“Kugamburuka kuruta ikimazi”
UMWAMI wa mbere wa Isirayeli ya kera yari Sauli. Naho Sauli yari yatowe n’Imana y’ukuri, yahavuye agambarara.
Ni ibintu bibi ibihe Sauli yakoze? Yoba yari gushobora kuvyirinda? Dushobora gute kwungukira ku kwihweza ivyamushikiye?
Yehova amenyekanisha uwo yatoye ngo abe umwami
Imbere y’uko Sauli aba umwami, umuhanuzi Samweli ni we yaserukira Imana muri Isirayeli. Ico gihe Samweli yari ashaje, kandi abahungu biwe bari ibihemu. Muri ico gihe nyene, iryo hanga ryari rigeramiwe n’abansi baryo. Igihe abagabo b’inararibonye ba Isirayeli basaba Samweli ngo abashirireho umwami yari gushobora kubacira urubanza no kubayobora mu ntambara, Yehova yategetse uwo muhanuzi ngo arobanure Sauli abe ari we aba indongozi, ati: “Ntazobura gukiza abantu banje abakure mu kuboko kw’Abafilisitiya.”—1 Sam. 8:4-7, 20; 9:16.
Sauli yari “umukangara kandi [akaba] mwiza.” Ariko rero, uretse ko yari mwiza yari afise n’izindi kamere nziza. Yaranicisha bugufi. Nk’akarorero, Sauli yabajije Samweli ati: “Mbega sindi Umubenyamini wo mu muryango mutoyi hanyuma y’iyindi mu miryango ya Isirayeli? Kandi umuryango wanje si umuryango ata co uvuze kuruta iyindi mu miryango yose igize umuryango wa Benyamini? Ni kubera iki none umbwiye ikintu nk’ico?” Sauli yabona ibimwerekeye n’ivyerekeye umuryango wiwe mu buryo buranga ukwifata ruto, naho se wiwe Kishi yari umuntu “akomeye w’umutunzi.”—1 Sam. 9:1, 2, 21.
Rimbura kandi ukuntu Sauli yavyifashemwo igihe Samweli yamenyekanisha uwo Yehova yari yatoye ngo abe umwami wa Isirayeli. Samweli yabanje kurobanura Sauli mu mwiherero maze amubwira ati: “Wigirire ico ukuboko kwawe gushoboye, kuko Imana y’ukuri iri kumwe nawe.” Inyuma y’ivyo, uwo muhanuzi yaratumyeko abantu ngo bakoranire hamwe kugira ngo abamenyeshe uwo Yehova yari yatoye. Ariko rero, igihe vyamenyekana ko ari Sauli, baramurondeye baramubura. Sauli yari yinyegeje kubera ko yari umunyamasoni. Yehova yarerekanye aho ari, maze biratangazwa yuko Sauli ari umwami.—1 Sam. 10:7, 20-24.
Mu ntambara
Sauli ntiyatevye kwerekana ko umuntu wese yoba yarakekeranya ku bijanye n’uko akwije ibisabwa yari yihenze. Igihe Abamoni babangamira igisagara kimwe co muri Isirayeli, “impwemu y’Imana [yaciye] itangura gukorera kuri we.” Akoresheje ubukuru bwiwe yaratumyeko abarwanyi b’iryo hanga, arabungunganya, araheza arabayobora abashikana ku ntsinzi. Mugabo iyo ntsinzi Sauli yayitiriye Imana, mu kuvuga ati: “Uno musi Yehova yashikije ubukiriro muri Isirayeli.”—1 Sam. 11:1-13.
Sauli yari afise kamere nziza kandi Imana yaramuhezagira. Vyongeye, yaremera icese ububasha bwa Yehova. Ariko rero, kugira ngo Abisirayeli be n’umwami wabo babandanye kuroranirwa vyari kuvana n’iki kintu kimwe gihambaye cane. Samweli yabwiye Abisirayeli ati: “Nimwatinya Yehova, mukamukorera koko kandi mukagamburuka ijwi ryiwe, ntimugararize itegeko rya Yehova, mwebwe n’umwami azobaganza rero muzoba abantu bakurikira Yehova Imana yanyu.” Ni igiki Abisirayeli bari kwemera badakeka iyo baba intahemuka ku Mana? Samweli yavuze ati: “Yehova [n]tazota abantu biwe, kubera izina ryiwe rihambaye, kuko Yehova yiyemeje kubagira abantu biwe.”—1 Sam. 12:14, 22.
Kugamburuka cari co kintu gihambaye kuruta ibindi basabwa kugira ngo bashimwe n’Imana, kandi n’ubu ni ko biri. Igihe abasavyi ba Yehova bagamburutse amategeko yiwe, arabahezagira. Mugabo bigenda gute igihe bagambarariye Yehova?
“Wakoze ivy’ubupfu”
Ikintu Sauli yakoze ubukurikira mu kurwanya Abafilisitiya caratumye bashangashirwa. Ingabo z’Abafilisitiya “[zi]ngana n’udutete tw’umusenyi turi ku nkengera y’ikiyaga” zaciye zihaguruka ngo zirwanye Sauli. “Abagabo ba Isirayeli babona ko bageze habi, kuko abantu bari basugerejwe cane; nuko abantu baja kwinyegeza mu masenga no mu myobo no mu bitare no mu bibanza vyo mu kuzimu no mu vyobo vy’amazi.” (1 Sam. 13:5, 6) None Sauli yari gukora iki?
Samweli yari yabwiye Sauli ngo bahurire i Gilugali, aho uwo muhanuzi yari gushikanira ibimazi. Sauli yararindiriye, mugabo Samweli arateba gushika, kandi ingabo za Sauli zariko zirasanzara. Sauli yaciye rero yiha gushikana ivyo bimazi. Akimara kubigira, Samweli yaciye ashika. Samweli amaze kwumva ivyo Sauli yari yakoze, yamubwiye ati: “Wakoze ivy’ubupfu. Ntiwagumije ibwirizwa rya Yehova Imana yawe, iryo yagutegetse, kuko iyo uba warigumije, Yehova yoshimangiye ubwami bwawe kuri Isirayeli gushika igihe kitagira urugero. Ubu rero ubwami bwawe ntibuzoramba. Emwe, Yehova azokwironderera umuntu ahimbara umutima wiwe; kandi Yehova azomushinga ibanga ryo kuba indongozi y’abantu biwe, kuko utagumije ico Yehova yagutegetse.”—1 Sam. 10:8; 13:8, 13, 14.
Kubera ko Sauli yabuze ukwizera, abigiranye ukwita imbere yarahisemwo kugambarara itegeko Imana yari yamuhaye ryo kurindira Samweli ngo aze gushikana ikimazi. Ese ukuntu ingendo ya Sauli yari itandukanye n’iya Gideyoni, uno akaba yarigeze kuba umukuru w’ingabo za Isirayeli! Yehova yategetse Gideyoni kugabanya ingabo ziwe zikava ku 32.000 zigashika ku 300, kandi Gideyoni yaragamburutse. Uti kubera iki? Kubera ko yizera Yehova. Abifashijwemwo n’Imana, yaranesheje ingabo 135.000 zari zateye. (Abac. 7:1-7, 17-22; 8:10) Yehova yari gufasha na Sauli. Ariko rero kubera ko Sauli yagambaraye, Abafilisitiya barasahuye Isirayeli.—1 Sam. 13:17, 18.
None igihe duhanganye n’ingorane, dufata ingingo gute? Dufatiye ku kuntu abatagira ukwizera babona ibintu, vyoshobora gusa n’aho kwirengagiza ingingo ngenderwako z’Imana ari co kintu kibereye umuntu yokora. Igihe Samweli atari ahari, Sauli yoshobora kuba yariyumviriye yuko ivyo yakoze vyumvikana. Ariko rero abantu biyemeje gushimwa n’Imana, babona ko gukurikiza ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe zihuye n’ikibazo baba bafise, ari co kintu conyene kibereye bokora.
