko ntibumva ivyo ririko riravuga.

Sauli ati: ‘Uri nde ga Mwami?’

Nya jwi riti: ‘Ndi Yezu uriko uragirira nabi.’ Yezu yavuze ivyo kubera ko Sauli yariko agirira nabi abigishwa biwe, ni nk’uko ari we nyene yariko abigirirwa.

Sauli ati: ‘Ushaka ko nkora iki ga Mwami?’

Yezu ati: ‘Haguruka uje i Damasiko, barakubwira ico uza gukora.’ Ahagurutse yugurura amaso, biranka ko abona ikintu na kimwe. Yari yabaye impumyi! Abo vyari kumwe bamufata ukuboko bamujana i Damasiko.

Yezu abwira umwe mu bigishwa biwe bari i Damasiko ati: ‘Ananiya, haguruka uje kw ibarabara ryitwa Rigororotse. Ushitse kwa Yuda ubaze umugabo yitwa Sauli, namutoye ngo abe umukozi wanje koko.’

Ananiya aragamburuka. Amubonye amurambikako ibiganza, ati ‘Umukama yantumye kugira ngo usubire kubona, wuzure impwemu yera.’ Buno nyene ibintu bimeze nk’amagamba vyomoroka ku maso yiwe, aca asubira kubona.

Sauli ni we yakoreshejwe cane mu kwigisha abantu bo mu bihugu vyinshi. Yahavuye yitwa Paulo. Turaza kwiga vyinshi kuri we, ariko tubanze turābe ico Imana yatumye Petero gukora.

Ivyakozwe n’intumwa 8:1-4; 9:1-20; 22:6-16; 26:8-20.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika