ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/6 rup. 15-17
  • Sauli ahura n’abahoze ari abagenzi biwe be n’abahoze ari abansi biwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Sauli ahura n’abahoze ari abagenzi biwe be n’abahoze ari abansi biwe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Amarana imisi cumi n’itanu na Petero
  • Yakijijwe gute abahoze ari abagenzi biwe?
  • Ivyigwa tuhigira ku bijanye n’ukwiyubara
  • Yezu atora Sawuli
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ishengero «rija mu kiringo c’amahoro»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • “Kugamburuka kuruta ikimazi”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ukwamamaza kwa Sauli kuvyura urwanko
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/6 rup. 15-17

Sauli ahura n’abahoze ari abagenzi biwe be n’abahoze ari abansi biwe

SAULI, uwahavuye yitwa intumwa Paulo, ategerezwa kuba hari ukuntu yahagaritse umutima igihe yasubira i Yeruzalemu ari bwo bwa mbere kuva aho abereye umukirisua. Imyaka itatu imbere y’aho, yaravuye muri ico gisagara apfuhagira imihigo n’ubwicanyi ku bigishwa ba Yezu. Yari afise uruhusha rwo gufata umukirisu uwo ari we wese yosanze i Damasiko.​—Ivyakozwe n’intumwa 9:1, 2; Ab’i Galatiya 1:18.

Sauli amaze kuba umukirisu, yaratuye ashize amanga yuko yari yizeye Mesiya, uwari amaze kuzuka. Ivyo vyatumye Abayuda b’i Damasiko baca bagomba kumwica (Ivyakozwe n’intumwa 9:19-25). Yoba vy’ukuri yari kwitega ko Abayuda b’i Yeruzalemu bahoze ari abagenzi biwe bamwakirana igishika? Uko biri kwose, icari gihambaye kuruta kuri Sauli kwari ukubonana n’abayoboke ba Kristu b’i Yeruzalemu. Ivyo ntivyari kuba ivyoroshe.

“Ashitse i Yerusalemu, [y]agerage[je] kwifatanya n’abigishwa: bose baramutinya, ntibemera kw ar’umwigishwa” (Ivyakozwe n’intumwa 9:26). Ivyo birumvikana kuko igihe bamuheruka yabahama ata kagongwe. Kuvuga yuko yizeye akaba umukirisu, vyari gushobora kubonwa ko ari amayeri yariko arakoresha kugira ngo acengetere mw’ishengero. Ni co gituma abakirisu b’i Yeruzalemu bashaka kumuca kure.

Ariko rero, umwe muri bo yarafashije Sauli. Bibiliya ivuga yuko Barunaba yatwaye ku “ntumwa” uwo yahoze ahama abakirisu, izo ntumwa bikaba biboneka ko yari Petero (ari we Kefa) na Yakobo mwenewabo n’Umukama, maze abwira izo ntumwa ukuntu Sauli yahindutse umukirisu be n’ukuntu yamamaje i Damasiko (Ivyakozwe n’intumwa 9:27; Ab’i Galatiya 1:18, 19). Ivyanditswe ntibivuga ukuntu vyagenze ngo Barunaba yizigire Sauli. Boba bari bazinanye, ku buryo ivyo vyoba vyaratumye Barunaba ashobora gusuzuma neza Sauli maze akemeza yuko ata buryarya yari afise? Barunaba yoba yari azinanye n’abakirisu bamwebamwe b’i Damasiko, bikaba vyaratumye amenya amahinduka Sauli yagize? Uko biri kwose, Barunaba yaratumye Sauli aba atacikekwa cane. Sauli yaciye rero agumana n’intumwa Petero imisi 15.

Amarana imisi cumi n’itanu na Petero

Sauli yari yashinzwe igikorwa na Yezu ubwiwe bitarinze kuba ngombwa ko haba umuntu abitangira uruhusha, nk’uko yabishimitseko igihe yandikira Abagalatiya (Ab’i Galatiya 1:11, 12). Naho ari ukwo, nta gukeka ko Sauli yabona yuko vyari bihambaye ko amenya neza ibijanye n’ubusuku bwa Yezu. Igihe yomaze ari kumwe na Kefa cotumye aronka akaryo gahagije ko kubimenya (Luka 24:12; 1 Ab’i Korinto 15:3-8). Sauli yobaye afise ibibazo vyinshi abaza Petero na Yakobo, kandi na bo bobaye bafise ivyo bomubajije ku bijanye n’ivyo yeretswe be n’igikorwa yashinzwe.

Yakijijwe gute abahoze ari abagenzi biwe?

Sitefano yiswe umukirisu wa mbere yapfuye rumaratiri. Abari baragiye impari na Sitefano bari abantu bo “mw isinagogi y’Abaliberutino, n’iy’Abanyakurene n’iy’Abanyalekisanderiya, n’iy’Abanyakilikiya, n’iy’Abanyasiya”. Ariko Sauli we, yariko “aharira n’Abayuda bavuga ikigiriki”, ashinga intahe ashize amanga. None bavyakiriye gute? Baciye bashaka kumwica.​—Ivyakozwe n’intumwa 6:9; 9:28, 29, NW.

