ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • cl ikig. 9 rup. 87-96
  • «Kristu ni ububasha bw’Imana»

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • «Kristu ni ububasha bw’Imana»
  • Niwiyegereze Yehova
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ububasha Umwana w’ikinege w’Imana afise
  • Umunyabubasha mu majambo
  • Umunyabubasha mu bikorwa
  • Yezu yama akoresha ububasha bwiwe abitumwe n’imvo nziza kandi mu buryo bwiza
  • Integuza y’ibintu biraririye gushika
  • Kristu ni ububasha bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ibitangaro vya Yezu dushobora kuvyigirako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Yarakunda abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Yezu Kirisitu ni nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Niwiyegereze Yehova
cl ikig. 9 rup. 87-96
Yezu ari ku kiyaga ca Galilaya mw’ijoro ry’umwiza n’ibihuhusi.

IKIGABANE CA 9

«Kristu ni ububasha bw’Imana»

1-3. (a) Ni ibintu ibihe biteye ubwoba vyashikiye abigishwa ku kiyaga ca Galilaya, kandi Yezu yaciye akora iki? (b) Kubera iki intumwa Pawulo yavuze atomora ko «Kristu [ari] ububasha bw’Imana»?

INTUMWA zari zatekewe n’ubwoba. Bari mu bwato bajabuka ikiyaga ca Galilaya igihe igihuhusi cabazako giturumbuka. Nta gukeka yuko bari barabonye ibihuhusi kuri ico kiyaga imbere y’aho. Nakare, bamwebamwe muri abo bagabo bari abarovyi babimazemwo igihe kinini.a (Matayo 4:18, 19) Mugabo ico cari «igihuhusi gikomeye», kandi catumye mu kiyaga haca hazamwo umukuba ukomeye. Nya bagabo barakoze umutima utari mu nda kugira ngo bayobore ubwo bwato, mugabo ico gihuhusi kibarusha inguvu. Imikuba ikomeye «iguma yikubita ku bwato», butangura kwuzura amazi. Naho hari urwamo rwinshi, Yezu yari yiryamiye umukondorazosi mu gihande c’inyuma c’ubwo bwato kubera yari yarushe rwose kuko yari yiriwe arigisha isinzi ry’abantu. Kubera yuko abo bigishwa bari bagize ubwoba, baramukanguye bashimitse bati: «Mukama, dutabare turapfuye!»​—Mariko 4:35-38; Matayo 8:23-25.

2 Yezu ntivyari bimuteye ubwoba. Abigiranye umutima mu nda, yarakankamiye uwo muyaga n’ico kiyaga ati: «Hora! Tekereza!» Ubwo nyene nya muyaga na nya kiyaga bica biramwumvira, ca gihuhusi kirahera, ya mipfunda irazimangana, «haca haratekana cane.» Buno ubwoba budasanzwe butekera abo bigishwa. Barivugana bati: «None uyu muntu ni bwoko ki?» Kukaba nkako, ni umuntu nyabaki yari gushobora gukankamira umuyaga n’ikiyaga nk’aho yoba ariko arakosora umwana w’intumva?​—Mariko 4:39-41; Matayo 8:26, 27.

3 Erega ni ko, Yezu ntiyari umuntu asanzwe. Yehova yarakoresheje ububasha bwiwe mu buryo budasanzwe mu gufasha Yezu no mu kumushoboza gufasha abandi. Intumwa Pawulo yavuze atomora ati: «Kristu ni ububasha bw’Imana.» (1 Abakorinto 1:24) Ni mu buryo ubuhe ububasha bw’Imana bugaragarizwa muri Yezu? Kandi ukuntu Yezu akoresha ububasha bishobora kutugirira akamaro akahe?

Ububasha Umwana w’ikinege w’Imana afise

4, 5. (a) Ni ububasha be n’ubukuru ubuhe Yehova yahaye Umwana wiwe w’ikinege? (b) Uwo Mwana yaronkejwe gute ibikenewe kugira ngo ashitse imigambi ya Se yo kurema?

4 Rimbura ububasha Yezu yari afise imbere y’uko aba umuntu nkatwe. Yehova yarakoresheje «ububasha [bwiwe] bwamaho» igihe yarema Umwana wiwe w’ikinege, uwahavuye aba Yezu Kristu. (Abaroma 1:20; Abakolosayi 1:15) Mu nyuma, Yehova yarahaye Umwana wiwe ububasha buhambaye be n’ubukuru buhambaye, mu kumushinga igikorwa co gushitsa imigambi yiwe yo kurema. Ku vyerekeye uwo Mwana, Bibiliya igira iti: «Ibintu vyose vyabayeho biciye kuri we. Nta kintu na kimwe cabayeho bitamuciyeko.»​—Yohani 1:3.

5 Dushobora gutahura akantu gatoya gusa ku kuntu ico gikorwa gihambaye. Niwiyumvire ububasha bwari bukenewe mu kurema amamiliyoni n’amamiliyoni y’abamarayika b’abanyenkomezi, ikirere kiboneka hamwe n’ibigwibigwi vy’inyenyeri bikirimwo, tutibagiye isi be n’ibinyabuzima bitandukanye vyinshi biyiriko. Kugira ngo uwo Mwana w’ikinege arangure ivyo bikorwa, yari afise inguvu y’ububasha kuruta izindi, iyo na yo ikaba ari impwemu nyeranda y’Imana. Uwo Mwana yararonkera agahimbare kenshi mu kuba umukozi w’umuhanga, Yehova akaba yaramukoresheje mu kurema ibintu vyose.​—Imigani 8:22-31.

6. Inyuma y’aho Yezu apfiriye hanyuma akazuka, yahawe ububasha be n’ubukuru ubuhe?

6 Yehova yoba yari no guha uwo Mwana wiwe w’ikinege ubundi bubasha hamwe n’ubundi bukuru? Inyuma y’aho Yezu apfiriye hanyuma akazuka, yavuze ati: «Ububasha bwose narabuhawe mw’ijuru no kw’isi.» (Matayo 28:18) Egome, Yezu yarahawe ubushobozi n’uburenganzira bwo gukoresha ububasha bwiwe kw’isi no mw’ijuru. Bwa «Mwami w’abami n’Umukama w’abakama», yarahawe uburenganzira bwo «guhindura ubusa intwaro zose n’ububasha bwose n’ubushobozi bwose», ububoneka n’ubutaboneka butavuga rumwe na Se. (Ivyahishuwe 19:16; 1 Abakorinto 15:24-26) Imana «nta na kimwe itamuhaye kuganza», uretse Yehova ubwiwe.​—Abaheburayo 2:8; 1 Abakorinto 15:27.

7. Ni kubera iki dushobora kwemera tudakeka yuko Yezu atazokwigera akoresha nabi ububasha Yehova yamuhaye?

7 Twoba dukwiye gutinya yuko Yezu yohava akoresha nabi ububasha afise? Habe namba! Yezu arakunda vy’ukuri Se kandi ntiyokwigera akora ikintu na kimwe kimubabaza. (Yohani 8:29; 14:31) Yezu arazi neza yuko Yehova atigera akoresha nabi ububasha bwiwe bushobora vyose. Yezu yariboneye ubwiwe yuko Yehova arondera uturyo two «[kwerekana] inkomezi ziwe mu gufasha abamwumirako n’umutima wabo wose.» (2 Ngoma 16:9) Kukaba nkako, Yezu afitiye abantu urukundo nk’urwo Se abafitiye, ari co gituma dushobora kwizigira yuko azokwama nantaryo akoresha ububasha bwiwe ku bw’iciza. (Yohani 13:1) Ukwo nyene ni ko Yezu yamye akoresha ububasha bwiwe. Reka turimbure ububasha yari afise igihe yari kw’isi be n’ukuntu yavyurirwa umutima wo kubukoresha.

Umunyabubasha mu majambo

8. Yezu amaze kurobanuzwa impwemu nyeranda, yahawe ububasha bwo gukora iki, kandi yakoresheje gute ububasha bwiwe?

8 Biboneka ko ata bitangaro Yezu yakoze igihe yari acaruka i Nazareti. Mugabo ivyo vyarahindutse inyuma y’aho abatirijwe mu 29 inyuma ya Kristu, akaba yari afise nk’imyaka 30 y’amavuka. (Luka 3:21-23) Bibiliya itubwira iti: «Imana yamurobanuje impwemu nyeranda n’ububasha, hanyuma [aca] mu gihugu akora ivyiza yongera akiza abantu bose bahahazwa na Shetani.» (Ivyakozwe 10:38) Mbega none “gukora ivyiza” ntibigaragaza yuko Yezu yakoresheje ububasha bwiwe mu buryo bubereye? Amaze kurobanuzwa impwemu nyeranda, yarerekanye mu vyo yavuga no mu vyo yakora ko yari umuhanuzi afise ububasha.​—Luka 24:19.

