Ikigabane ca 20
Ubuzima n’Amaraso—Woba Ubona ko Bikwiye Gusonerwa?
1. (a) Ubuzima Imana ibubona gute? (b) Twokwerekana gute ko dushimishwa n’ingabire y’Imana ari yo buzima?
NTIVYODUTANGAZA kubona Imana itabona ubuzima nk’uko ab’isi babubona. Ku Mana, ubuzima bw’umuntu bukwiye gusonerwa. Ubwo na wewe ni uko ububona? Uburaro n’uburamuko tubukesha Imana, yo “yahaye bose [ubuzima], no guhumeka, n’ibindi vyose.” (Ivyakozwe n’intumwa 17:25-28; Zaburi 36:9) Niba ukuntu Imana ibona ibintu ari ko na twebwe tubibona, twobungabunga ubuzima bwacu. Ariko ntitworenga itegeko ry’Imana kugira ngo turokore ubuzima bw’iki gihe. Ubuzima budashira Imana yaraganiye abizera Umwana wayo, tubona ko buri n’agaciro koko.—Matayo 16:25, 26; Yohani 6:40; Yuda 21.
2. Ukuntu ab’iyi si babona ubuzima bigaragaza ivyiyumviro vya nde, kandi ivyo bihora rimwe rimwe bituma biyumvīra gute?
2 Yezu mu kwerekana ibihushanye n’ivyo, yavuze ko Shetani wa Mucokoranyi we mutware w’iyi si, “yahereye ubwa mbere na mbere ari umwicanyi.” (Yohani 8:44; 12:31) Yarakwegeye urupfu abantu iyo bava bakagera, kuva nyene igitangura ubugarariji bwayo. Ibiranga ubukazi biba mw isi, biragaragaza ako gatima kayo. Ariko Shetani irashobora no kwiyerekana mu buryo busa n’ubumeze ukundi. Nuko rero abarongōrwa n’ivyiyumviro vyayo, bahora bahārira ngo naho ata kibi kiri mu vy’ugusenga mw idini, igihe ubuzima bugeramiwe akarusho koboneka ukurikije impanuro zabo vyitwa ko ari zo ziranga “ubumenyi,” ah’ugukoresha Bibiliya. (Gereranya no mw ikete rya 2 ku b’i Korinto 11:14, 15.) Nk’igihe woba usa n’uwuri mw irinde ry’ugupfa no gukira, umutima woshima guhitamwo iki? Birumvikana ko ico twokwipfuza ari uguhimbara Yehova.
3. (a) Ni kuki dukwiye kwitaho cane cane ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye amaraso? (b) Soma mw Itanguriro 9:3-6 no mu Vyakozwe n’intumwa 15:28, 29, hanyuma wishure ivyo bibazo bitondekanijwe aho haruguru hamwe n’ivyo Vyanditswe.
3 Ijambo ry’Imana rirerekana neza ko ubuzima bufitaniye isano koko n’amaraso, riti: “Ubugingo (ubuzima) bw’umubiri buba mu maraso.” Nk’uko ubuzima bukwiye gusonerwa, ni ko n’Imana yaremye amaraso ari nyagusonerwa. Ni ikintu kimwegukira, gikwiye gukoreshwa gusa mu buryo bumushimisha. (Abalewi 17:3, 4, 11; Gusubira mu vyagezwe 12:23) Vyoba vyiza rero twitonze tukazirikana ico adusaba kugira, ku vyerekeye amaraso.
Soma mw Itanguriro 9:3-6
Ni ibiki abantu bamenyereye kugira mu mihingo y’aho iwanyu vyotuma uguma ugavye ngo nturye amaraso y’ikigendagenda?
Turavye ibivugwa ku murongo wa 4 vyerekeye amaraso y’ikigendagenda, ivy’ukunywa amaraso y’umuntu wobibona gute (bimwe vyahora bigirwa n’abarwanira ku kibuga c’inkino i Roma kera)?
Nk’uko vyerekanywe ku murongo wa 5 n’uwa 6, ūsheshe amaraso y’umuntu akwiye cane cane gusamba kwa nde?
Soma mu Vyakozwe n’intumwa 15:28, 29
Havuze ko ivyo dusabwa kugira vyokoze gushika mu gihe kinaka gusa? Vyoba bitwerekeye?
Iyo mvugo bakoresheje aho yoba iterekeye amaraso y’umuntu?
Ico Canditswe gishaka kuvuga ko ivyo bitokurikizwa igihe umuntu ageramiwe n’urupfu?
4. Nk’uko vyavuzwe ngaha, ni igiki umuntu akwiye kugira cerekanywe mu Vyanditswe kugira ngo na we nyene ivy’amaraso ntibize bimukore?
4 Ku vyerekeye amaraso y’umuntu, ntidukwiye kwiyumvīra yuko ukwirinda kwicana vyonyene bituma ata kibi twokwagirizwa. Ivyanditswe vyerekana ko niba turi mw Ishirahamwe iryo ari ryo ryose ryagirizwa n’Imana ikibi c’ugusēsa amaraso, dukwiye kuvavanura na ryo ni twaba dushaka kutifatanya na ryo mu vyaha rikora. (Ivyahishuriwe Yohani 18:4, 24; Mika 4:3) Ivyo dukwiye kubigira tudatevye.
5. Umwete mu gikorwa co mu ndimiro ufitaniye isano gute n’ivy’ukutazobazwa amaraso y’abantu?
5 Ku vyerekeye abasavyi b’Imana bo bashinzwe na yo kubūrira abantu bakabamenyesha ivy’itikizwa ryimirije mu gihe ca ya marushwa ahambaye, kugira ngo bagume ata kibi c’ugusēsa amaraso bagirizwa, bategerezwa gukora nk’uko bābariwe bakamenyekanisha ubwo butumwa. (Gereranya no muri Ezekiyeli 3:17-21.) Intumwa Paulo ubwayo yarabonye ko ifitiye umwenda abantu b’uburyo bwose, kubera igikorwa-ngenerwa yashinzwe. Aho amariye gushingira intahe ivyo Imana yatunganije kugira ngo barokoke, ari imbere yabo, yaciye yiyumvamwo ko yikuyeko ivy’ukuzobazwa amaraso yabo. (Abaroma 1:14, 15; Ivyakozwe n’intumwa 18:5, 6; 20:26, 27) Umwete ufise mu gikorwa-ngenerwa co mu ndimiro woba ugaragaza ko na wewe nyene utahura ko Ivyabona vya Yehova bose bari n’ibanga bajejwe?
6. Ukwirinda impanuka bifitaniye isano ki n’ugusonera ubuzima?
6 Ivyerekeye impanuka z’urupfu na vyo nyene dukwiye kubizirikana rwose. Mu Vyagezwe vya Musa, abātuma umuntu ashikirwa n’isanganya agapfa ntibabonwa ko ata kibi bariko. Bārahabwa igihano. (Kuvayo 21:29, 30; Gusubira mu vyagezwe 22:8; Guharūra 35:22-25) Ivy’iyo ngingo tubishize ku muzirikanyi, twokwama tugavye tukirinda impanuka y’urupfu iyo ari yo yose yoterwa n’uburyo tugenza umuduga, n’ukwishira mu kaga bivuye ku bujuju canke ku kutaringaniza neza ibintu vyoba bigeramiye ubuzima i muhira canke ku kazi. Ukuntu ivyo ubibona vyoba bigaragaza ko wubahiriza rwose ivy’uko ubuzima bukwiye gusonerwa?
Bite ho ku Vyerekeye Ugukoresha Amaraso mu vy’Ubuvūzi?
7. (a) Ugutera umuntu amaraso y’uwundi vyoba bihuje n’ivy’uko akwiye gusonerwa? (b) Ni kuki ukuvuga ko ivy’ugukurikiza itegeko ry’‘ukureka amaraso’ vyogarukira ku migenzo yagirwa mu kinjana ca mbere honyene bitaranga ivyiyumviro biroranye?
7 Naho ivy’ako kamenyero bidatanguye vuba, cane cane muri iki kinjana ca 20 ni ho ivy’ugutera abantu amaraso kugira ngo bazigame ubuzima vyakwiye hose. Amaraso ubwayo canke ibiyagize bikuru bikuru, vyose birakoreshwa muri ubwo buryo. Birumvikana ko ubwo buryo bw’ukuvura butobuza ko umurwayi apfa. Nkako, rimwe rimwe yicwa n’ukwo gukoresha amaraso. Ariko igihambaye kuruta ngiki: Iri tegeko rya Bibiliya ryo ‘kureka amaraso’ ryoba ryerekeye ubwo buryo bw’ukuvura? Egome. Kwinjiza amaraso mu mubiri avuye ku kindi kiremwa ico ari co cose, umuntu canke igikōko, ni ukurenga ibwirizwa ry’Imana. Vyerekana ukutitaho ivy’uko amaraso akwiye gusonerwa. (Ivyakozwe n’intumwa 15:19, 20) Nta mpamvu n’imwe yotuma iryo bwirizwa ry’‘ukureka amaraso’ ryerekezwa gusa ku buryo amaraso yakunda gukoreshwa mu kinjana ca mbere, ntiryerekezwe no ku vy’ubuhinga bw’ukuvura bwo muri iki gihe. Iyumvīre neza: Ni nde yovuga ko itegeko ryo muri Bibiliya ry’ukutica umuntu ritabuza ivy’ukumwicisha inkoho kudaciye mu mategeko, ngo ni uko inkoho tuzi zagiye guhingurwa mu nyuma hashize igihe kirekire? Bisubiye, vyoba biranga ubwenge umuntu ahāririye ngo ivy’ukubuza kuborerwa biraba gusa inzoga zariho mu kinjana ca mbere, ko biterekeye inzoga zikaze zo muri iki gihe? Ku bashaka guhimbara Imana koko, ibiri mw ibwirizwa ryerekeye ivy’‘ukureka amaraso’ birumvikana.
8. (a) Woshobora ute gutahura ko uburyo bunaka bw’ukuvura bubereye canke butabereye ku mukirisu? (b) Nk’igihe Muganga yoshaka kugukuramwo amaraso makeyi ngo ayashingure hanyuma aze ayagusubizemwo mu kukubaga, ni ingingo izihe zo muri Bibiliya zogufasha gufata ingingo ibereye? (c) Vyoshoboka ko umuntu yiyumvira gute ku vyerekeye ivy’ukumuvura bisaba ko amaraso yiwe acishwa mu cuma kitari mu mubiri?
8 Naho ari uko, kubera ko ubuhinga bumwe bumwe bukoreshwa mu kuvura bugoye gutegera, harashobora kuvyuka ibibazo. Bishobora none gutorerwa inyishu gute? Ubwa mbere, saba uwo muganga akuvura agusigurire neza uburyo ashaka gukoresha ubwo ari bwo. Hanyuma buzirikane mu gusenga, wishimikije ingingo zo muri Bibiliya. Vyoshoboka ko uyo muganga asaba ko bagukuramwo amaraso bakayashingura kugira ngo bayakoreshe ni vyaba ari nkenerwa, igihe uzobagwa mu nyuma. Wovyemera none? Uramenya yuko dukurikije Icagezwe Imana yamenyesheje biciye kuri Musa, amaraso avuye mu kiremwa yategerezwa gusēswa hasi. (Gusubira mu vyagezwe 12:24) Ubu ntituganzwa n’ivyo Vyagezwe, mugabo inyigisho y’ishimikiro iri muri vyo ni uko amaraso akwiye gusonerwa, ko igihe akuwe mu mubiri w’ikiremwa, ategerezwa gusubizwa Imana mu kuyasēsa ku ndava y’ibirenge vyayo, hasi. (Gereranya no muri Matayo 5:34, 35.) Vyoba ari vyiza none amaraso yawe ashinguwe (naho hoba mu kanya gato) hanyuma agasubizwa mu mubiri? Bite ho nk’igihe Muganga yovuga ko mu gihe uriko urabagwa canke uriko uravūrwa mu bundi buryo, amaraso yawe aja gucishwa mu cuma kitari mu mubiri, hanyuma akagarukanwa ubwo nyene? Wovyemera? Hariho ababona ko ivyo bovyemera kandi ijwi ryo mu mutima ntiribagirize ikibi, igihe ico cuma gishizwemwo ibiseseka bitavanze n’amaraso. Ico cuma babona ko gisa n’igifatanye n’imitsi yabo itwara amaraso. Birumvikana ko ibintu bitama vyifashe kumwe, ni wewe ubwawe ukwiye gufata ingingo. Mugabo iyo ngingo wofata ikwiye kudatuma ijwi ryo mu mutima rikwagiriza icaha imbere y’Imana.—1 Petero 3:16; 1 Timoteyo 1:19.
9. (a) Kugira ngo wemeze udakeka ko ingingo wafashe y’‘ukureka amaraso’ ija kwubahirizwa, utegerezwa kuvyitegurira gute? (b) Naho hoba habaye impanuka, rimwe rimwe ivy’uguterana imirarwe umuntu ashobora kuvyirinda gute? (c) Nk’igihe Muganga canke abacamanza bashatse ko uterwa amaraso ku nguvu, wogira iki?
9 Kugira ngo ntihabe ivy’ugukeka ko Muganga wawe akuvura atazokwubahiriza iyo ngingo wafashe y’‘ukureka amaraso,’ bimubwire hataraba impanuka isaba ko ivy’ukuvūrwa vyihutirwa. Niba ari nkenerwa kumenya neza imiti abakuvura bakoresha, vyitegurire mu kubandikira ngo ntibakoreshe amaraso, uteko wewe nyene ubwawe uvyibaririre Muganga azokwihweza ivy’indwara yawe. Bite none nk’igihe habaye impanuka utari witeze? Kenshi na kenshi birashoboka ko umuntu yirinda ivy’uguterana imirarwe aganiriye n’uyo muganga n’urupfasoni agatanga ivyiyumviro biroranye, akamusaba ko yokoresha ubuhinga bwiwe bwose kugira ngo amufashe, mugabo akubahiriza ijwi ryo mu mutima ry’uyo mukirisu. (Imigani 15:1; 16:21, 23) Ariko nk’igihe ngira ngo abakozi bo mu bitaro batatwanka boshimika ngo ivy’ukutemera amaraso bituma tugeramirwa n’urupfu bagaca rero bashaka kutugobera ngo tuyemere, bite ho? Kudakeka ko inzira za Yehova zitunganye bikwiye kudukomeza. Kuba umugumyabanga imbere ya Yehova bitegerezwa gutuma twanka vyeruye, kubera ko duhisemwo kwumvira Imana tukayirutisha abantu.—Ivyakozwe n’intumwa 5:29; gereranya no muri Yobu 2:4; mu Migani 27:11.
Vyoba Bihambaye Bigeze He?
10. Ni kuki kuvuga ko ivy’uguterwa amaraso bikenewe kugira ngo umuntu arokore ubuzima kuri twebwe ata co bihindura ku buryo ivyo tubibona?
10 Ku bataramenya Yehova, rimwe rimwe hari aho ugukimbukira ivy’uguterwa amaraso vyosa n’uko ari ukwubahiriza ivy’uko ubuzima bukwiye gusonerwa. Mugabo ntitwibagire yuko benshi mu bahārira gutyo bemera n’ivy’ukwica mu gukorora imbanyi. Yehova arazi ivy’ubuzima n’amaraso kurusha “umuhanga” mu vy’ubuvuzi uwo ari we wese. Vyaragaragaye ko amabwirizwa yiwe yose yayashinze kubera ineza yacu, ngo atuzigamire ubuzima bwa none kandi tugume twizigiye ivyo muri kazoza. (Yesaya 48:17; 1 Timoteyo 4:8) Ibwirizwa ry’‘ukureka amaraso’ ryoba ritashinzwe kubera ico?
11. (a) Ni uburyo bumwe gusa ubuhe bw’ugukoresha amaraso Yehova yarekuriye Abisirayeli? (b) Ni kuki ivyo bihambaye rwose kuri twebwe Abakirisu?
11 Icerekana koko yuko ivy’ugusonera amaraso bihambaye, ni amajambo Yehova yavuze yerekeye uburyo bumwe gusa bw’ugukoresha amaraso. “Ubugingo bw’umubiri buba mu maraso, nanje nshinze ko aba ku [ruhimbi kubera mwebwe], ngo abe impongano y’ubugingo bwanyu, kuko amaraso ari impongano ku bw’ubugingo buri muri yo. Ni co catumye nihanikiriza Abisirayeli, nti: ‘Ntihaze hagire umuntu azokwigera ageza mu kanwa icitwa amaraso.’ ” (Abalewi 17:11, 12) Amaraso y’ibitungwa yose yasēswa ku ruhimbi rwa Yehova nk’uko iryo tegeko ryashinzwe, cari ikigereranyo c’amaraso y’agaciro ya Yezu Kirisitu. (Abaheburayo 9:11, 12; 1 Petero 1:18, 19) Ivy’uko amaraso ya Yezu ubwayo akwiye gusonerwa, itegeko ry’Imana ryarabishimitseko mu kubuza ko amaraso akoreshwa mu bundi buryo ubwo ari bwo bwose. Kubera ico, umuntu aca abona yuko ugukoresha amaraso ukutari ko mu buryo ubwo ari bwo bwose, bigaragaza ugukengera ivyo Yehova yatunganije vyerekeye agakiza kazanwa n’Umwana wiwe.
12. Nk’igihe umukirisu nyakuri yoba ari mw irinde ry’urupfu, ni kuki atokwemera ko amaraso akoreshwa ukutari ko na buhoro buhoro ngo arabe ko yoguma ari muzima?
12 Igihe umuntu ari mw irinde ry’ugupfa no gukira, kwoba ari ukutabona kure umuntu ahaye Imana ibitugu! Naho dushimishwa n’igikorwa abaganga bakorana umutima, ntitwota umutwe ngo turenge ku Cagezwe c’Imana ngo turiko turagerageza kuzigama ubuzima bwacu canke ubw’abakunzi mu misi canke imyaka mikeyi, nk’uko umengo nta kindi kiriho atari bwo bwonyene. Twizeye agaciro k’amaraso Yezu yasheshe, hamwe n’ubuzima budashira buzanwa n’ayo maraso. Turemera n’umutima wacu wose ko abasavyi b’Imana b’intahemuka—eka mbere n’abapfa ubu—bazohabwa impēra ari yo buzima budashira.—Yohani 11:25; 1 Timoteyo 4:10.
Ikiyago c’Ugusubiramwo
● Ni igiki gituma ubuzima n’amaraso biboneka ko bikwiye gusonerwa? Ni kuki ab’iyi si baharīra bakavuga ibiteye kubiri n’ivyo?
● Ku vyerekeye ibikōko, twokwerekana gute ko twubahiriza ivy’uko amaraso yavyo akwiye gusonerwa?
● Ni mu buryo budasa ubuhe twese twokwerekanamwo ko ubuzima bw’umuntu tubufata nk’ubukwiye gusonerwa? Ivyo kubishitsa birahambaye bigeze he?