Imana irandura isi mbi
18 Uruvyaro rwa Adamu rurongerekana ariko rumogoreye gukora ikibi. Imana rero ifata ingingo yo kuruhonya.—Itanguriro 6:1, 5, 7
19 Ariko hāriho umuntu umwe w’intungane yitwa Nowa.—Itanguriro 6:8, 9
Imana Yehova imubwira kubaza ubgato bunini cane, bgo kumurokora we n’umuryango wiwe igihe inkozi z’ibibi zose zotikijwe. Ubgo bgato bgari bumeze nk’igisandugu c’amahero. babwita ngo ni ubgato bga Nowa.—Itanguriro 6:13, 14
20 Binjiza ibikōko vyinshi muri ubwo bwato.—Itanguriro 6:19-21
21 Yehova yāgwishije kw’isi imvura y’isegenya. Abanyakibi bose barayogeye. Abāri mu bwato bārarokotse. Urazi igituma?—Itanguriro 6:17; 7:11, 12, 21; 1 Petero 3:10-12