ICIGWA CA 39
Umwami wa mbere wa Isirayeli
Yehova yari yarahaye Abisirayeli abacamanza bo kubayobora, ariko bobo bishakira umwami. Babwiye Samweli bati: ‘Ibihugu vyose bidukikije birafise abami. Na twebwe dushaka umwami.’ Ico kintu carababaje Samweli, aca arakibwira Yehova mw’isengesho. Yehova yamubwiye ati: ‘Si wewe banse. Ni jewe banse. Babwire ko bazoronka umwami, ariko ko uwo mwami azobasaba ibintu vyinshi.’ Mugabo abantu bamubwiye bati: ‘Ntaco. Twebwe twishakira umwami gusa!’
Yehova yabwiye Samweli ko umugabo yitwa Sawuli ari we azoba umwami wa mbere. Igihe Sawuli yaja kuraba Samweli i Rama, Samweli yaciye amusuka amavuta ku mutwe, bikaba vyerekana ko abaye umwami.
Mu nyuma, Samweli yarakoranije Abisirayeli kugira abereke umwami wabo mushasha. Mugabo bararondeye Sawuli baramubura. Urazi igituma? Yari yinyegeje mu mizigo. Bamaze kumutora, baramuzanye bamuhagarika hagati y’abantu. Sawuli yari muremure kuruta abandi bantu bose, kandi yari mwiza cane. Samweli yaciye abwira abantu ati: ‘Uwu ni we Yehova yatoye.’ Abantu baciye basemerera bati: ‘Umwami nahangame!’
Mu ntango, umwami Sawuli yarumvira Samweli kandi akagamburukira Yehova. Ariko yahavuye ahinduka. Nk’akarorero, igihe kimwe Samweli yarabujije Sawuli ngo ntaturire ibimazi, ahubwo amurindire. Mugabo Samweli yaratevye gushika, Sawuli aca araturira nya bimazi. None Samweli yavyakiriye gute? Yamubwiye ati: ‘Wagambarariye Yehova.’ Sawuli yoba yarikosoye?
Ikindi gihe, Sawuli yaragiye kurwana n’Abamaleki. Samweli yari yamubwiye ngo abice bose. Ariko Sawuli yaranse kwica umwami wabo Agagi. Yehova yabwiye Samweli ati: ‘Sawuli yarampevye, ntagikora ivyo ndamubwiye.’ Samweli yarababaye cane, aca abwira Sawuli ati: ‘Ko utakigamburukira Yehova, azokwitorera uwundi mwami.’ Samweli ahindukiye ngo agende, Sawuli yaciye amukwega impuzu, ica iratabuka. Samweli yaciye amubwira ati: ‘Yehova na we arakwatse ubwami.’ Yehova yagira yitorere uwundi mwami amukunda kandi amugamburukira.
«Kugamburuka biruta gutanga ikimazi.»—1 Samweli 15:22