Intwaro ya mw’ijuru ivyagiza imigisha mw’isi
41 Yehova yarimitse Yezu mw’ijuru.—Yesaya 9:6; Daniyeli 7:13, 14; Ivyakozwe n’intumwa 2:32-36
42 Yezu azoganza isi yose.—Daniyeli 7:14; Matayo 28:18
43 Uribuka ibizoshikira abanyakibi?—Zaburi 37:9, 10; Luka 13:5
44 Uribuka izina ry’umumarayika wa mbere yacumuye? Yezu azomurandurana n’abandi bamarayika bakora ikibi. Ibigirwamana n’ibishusho bisengwa bizoyogezwa.—Abaheburayo 2:14; Ivyashishuriwe Yohani 20:2, 10
45 Yezu azogirira ivyiza vyinshi abantu bagamburuka.—Abaheburayo 5:9
46 Nta ngwara zizoba zikiriho.—Yesaya 33:24; Ivyahishuriwe Yohani 22:1, 2
Uribuka ingene Yezu yakiza abagwayi?
47 Abantu bose bazoronka ibintu vyiza.—Yesaya 65:17, 21-23
48 Imana iribuka n’abapfuye. Izokoresha Yezu mu kubakomōrera ubuzima. Ni co bita ukuzuka.—Yohani 5:28, 29; 11:25
49 Abanyakibi bose bamaze gutikizwa nta muntu n’umwe azoba agipfa. N’ibikōko vyo mw’ishamba ntibizoba bikiryana. Abantu bose bazoba bahiriwe ubutakisubira kuganya.—Ivyahishuriwe Yohani 21:4; Yesaya 65:25; Zaburi 37:11, 29