Ukwamamaza kwa Sauli kuvyura urwanko
ABAYUDA b’i Damasiko ntibavyumva. Umuntu yahora ashigikira yivuye inyuma ivyo abantu bari basanzwe bizera, vyogenze gute ngo acike umuhuni? Uwo avugwa ni Sauli, wa mugabo yari yahoze aturubika abambaza izina rya Yezu i Yeruzalemu. Yari agiye i Damasiko guhama abigishwa bariyo. Yamara, ico gihe Sauli ubwiwe yariko arigisha ko uwo mumenja akengeretse yamanitswe ahorwa yuko yarogose, ari we nyene yari Mesiya! Mbega Sauli yoba yari yasaze?—Ivyakozwe 9:1, 2, 20-22.
Kumbure ivyo vyari bifise insobanuro. Abandi bantu bari bavuye i Yeruzalemu bakaba bari bafatanije urugendo na Sauli, vyoshoboka cane ko bavuze ivyashitse mu nzira. Begereje i Damasiko, bagiye babona umuco ukayangana ubarasira irya n’ino, maze bose baca bahundagarira hasi. Haranumvikanye ijwi. Sauli ni we gusa yamerewe nabi. Yari arambaraye muri iyo nzira. Amaherezo, aho aviriye hasi, abo bandi bantu bari bafatanije urugendo na we bategerejwe kumushikana i Damasiko kubera ko we ata kintu na kimwe yashobora kubona.—Ivyakozwe 9:3-8; 26:13, 14.
Uwahora arwanya Yezu acika uwumuvugira
Ni ibiki vyashikiye Sauli mu nzira ariko aja i Damasiko? Rwoba ari urugendo rurerure canke izuba rimena imbwa agahanga ryo ku mutaga vyari vyamunanije? Abantu bakekeranya bo mu gihe ca none biyemeje gutora insobanuro zisanzwe z’ivyabaye, baravuga ibintu vyoba vyaramushikiye bagashiramwo n’ivy’uguta ubwenge agaca adebagura, ukubona ibintu vy’ibirotoroto, ukugira ingorane ikomeye yo mu mutwe itewe n’umubabaro yagize uvuye ku kwagirizwa n’ijwi ryiwe ryo mu mutima, uguhababuka, be n’uko ngo yari gushobora kurwara intandara.
Ku bwa ngingo, ni Yezu Kirisitu yari yiyeretse Sauli muri uwo muco ukayangana, amujijura ko ari we Mesiya. Abahinga bamwebamwe b’utugenegene bashushanya ivyo bintu vyabaye mu kwerekana Sauli ariko aragwa hasi avuye ku ndogoba. Naho nyene ivyo bishoboka, Bibiliya yo ivuga gusa iti: ‘Yikubita hasi’ (Ivyakozwe 22:6-11). Uko ari kwo kwose Sauli yaguye hasi usanga ata co kuvuze ukugereranije n’ukuba yarabaye uwo hasi cane uravye ikibanza yari afise. Ico gihe hoho yategerejwe kwemera icese ko ivyo abayoboke ba Yezu bariko bamamaza ari ukuri. Ikintu conyene gusa Sauli yari gukora kwari ukwifatanya na bo. Sauli, uwahora ari umwansi katwa w’ubutumwa bwerekeye Yezu, yacitse umwe mu bantu babushigikira bivuye inyuma kuruta abandi bose. Inyuma y’aho Sauli ahumukiye akabatizwa, “[yararushirije] kugira ubushobozi, atsinda Abayuda baba i Damasiko, abereka yuko Yesu ari we Kristo”.—Ivyakozwe 9:22.
