Umuntu Wese Arashobora Kwigira Kuri ya Videwo Ivuga ngo: Noé: il marchait avec Dieu (Nowa Yagendana n’Imana)
Nimusome canke musubiremwo amajambo yo mw’Itanguriro ikigabane ca 6:1 gushika ku kigabane c’9:19. Hanyuma murorere iyo videwo ya Nowa, mwongere mwiyumvire ukuntu mwokwishura ibi bibazo: (1) Isi yari imeze gute mu misi ya Nowa, kandi vyagenze gute ngo imere gutyo? (2) Ni igiki catumye Nowa aba umuntu adasanzwe gutyo, ni igikorwa nyabaki Imana yamushinze gukora, kandi kuki? (3) Ubwato bushobora kuba bwubakiwe hehe, vyafashe igihe kingana iki, kandi bwangana gute? (4) Turetse ukwubaka ubwato, ni igiki kandi Nowa n’umuryango wiwe bategerezwa gukora? (5) Wiyumvira ko mu bwato hari hameze gute urugi rumaze kugarwa? (6) Wari kwumva umerewe gute umaze kurokoka Umwuzure? (7) Ni igiki rimwe na rimwe tubona kitwibutsa Umwuzure, kandi ivyo bisobanura iki? (8) Inkuru ya Bibiliya yerekeye Nowa yakwigishije iki ku bikwerekeye ubwawe, ku vyerekeye umuryango wawe, no ku vyerekeye igikorwa Imana yadushinze gukora? (9) Ni ibibazo ibihe ushaka kuzobaza Nowa n’umuryango wiwe nimwahurira mw’Iparadizo? (10) Utegekanya kuzokoresha gute iyo videwo ya Noé (Nowa) ubu?