9-11. (a) Ni hehe Yezu yatangira nyinshi mu nyigisho ziwe, kandi yahangana n’urugamba uruhe? (b) Ni kubera iki amasinzi y’abantu yatangazwa n’uburyo Yezu yigisha?

9 Ni gute Yezu yari umunyabubasha mu vyo yavuga? Kenshi yigishiriza hanze, nko ku nkengera z’ibiyaga, ku misozi, ku nzira no mu tuguriro. (Mariko 6:53-56; Luka 5:1-3; 13:26) Iyo amajambo yiwe aza kuba adakwegera ubwenge bw’abamwumviriza, bari guca bikurira meza. Mu gihe ibitabu bitari bwatangure kwandikwa, abantu baha agaciro inyigisho za Yezu bategerezwa kuzigama amajambo yiwe mu bwenge no mu mitima yabo. Ni co gituma vyari bikenewe ko inyigisho za Yezu ziba izikwegera cane, zigatahurika bimwe bishitse kandi zikoroha kwibuka. Mugabo urwo rugamba nta ngorane rwatera Yezu. Nk’akarorero, rimbura ya nsiguro yiwe yo ku musozi.

10 Umusi umwe mu gitondo mu ntango z’umwaka wa 31 inyuma ya Kristu, abantu isinzi bari bakoraniye ku nkike y’umusozi hafi y’ikiyaga ca Galilaya. Bamwe bari baturutse i Yudaya n’i Yeruzalemu, hakaba hari urugendo rw’ibilometero biri hagati ya 100 na 110. Abandi bari baje baturutse ahahereranye n’inkengera y’ikiyaga c’i Tiro n’i Sidoni, ahagana mu buraruko. Abantu benshi bari barwaye baregereye Yezu kugira ngo bamukoreko, maze arabakiza bose. Igihe hatari hagisigaye umuntu n’umwe arwaye bikomeye muri bo, yaciye atangura kubigisha. (Luka 6:17-19) Haciye nk’akanya ahejeje kuvuga, baratangajwe n’ivyo bari bumvise. Kubera iki?

11 Haciye imyaka, umwe mu bari barumvise iyo nsiguro yanditse ati: «Amasinzi [yaratangaye] cane kubera uburyo yigisha, kuko yabigisha nk’umuntu afise ububasha.» (Matayo 7:28, 29) Yezu yavugana ububasha bashobora kwiyumvamwo. Yarabigisha ivyo Imana yipfuza ko bamenya kandi inyigisho ziwe akazishingira kw’Ijambo ryayo. (Yohani 7:16) Ivyo Yezu yavuga vyari bitomoye, yahimiriza mu buryo bukwegera, ivyiyumviro vyiwe na vyo bikaba vyari ibidashobora kuvuguruzwa. Amajambo yiwe yarashika ku muzi w’ibibazo, akanashika ku mitima y’abamwumviriza. Yarabigishije uburyo bwo kuronka agahimbare, uburyo bwo gusenga, uburyo bwo kurondera Ubwami bw’Imana, be n’uburyo bwo kwubakira kuri kazoza karangwa n’umutekano. (Matayo 5:3–7:27) Amajambo yiwe yarakangura imitima y’abari banyotewe ukuri n’ubugororotsi. Abantu mwene abo bari n’umutima ukunze wo “kwiyanka” be no guheba ikintu ico ari co cose kugira ngo bamukurikire. (Matayo 16:24; Luka 5:10, 11) Mbega ikimenyamenya c’uko amajambo ya Yezu yari n’ububasha!

Umunyabubasha mu bikorwa

12, 13. Ni mu buryo ubuhe Yezu yari umunyabubasha mu bikorwa, kandi ni ibitangaro bitandukanye ibihe yakoze?

12 Yezu kandi yari umunyabubasha mu bikorwa. (Luka 24:19) Injili zirigana ibitangaro birenga 30 Yezu yakoze, ivyo vyose abikora mu «bubasha bwa Yehova.»b (Luka 5:17) Ibitangaro Yezu yakoze vyaragiriye akamaro abantu ibihumbi n’ibihumbi. Nk’akarorero, Bibiliya irerekana ko igihe kimwe Yezu yagaburiye abagabo 5.000 mu nyuma naho agaburira abandi 4.000. Ushizemwo abagore n’abana, iryo sinzi rishobora kuba ryari rigizwe n’abantu ibihumbi n’ibihumbi!​—Matayo 14:13-21; 15:32-38.

13 Ibitangaro Yezu yakoze vyari binyuranye cane. Yari afise ububasha ku madayimoni, yarayirukana bitamugoye. (Luka 9:37-43) Yari afise ububasha ku vyo Imana yaremye, agahindura amazi umuvinyu. (Yohani 2:1-11) Niwihe ishusho ukuntu abigishwa biwe batangaye igihe “babona Yezu ariko agendera ku mazi.” (Yohani 6:18, 19) Yari n’ububasha ku ndwara, yarakiza ibihimba vy’umubiri vyaba bimugaye, indwara zidakira, be n’indwara zikomakomeye. (Mariko 3:1-5; Yohani 4:46-54) Yagenda arakiza mwene izo ndwara mu buryo butandukanye. Hari abo Yezu yakiza bari kure, abandi na bo akabakiza abakozeko. (Matayo 8:2, 3, 5-13) Bamwebamwe baca ubwo nyene bakira, abandi bagakira intambwe ku yindi.​—Mariko 8:22-25; Luka 8:43, 44.

“Babona Yezu ariko agendera ku mazi”

14. Ni ryari Yezu yagaragaje yuko yari afise ububasha bwo gutuma abapfuye basubira kuba bazima?

14 Mu buryo bwibonekeje, Yezu yari afise ububasha bwo guhindura ubusa urupfu. Mu Vyanditswe haravugwa incuro zishika zitatu aho yazuye abapfuye, arasubiza agakobwa k’imyaka 12 abavyeyi bako, arasubiza umwana w’ikinege nyina wiwe w’umupfakazi, eka aranasubiza umuvukanyi mukundwa bashiki biwe. (Luka 7:11-15; 8:49-56; Yohani 11:38-44) Nta kintu na kimwe camubera amananiza. Yarazuye agakobwa k’imyaka 12 y’amavuka kari ku buriri gahejeje gupfirako. Yarazuye umuhungu w’umupfakazi yari ku nderuzo bamujanye kumuhamba, bigasa n’uko hari ku musi yapfiriyeko nyene. Yarazuye kandi Lazaro amukura mu mva yari amazemwo imisi ine.

Yezu yama akoresha ububasha bwiwe abitumwe n’imvo nziza kandi mu buryo bwiza

15, 16. Ni ibimenyamenya ibihe vy’uko Yezu atari umwikunzi mu kuntu yakoresha ububasha bwiwe?

15 Iyumvire ukuntu ububasha Yezu yari afise bwari gushobora gukoreshwa nabi iyo bushirwa mu minwe y’umutegetsi adatunganye! Mugabo Yezu we yari atunganye. (1 Petero 2:22) Yaranse kwoshwa n’ubwikunzi, uguhahamira ubukuru, be n’umunoho, ivyo bikaba ari vyo bituma abantu badatunganye bakoresha ububasha mu kugirira nabi abandi.

16 Yezu ntiyagira ubwikunzi mu kuntu yakoresha ububasha yari afise, eka mbere ntiyigera abukoresha ku bw’inyungu ziwe bwite. Igihe yari ashonje, yaranse kwihindurira amabuye imikate. (Matayo 4:1-4) Utuntu dukeyi yari atunze ni ikimenyamenya c’uko atigeze akoresha ububasha bwiwe ngo yironkere inyungu zo mu buryo bw’umubiri. (Matayo 8:20) Hariho ibindi bimenyamenya vy’uko ibikorwa vyiwe vy’ububasha atabikora abitumwe n’ubwikunzi. Akoze ibitangaro, yaragira ico atakaje. Igihe yaba akijije abantu, ububasha bwaramuvamwo. Yaramenya yuko ububasha bumuvuyemwo, no mu gihe nyene haba hakize umuntu umwe gusa. (Mariko 5:25-34) Naho vyari ukwo, yararetse amasinzi y’abantu baramukorako, kandi barakira. (Luka 6:19) Ese ukuntu kari agatima kazira ubwikunzi yemwe!

17. Yezu yagaragaje gute yuko yakoresha ububasha bwiwe mu buryo butegereka?

17 Vyongeye, Yezu ntiyigeze akoresha ububasha bwiwe kugira atangaze abandi canke atume bamwemera. (Matayo 4:5-7) Ntiyashatse gukora ibimenyetso kugira gusa ashimishe Herodi. (Luka 23:8, 9) Aho kurata ububasha bwiwe, kenshi Yezu yarasaba abo yaba akijije kutagira umuntu n’umwe babibwira. (Mariko 5:43; 7:36) Ntiyashaka ko abantu bemera ko yari Mesiya kubera gusa bumvise inkuru zitangaje z’ibitangaro yakoze.​—Matayo 12:15-19.

18-20. (a) Kubera iki Yezu yakoresha ububasha bwiwe mu gukora ivyiza? (b) Ubona gute uburyo Yezu yakoresheje mu gukiza umugabo umwe w’umuragi?

18 Uwo mugabo w’umunyabubasha Yezu, yari atandukanye cane na ba batware bakoresha ububasha mu kutitaho abandi mu vyo bakeneye no mu ngorane barimwo. Yezu yari ababaye abantu. Igihe gusa akubise ijisho abababaye vyaramukora ku mutima cane ku buryo vyatuma agira umutima wo kubakiza. (Matayo 14:14) Yaritwararika inyiyumvo zabo n’ivyo bari bakeneye, kandi ukwo kubitwararikana ikibabarwe cinshi ni kwo kwatuma akoresha neza ububasha bwiwe. Akarorero gakora ku mutima tugasanga muri Mariko 7:31-37.

19 Ico gihe, isinzi rinini ryarabonye Yezu hanyuma rimuzanira abantu benshi bari barwaye, araheza arabakiza bose. (Matayo 15:29, 30) Mugabo Yezu yararobanuyemwo umugabo umwe kugira ngo amwitwararike bimwe bidasanzwe. Nya mugabo yari umuragi, kandi ntiyari ashoboye kuvuga atobora. Yezu ashobora kuba yarabonye yuko uwo mugabo yari ahagaritse umutima kandi ko yabuze ico afata n’ico areka. Abigiranye ubwitonzi, Yezu yatwaye nya mugabo ku ruhande, kure y’iryo sinzi, aramwihereranya. Maze Yezu akoresha ibimenyetso kugira ngo amenyeshe uwo mugabo ico yari agiye kugira. «Akoza intoke ziwe mu matwi y’uwo mugabo, azicirako amate, aca amukora ku rurimi.»c (Mariko 7:33) Ubukurikira, Yezu araba hejuru hanyuma ariruhutsa mu gusenga. Ivyo bintu yari akoze vyarafasha uwo muntu gutahura ko Imana ari yo yari ihaye Yezu ububasha bwo kumukiza. Amaherezo, Yezu yavuze ati: «Zibuka.» (Mariko 7:34) Avuze ivyo, uwo mugabo arazibuka amatwi, abona gushobora kuvuga nk’uko bisanzwe.

20 Ese ukuntu bikora ku mutima wiyumviriye yuko mbere n’igihe Yezu yaba ariko arakoresha ububasha yahawe n’Imana mu gukiza abababaye, yagaragaza ko ababaye inyiyumvo zabo! None ntibidusubiriza umutima mu nda kumenya yuko Yehova yashize Ubwami bwa Mesiya mu maboko ya mwene uwo Mutware w’umunyakibabarwe kandi yubahiriza abandi?

Integuza y’ibintu biraririye gushika

21, 22. (a) Ibitangaro Yezu yakoze vyerekana iki? (b) Kubera ko Yezu ategeka inguvu zo mu bidukikije, dushobora kwitega iki mu gihe c’ubutware bw’Ubwami bwiwe?

21 Ibikorwa bikomeye Yezu yaranguye kw’isi vyari iranguka ry’akantu gatoya kerekana imihezagiro ihambaye kuruta iraririye kuza mu gihe c’ubutware bwiwe. Mw’isi nshasha y’Imana, Yezu azosubira gukora ibitangaro, mugabo ico gihe akazobikora kw’isi yose! Rimbura bimwebimwe mu bintu bishimishije twiteze.

22 Yezu azosubiza amategeko agenga ibidukikije ku burimbane butunganye. Ibuka yuko yagaragaje ko ategeka inguvu z’ibiriho mu guhwamika umuyaga w’igihuhusi. Nta mazinda rero yuko mu gihe c’ubutware bw’Ubwami bwa Kristu, abantu batazokwirirwa baratinya ko bohava bagirirwa nabi n’ibivumbuzi, nyamugigima, ibirunga canke ibindi vyago vy’ivyaduka. Kubera yuko Yezu ari umukozi w’umuhanga, Yehova akaba ari we yakoresheje mu kurema isi be n’ibintu vyose biyiriko, arazi neza ibintu bigize isi. Arazi uburyo bwo gukoresha ubutunzi bwayo mu buryo bubereye. Mu gihe c’ubutware bwiwe, iyi si yose uko ingana izohinduka Iparadizo.​—Luka 23:43.

23. Yezu azoshitsa gute ivyo abantu bakeneye igihe azoba ari Umwami?

23 Tuvuge iki ku vyo abantu bakenera? Ubushobozi Yezu afise bwo kugaburira abantu ibihumbi ivyo kurya umukimba akoresheje udufungurwa dukeyi, buradukura amazinda yuko ubutware bwiwe buzokuraho inzara. Imfungurwa umurengera, izizogabanganywa ata mwana n’ikinono, zizotuma ata wuzosubira kumenya n’iyo inzara yaciye. (Zaburi 72:16) Ububasha afise ku ndwara buratwereka yuko abarwayi, impumyi, abaragi n’abamugaye bazokira ata gahaze kandi ubutagisubira kurwara. (Yesaya 33:24; 35:5, 6) Ubushobozi afise bwo kuzura abapfuye buradukura amazinda yuko ububasha afise bwa Mwami wo mw’ijuru burimwo n’ububasha bwo kuzura abantu amamiliyoni adaharurika Se ahimbarwa no kwibuka.​—Yohani 5:28, 29.

24. Uko turimbura ububasha Yezu afise, dukwiye kwamiza iki mu muzirikanyi, kandi kubera iki?

24 Uko turimbura ububasha Yezu afise, nimuze twamize mu muzirikanyi yuko uwo Mwana yigana Se neza na neza. (Yohani 14:9) Gutyo ingene Yezu akoresha ububasha biraduha ishusho itomoye y’ukuntu Yehova akoresha ububasha bwiwe. Nk’akarorero, niwiyumvire ingene Yezu yakijije umunyamibembe umwe n’ikibabarwe cinshi. Abitumwe n’akagongwe, Yezu yarakoze kuri uwo muntu maze avuga ati: «Ndabishaka!» (Mariko 1:40-42) Biciye ku nkuru nka mwene iyo, mu vy’ukuri Yehova aba ariko aravuga ati: “Kuriya ni ko jewe nkoresha ububasha bwanje!” None ntiwumva uvyuriwe umutima wo gushemeza Imana yacu Mushoboravyose be no gukenguruka ukuba ikoresha ububasha bwayo muri mwene ubwo buryo buranga urukundo?

a Ibihuhusi biza bukwi na bukwi birakunda gushika ku kiyaga ca Galilaya. Bitumwe n’uko urugero rw’ico kiyaga ruri hasi (nko ku metero 200 munsi y’urugero rw’ibahari), akayaga usanga gashuha kuruta mu turere tuhakikije, maze ivyo bigatuma ikirere kiza kiravurungana. Imiyaga ikomeye ivuye ku musozi Herumoni iza irisuka ku kiyaya ca Yorodani, uhereye mu buraruko. Iyo haciye akanya hatekanye, mu kandi kanya hashobora kwaduka igihuhusi gitema kigatongora.

b Ikindi kandi, izo Njili hari igihe zidondora ibitangaro vyinshi mu buryo bumwe gusa, zikabivugira hamwe. Nk’akarorero hari igihe «igisagara cose» caje kumuraba, maze akiza abarwaye «benshi.»​—Mariko 1:32-34.

c Gucira amate bwari uburyo canke ikimenyetso co gukiza cari cemewe n’Abayuda be n’abanyamahanga, kandi gukoresha amate mu kuvura biravugwa mu nyandiko z’abarabi. Yezu ashobora kuba yaciriye amate kugira gusa yereke uwo mugabo yuko yari agiye gukizwa. Ivyo ari vyo vyose, Yezu ntiyariko akoresha amate yiwe bwa kintu gisanzwe kivura.

Ibibazo vy’ukuzirikanako

  • Yesaya 11:1-5 Yezu agaragaza gute “impwemu y’ubushobozi”, kandi ni icizigiro nyabaki dushobora kugira ata gukekeranya muri uwo mutware?

  • Mariko 2:1-12 Ugukiza mu buryo bw’igitangaro kwa Yezu kugaragaza yuko yahawe ubukuru ubuhe?

  • Yohani 6:25-27 Naho Yezu yaronkeje abantu ivyo bari bakeneye mu vy’umubiri, intumbero nyamukuru yatuma arangura ubusuku bwiwe yari iyihe?

  • Yohani 12:37-43 Ni kubera iki abantu bamwebamwe biboneye ibitangaro vya Yezu batamwizeye, kandi ivyo dushobora kuvyigirako iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika