Icaha n’urupfu tubikizwa dute?
35 Uribuka ko Adamu wa muntu wa mbere yari yacumuye. Yatakaje rero ubuzima mw’iparadizo, kandi natwe nyene twese turapfa kubera ko turi uruvyaro rwiwe.—Abaroma 5:12; 3:23
36 Twari gushobora gukomōrerwa ubuzima budatosekaye, habonetse uwundi muntu atagira akanenge adutangira ubugingo bwiwe, gurtyo akaba atubohoye mu rupfu.—1 Ab’i Korinto 15:45; Abaroma 5:19, 21
37 Yezu yari Umwana w’Imana. Yari umuntu atagira agohonzi. Ntiyigeze acumura.—Abaheburayo 5:9; 7:26
38 Yaritanze aricwa n’abantu badakunda Imana.—Ivyakozwe n’intumwa 2:23
Yaritanze kw’inkuka rero ku bgacu.—1 Timoteyo 2:6
39 Ikiziga ca Yezu cashinguwe mu mva yimbwe mu gitandara c’ibuye. Yamaze imisi itatu ari umupfu, hanyuma Imana iramuzura.—Ivyakozwe n’intumwa 2:24
40 Yasubiye mw’ijuru. Ubu arashobora gusaba Imana ngw’ifashe abayumvira.—Abaheburayo 9:24; 1 Yohani 2:1, 2