Umugambi wo kumwica unanirwa
None Sauli, uwahavuye yitwa Paulo, yaciye aja hehe inyuma y’aho ahindukiriye akaba umukirisu? Igihe yandikira Abagalatiya, yavuze ati: “Nagiye muri Arabiya, kandi hanyuma nsubira i Damasiko” (Ab’i Galatiya 1:17). Iyo mvugo ngo “Arabiya” yerekana urugendo rwo mu bice vyose vy’agace k’intara y’Abarabu kinjira mu mazi. Incabwenge zimwezimwe zivuga yuko Paulo ashobora kuba yaragiye gushika mu bugaragwa bw’i Siriya canke ahandi hantu mu bwami bw’Abanabate bwatwarwa na Arétas wa kane. Birashoboka rwose ko inyuma y’aho Sauli abatirijwe, yagiye ahantu hatekanye kugira ngo azirikane, nk’uko nyene na Yezu yagiye mu bugaragwa inyuma y’aho yibirijwe mu mazi.—Luka 4:1.
Igihe Sauli yasubira i Damasiko, “Abayuda ba[ragiye] inama yo kumwica” (Ivyakozwe 9:23). Buramatari yaserukira Umwami Arétas i Damasiko yari yacungishije ico gisagara, arondera gufata Sauli (2 Ab’i Korinto 11:32). Ariko, magingo abansi bari bafise umugambi wo kwica Sauli, abigishwa ba Yezu bo bari bafise umugambi wo kumuhungisha.
Mu bafashije Sauli guhunga harimwo Ananiya be n’abigishwa banezerewe no kugumana na we buno nyene aho ahindukiriye akaba umukirisua (Ivyakozwe 9:17-19). Hari n’abo mu bacitse abizera kubera ukwamamaza kwa Sauli i Damasiko bashobora na bonyene kuba baramufashije, kuko mu Vyakozwe 9:25 hagira hati: “Abigishwa biwe bamujana mw ijoro, bamucisha mu ruzitiro rw’amabuye, bamwururukirije mu gisangaza” (Ivyakozwe 9:25). Iyo mvugo ngo “abigishwa biwe” ishobora gusobanura abo Sauli yigishije. Uko biri kwose, kuba ubusuku bwiwe bwaragize ico buvamwo bishobora kuba vyatumye inzigo abantu bari bamufitiye yongerekana.
Icigwa tuhigira
Iyo turimbuye bimwebimwe mu bintu vyerekeye uguhinduka kwa Sauli akaba umukirisu hamwe n’ukubatizwa kwiwe, turibonera neza ko atari ahagaritswe umutima birenze urugero n’ukuntu abandi bamubona; eka mbere ntiyatanye n’akabando ngo n’uko bamurwanije bimwe bikomeye. Kuri Sauli, icari gihambaye kuruta ryari ibanga yashinzwe ryo kwamamaza inkuru nziza.—Ivyakozwe 22:14, 15.
Hoba haciye igihe gitoyi ujijutse yuko kwamamaza inkuru nziza ari ikintu gihambaye? Niba ari ukwo biri, urazi ko abakirisu b’ukuri bose bategerezwa kuba abamamaji b’Ubwami. Ntukwiye gutangara igihe bishitse ubusuku urangura bugatuma rimwe na rimwe abantu bakwanka (Matayo 24:9; Luka 21:12; 1 Petero 2:20). Sauli ni akarorero mu kuntu yavyifashemwo igihe bamurwanya. Abakirisu bihanganira amarushwa ata guheba, Imana izobatonesha. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Muzoba mwanswe na bose babahōra izina ryanje”. Yamara, yabakuye amazinda ati: “Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mukiza ubu[zima] bganyu”.—Luka 21:17-19.
[Akajambo k’epfo]
a Ubukirisu bwoba bwashitse i Damasiko inyuma y’aho Yezu yigishirije i Galilaya canke inyuma ya Pentekote yo mu 33 G.C.—Matayo 4:24; Ivyakozwe 2:5.
[Ifoto ku rup. 28]
Sauli ‘yarikubise hasi’ igihe Yezu yamwiyereka
[Ifoto ku rup. 29]
Sauli yaraciye mu myanya y’intoke abagomba kumwica i Damasiko