Yehova aheba Sauli
Mu gihe c’isekeza rimwe ryo kurwanya Abamaleki, Sauli yaragiriwe n’irindi kosa rikomeye. Imana yari yaraciriye urwo gupfa Abamaleki kubera yuko bagavye igitero ku Bisirayeli ata co babagize aho bamariye kuva mu Misiri. (Kuv. 17:8; Gus. 25:17, 18) Vyongeye mu gihe c’Abacamanza, Abamaleki barifatanije n’abandi mu kwongera gutera ico gisata cari caratowe n’Imana. (Abac. 3:12, 13; 6:1-3, 33) Ku bw’ivyo, Yehova yaragize ico abaza Abamaleki maze ategeka Sauli gushitsa urubanza yari yabaciriye.—1 Sam. 15:1-3.
Aho kugamburuka itegeko Yehova yari yamuhaye ryo guherengeteza abo Bamaleki b’abanyenzigo no gutikiza ivyo bari batunze vyose, Sauli yarafashe mpiri umwami wabo yongera araziguriza ibitungwa vyabo vyiza kuruta ibindi. Vyagenze gute none igihe Samweli yahambarira Sauli kubera ico kintu yari yakoze? Sauli yaragerageje guta ikosa ku bandi mu kuvuga ati: “Abantu bumviye impuhwe ivyiza kuruta ibindi vyose mu mukuku no mu busho, kugira bashikanire ibimazi Yehova.” Sauli yaba vy’ukuri yari afise intumbero yo gushikana ivyo bitungwa canke ata yo yari afise, yari yagambaraye. Sauli ntiyari akiri “mutoyi mu maso [yi]we bwite.” Ku bw’ivyo, uwo muhanuzi w’Imana yarerekanye yuko Sauli yari yagambarariye Imana. Samweli yaciye avuga ati: “Mbega Yehova ahimbarwa n’amashikanwa aturirwa be n’ibimazi kuruta kugamburuka ijwi rya Yehova? Erega kugamburuka kuruta ikimazi . . . Ko wanse ijambo rya Yehova, na we arakwanse ngo ntubandanye kuba umwami.”—1 Sam. 15:15, 17, 22, 23.
Igihe Yehova yakura impwemu nyeranda yiwe be n’umuhezagiro wiwe kuri Sauli, “impwemu mbi” yaciye itangura kwiganzira uwo mwami wa mbere wa Isirayeli. Sauli yaciye atangura kuza arikeka no kuza aragirira ishari Dawidi, uno akaba ari we Yehova yahavuye aha ubwami. Sauli yaragerageje kwica Dawidi incuro zirenga imwe. Bibiliya ivuga yuko Sauli amaze kubona ko “Yehova yari kumwe na Dawidi, [yaciye] aba umwansi wa Dawidi nantaryo.” Sauli yaragerageje kumuhiga buhongo eka kandi arategeka ko abaherezi 85 be n’abandi bantu bicwa. Ntibitangaje kubona Yehova yarahevye Sauli!—1 Sam. 16:14; 18:11, 25, 28, 29; 19:10, 11; 20:32, 33; 22:16-19.
Igihe Abafilisitiya basubira gutera Isirayeli, Sauli yaciye aja mu bupfumu arondera imfashanyo mu buryo ata co buvamwo. Umusi wakurikiye, yarakomerekejwe bikomeye ari mu ntambara maze ariyahura. (1 Sam. 28:4-8; 31:3, 4) Ku bijanye n’uwo mwami wa mbere wa Isirayeli yagambaraye, Ivyanditswe bivuga biti: “Sauli yapfuye bivuye ku buhemu bwiwe yari yarahemukiye Yehova, kubera ijambo rya Yehova atari yaragumije no kubera ko yituye uwuvugana n’ibiremwa vy’impwemu kugira ngo abaze. Ntiyasiguza Yehova.”—1 Ngo. 10:13, 14.
Ako karorero kabi ka Sauli karerekana neza yuko kugamburukira Yehova biruta kumushikanira ikimazi ico ari co cose. Intumwa Yohani yanditse ati: “Iki [ni] co ugukunda Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo.” (1 Yoh. 5:3) Nimuze ntitwigere dufata minenerwe uku kuri kw’ishimikiro: Kugira ngo tugiranire n’Imana ubugenzi buramba dutegerezwa kuyigamburukira.
[Ifoto ku rup. 21]
Mu ntango, Sauli yari indongozi yicisha bugufi
[Ifoto ku rup. 23]
Kubera iki Samweli yabwiye Sauli yuko “kugamburuka kuruta ikimazi”?