Birumvikana ko Sauli yari gushima gusigurira abahoze ari abagenzi biwe ibijanye n’ukuntu yagize amahinduka akomeye mu buzima bwiwe, akongera akihatira kubamenyesha ibijanye na Mesiya. Ariko rero, abo Bayuda bavuga ikigiriki bariyamirije uwo mugabo babona nk’igihemu.

Sauli yoba yaratahura urugero rw’akaga yarimwo? Inkuru itubwira yuko igihe yari mu rusengero ariko arasenga yabaye nk’uwutwarwa n’indoto maze abona Yezu, uwaciye amubwira ati: “Tebuka, uve i Yerusalemu vuba, kuko batazokwemera ivy’unshingira intahe”. Sauli yaciye yishura ati: “Mwami, na bo ubgabo barazi yuko nashira abakwizeye mw ibohero, nkabatonagurira mu masinagogi yose. Kandi hamwe amaraso y’uwagushingira intahe Stefano yava, nanje ni ho nari mpagaze, mbishi[gikiye]”.​—Ivyakozwe n’intumwa 22:17-20, ni twe dushimitse.

Hari abiyumvira yuko ayo majambo Sauli yavuze yerekana ko na we nyene yabona yuko yari mu kaga. Abandi na bo biyumvira ko ari nk’aho yariko avuga ati: ‘Nari meze nka bo mu guhama abigishwa, kandi ivyo barabizi. Sinkeka yuko bazofatana uburemere ukuba narahindutse umukirisu. Hari aho wosanga ndabafashije kumenya ukuri’. Naho ari ukwo, Yezu yari azi ko abo Bayuda batokwumvirije intahe yoshinzwe n’uwo mugabo bari basigaye babona ko ari umuhuni. Yabwiye Sauli ati: “Genda, kuko nzogutuma kure ku banyamahanga”.​—Ivyakozwe n’intumwa 22:21, 22.

Aho abakirisu bagenziwe bamariye kubona ko ageramiwe, baciye bihutira kumumanukana ku kivuko c’i Kayisariya maze bamurungika i Taruso, igisagara yavukiyemwo, aho hakaba hari urugendo rw’ibilometero 500 (Ivyakozwe n’intumwa 9:30). Sauli yagiye kugaruka i Yeruzalemu haciye imyaka itari mike.

Ukwo kuba Sauli yavuye i Yeruzalemu gihutihuti bishobora kuba vyarakingiye ishengero rya gikirisu. Kuba uwo yahoze ahama abigishwa ari muri ico gisagara, vyari gushobora kugira inkurikizi zikomeye. Sauli amaze kuhava, “ishengero ryose ryari hose i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya [ryaragize] amahoro, rirahangama: kandi rigenda ryubaha Umwami Yesu, rihagarikiwe n[’im]pwemu [y]era, riragwira”.​—Ivyakozwe n’intumwa 9:31.

Ivyigwa tuhigira ku bijanye n’ukwiyubara

Nk’uko vyagenze mu kinjana ca mbere, muri kino gihe harashobora kuba ibihe vyosaba ko twiyubara. Nta mpamvu dufise yotuma twikeka bidakenewe abo tudasanzwe tuzi. Ariko rero, mu bihe bimwebimwe, abantu ata co bibanga baragerageje gukorana n’abasavyi ba Yehova kugira ngo bariremwo mbege canke bafise intumbero yo kugirira nabi ishengero. Ni co gituma rero twiyubara kugira ngo ntitugwe mu mutego w’uruhendo rw’abangushi.​—Imigani 3:27; 2 Timoteyo 3:13.

Inyifato Sauli yagize igihe yamamaza i Yeruzalemu iratwereka ubundi buryo abakirisu bashobora kwiyubara. Gushinga intahe mu turere tunaka canke ku bantu bamwebamwe, ushizemwo n’abahoze ari abagenzi bacu, birashobora kutugirako inkurikizi mbi ku mubiri, mu vy’impwemu, canke mbere mu nyifato runtu. Birabereye ko tuba maso, nk’akarorero mu guhitamwo igihe twokwamamaza be n’ikibanza twokwamamazamwo.​—Imigani 22:3; Matayo 10:16.

Turashobora kwizigira tudakeka yuko inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana izokwamamazwa imbere y’uko umuhero w’iyi si mbi ushika. Ese ukuntu Sauli yadusigiye akarorero keza ku bijanye n’ukwamamaza, uravye ukuntu “[y]avuga ashize amanga mw izina ry’Umwami”, akabwira mbere inkuru nziza n’abahoze ari abagenzi biwe be n’abahoze ari abansi biwe!​—Ivyakozwe n’intumwa 9:29.

[Akajambo k’epfo]

a Izina rya Sauli rimenyerewe cane muri iki gihe ni intumwa Paulo. Ariko rero, imirongo myinshi cane yo muri Bibiliya itangwa muri iki kiganiro, ikoresha izina ryiwe ry’ikiyuda, ari ryo Sauli.​—Ivyakozwe n’intumwa 13:9.

[Ifoto ku rup. 16]

Sauli amaze gushika i Yeruzalemu, yarabwiye inkuru nziza Abayuda bavuga ikigiriki ashize amanga

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika