ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 9
  • Nowa Abāza Ubwato

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nowa Abāza Ubwato
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Ubwato bwa Nowa
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • “Yagendana n’Imana y’ukuri”
    Niwigane ukwizera kwabo
  • “Yagendana n’Imana y’ukuri”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Umuntu Wese Arashobora Kwigira Kuri ya Videwo Ivuga ngo: Noé: il marchait avec Dieu (Nowa Yagendana n’Imana)
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 9

INKURU YA 9

Nowa Abāza Ubwato

NOWA yari afise umugore n’abahungu batatu. Amazina y’abo bahungu biwe ni Shemu, Hamu na Yafeti. Abo bahungu bose bari bafise abagore. Mu rugo kwa Nowa rero haba abantu umunani.

Imana itegeka Nowa kugira ikintu gishasha. Imubwira ngo abāze ubwato bunini cane. Ubwo bwato bwangana n’imeri, ariko bukamera nk’igisandugu kinini. Iti ‘ubucemwo amagorofa atatu, kandi ubucemwo n’ivyumba.’ Ivyo vyumba vyari ivya Nowa n’abiwe, ibikōko hamwe n’ivyokurya.

Imana ibwira kandi Nowa ko ubwo bwato abuhomesha uburembo, kugira ngo amazi ntabwinjiremwo. Iti ‘ngiye kugwisha imvura y’isegenya itikize isi yose. Ico cose kitazoba kiri mu bwato kizopfa.’

Nowa n’abahungu biwe bumvira Imana batangura kububāza. Abandi bantu bo bāritwengera. Babandanya gukora ibibi. Igihe Nowa yababwira ivyo Imana yimirije kugira, nta n’umwe yavyemera.

Kubāza ubwo bwato vyafashe igihe kirekire, kubera ko bwari bunini cane. Hashize imyaka myinshi, barateba barabwuzuza. Imana ibwira Nowa ngo yinjize ibikōko, bibiri bibiri vyo mu moko amwe amwe; ikigabo n’ikigore. Ivyo mu yandi moko na vyo, ngo yinjize indwi indwi. Imubwira kandi ko yinjiza inyoni z’amoko yose. Nowa araheza akora ivyo Imana yavuze.

Munyuma, Nowa n’abiwe na bo barinjira. Imana ica irugara umuryango, barindirira mu bwato. Iyumvire nawe iyo uba wari kumwe na bo urindiriye. Isegenya yoje nk’uko Imana yari yabivuze?

Itanguriro 6:9-22; 7:1-9.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika