Yehova aduha umukiza
29 Ikiremwa ca mbere c’impwemu Imana yaremye, kuri yo cari kimeze nk’umwana w’imfura.
Imana iramukunda cane kandi ni we izokoresha mu guhonya ababi no mu kurokora abantu bagamburuka.—Yohani 3:16, 36
30 Yehova yarungitse Umwana wiwe kugira ngw’avukire kw’isi. Baca bamwita Yezu. Nyina wiwe yitwa Mariya.—Luka 1:30-35
31 Yezu amaze gukura yigisha ibintu vyinshi, akarorero, ko Yehova ari we musa Imana y’ukuri.—Mariko 12:29, 30
Yezu yavuze kw’ata wundi dutegerezwa gusenga atari Yehova.—Matayo 4:10; Yohani 4:23; 24
Yarigishije kandi abantu ivyerekeye Ubwami bwa Yehova.—Luka 17:20; 21
32 Yezu yarakijije abagwaye kandi agira n’ibintu vyiza vyinshi. Nta nabi n’imwe yigeze agira.—Ivyakozwe n’intumwa 10:38; 1 Petero 2:21, 22
Ariko yari kudukiza gute icaha n’urupfu?
33 Yategerejwe guhereza Imana inkuka kugira ngw’arokore abantu beza. Kera Imana yari yabwiye abantu ngo batange imbagwa kubera ibicumuro vyabo.—Abaheburayo 7:25, 27
34 Yezu ntiyatanze imbagwa. Yitanze kw’inkuka we nyene ku bgacu.—Matayo 20:28; Abaheburayo 10:12
Urazi igituma?