ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • le rup. 14-15
  • Yehova aduha umukiza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova aduha umukiza
  • Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!
  • Ivyo bijanye
  • Yezu Kirisitu Ni Intumwa y’Imana?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Yezu Kirisitu ni nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Yezu Kristu ni nde?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Kubera iki Imana yarungitse Yezu kw’isi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!
le rup. 14-15

Yehova aduha umukiza

29 Ikiremwa ca mbere c’impwemu Imana yaremye, kuri yo cari kimeze nk’umwana w’imfura.

Imana iramukunda cane kandi ni we izokoresha mu guhonya ababi no mu kurokora abantu bagamburuka.—Yohani 3:16, 36

30 Yehova yarungitse Umwana wiwe kugira ngw’avukire kw’isi. Baca bamwita Yezu. Nyina wiwe yitwa Mariya.—Luka 1:30-35

31 Yezu amaze gukura yigisha ibintu vyinshi, akarorero, ko Yehova ari we musa Imana y’ukuri.—Mariko 12:29, 30

Yezu yavuze kw’ata wundi dutegerezwa gusenga atari Yehova.—Matayo 4:10; Yohani 4:23; 24

Yarigishije kandi abantu ivyerekeye Ubwami bwa Yehova.—Luka 17:20; 21

32 Yezu yarakijije abagwaye kandi agira n’ibintu vyiza vyinshi. Nta nabi n’imwe yigeze agira.—Ivyakozwe n’intumwa 10:38; 1 Petero 2:21, 22

Ariko yari kudukiza gute icaha n’urupfu?

33 Yategerejwe guhereza Imana inkuka kugira ngw’arokore abantu beza. Kera Imana yari yabwiye abantu ngo batange imbagwa kubera ibicumuro vyabo.—Abaheburayo 7:25, 27

34 Yezu ntiyatanze imbagwa. Yitanze kw’inkuka we nyene ku bgacu.—Matayo 20:28; Abaheburayo 10:12

Urazi igituma?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika