Inkuru z’Ubwami No. 37
Ubutumwa bushikirizwa kw’isi yose
Idini ry’ikinyoma rigiye gukurwaho!
▪ Idini ry’ikinyoma ni irihe?
▪ Rizokurwaho gute?
▪ Hoba hari ingaruka bizogira kuri wewe?
Idini ry’ikinyoma ni irihe?
Woba ubabazwa n’amabi akorwa mw’izina ry’idini? Bitumwe n’ukuntu usanzwe ubona ubutungane, woba ubabazwa n’intambara, iterabwoba be n’ibiturire, bikorwa n’abavuga ngo bakorera Imana? Ni kubera iki idini risa n’uko ari ryo muzi w’ingorane nyinshi cane?
Si amadini yose yobazwa ivyo bintu, ahubwo vyobazwa idini ry’ikinyoma. Umuntu yubahwa n’abantu benshi mu vy’Imana, uwo na we akaba ari Yezu Kirisitu, yarerekanye ko idini ry’ikinyoma ryama ibikorwa bibi, nka kurya nyene “igiti kibi cama [ivyamwa] bibi” (Matayo 7:15-17). Ni ivyamwa ibihe none idini ry’ikinyoma ryama?
Idini ry’ikinyoma . . .
◼ RIRISUKA MU NTAMBARA NO MU VYA POLITIKE: Ikinyamakuru kimwe (Asiaweek) kivuga giti: “Muri Aziya be no mu yindi mihingo, indongozi z’amadini zinyotewe ubutegetsi usanga n’ubwikunzi n’akantu zica ku vyiyumviro abantu bafise mu vy’idini kugira zishike ku vyo zironderera”. Ku bw’ivyo, ico kinyamakuru kigabisha giti: “Isi ihakwa kurwara ibisazi”. Hari umukuru w’idini akomeye cane wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yavuze ati: “Kugira ubwicanyi buhagarare, bagaterabwoba bategerezwa kubanza kwicwa”. Umuti yatanze none ni uwuhe? Yavuze ati: “Nimubice bose mw’izina ry’Imana”. Igihushanye n’ivyo, Bibiliya ivuga iti: “Umuntu ni yavuga, ati Nkunda Imana, akanka mwene Data wundi, aba ar’umubeshi” (1 Yohana 4:20). Yezu mbere yavuze ati: “Mukunde abansi banyu” (Matayo 5:44). Wibaza ko ari amadini angahe abari muri yo bataja mu ntambara?
◼ RIRAKWIRAGIZA INYIGISHO Z’IKINYOMA: Amadini menshi yigisha yuko ngo icitwa impwemu canke umutima w’ubwenge ari igihimba kinaka kitaboneka kiri mu muntu kibandanya kubaho iyo umubiri upfuye. Menshi muri ayo madini, akoresheje iyo nyigisho, arungukira ku banywanyi babo, mu kubarihisha amahera yo gusabira ico bita imitima y’ubwenge y’abasandavye. Yamara, Bibiliya yigisha ibihushanye n’ivyo. Ivuga iti: “Ereg’abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi” (Umusiguzi 9:5). Yezu yigishije ko abapfuye bazozuka, ugaca ubona yuko bitoba bikenewe ko bazurwa iyaba abantu bafise umutima w’ubwenge udapfa (Yohana 11:11-25). Idini urimwo ryoba ryigisha ko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa?
◼ RIRARENZA URUHO RW’AMAZI KU BUHUMBU: Mu bihugu bimwebimwe vyo muri Amerika n’i Buraya, usanga hari amadini yatira abagabo basambana n’abandi bagabo be n’abagore basambana n’abandi bagore, mu mabanga yo kurongora amashengero, akongera agasaba ashimitse intwaro ngo zemere ko abasangiye igitsina bubakana. Mbere n’amadini yitwa ngo ariyamiriza ubuhumbu nta co yakoze ku bijanye n’indongozi zayo zononye abana. Ariko none Bibiliya yigisha iki? Ivuga itomoye iti: “Ntimuzimire: abashakanyi, cank’abasenga ibigirwamana, cank’abasambanyi, cank’abagabo bendwa, cank’abagabo bendana . . . ntibazoragwa ubgami bg’Imana” (1 Ab’i Korinto 6:9, 10). Hari amadini woba uzi arenza uruho rw’amazi ku buhumbu?
None ni ibiki bizoshikira amadini yama ivyamwa bibi? Yezu yagabishije ati: “Igiti cose kitama ivyiza kiracibga, kigatererwa mu muriro” (Matayo 7:19). Nta nkeka, idini ry’ikinyoma rizocibwa, risangangurwe! Mugabo none, ivyo bizogenda gute kandi bizoba ryari? Ibintu vy’ubuhanuzi vyerekanywe nko mu ndoto, vyanditswe mu gitabu co muri Bibiliya c’Ivyahishuriwe ikigabane ca 17 be n’ica 18, biratanga inyishu.
Idini ry’ikinyoma rizokurwaho gute?
Niwihe ishusho y’ibi bintu. Hari imaraya yicaye ku gikoko giteye ubwoba. Ico gikoko gifise imitwe indwi n’amahembe cumi (Ivyahishuriwe 17:1-4). Iyo maraya igereranya nde? Irosha “abami bo kw isi”. Yambaye impuzu z’inyambarabami, igakoresha imibavu, kandi ikaba ifise itunga ry’umurengera. N’ikindi kandi, ‘amahanga yose ahendwa’ n’ubupfumu bwayo (Ivyahishuriwe 17:18; 18:12, 13, 23). Bibiliya iradufasha gutahura ko iyo maraya ari amadini yo mw’isi. Ntigereranya idini rimwe gusa, mugabo igereranya amadini yose yama ivyamwa biboze.
Ico gikoko iyo maraya igenderako kigereranya intwaro zo kw’isia (Ivyahishuriwe 17:10-13). Idini ry’ikinyoma rigendera kuri ico gikoko c’ivya politike, rikagerageza kucosha ku ngingo gifata no kukiyobora iyo kija.
Ariko rero, ubu bwa vuba hari ikintu gitangaje kigiye gushika. Bibiliya ivuga iti: “Ya mahembe cumi wabonye na ca gikōko bizokwanka uwo maraya, bizomuzingazinga, bimukobe, birye inyama ziwe, bimutongoze umuriro” (Ivyahishuriwe 17:16). Bukwi na bukwi kandi mu buryo bw’agahomerabunwa, intwaro zo kw’isi zizohindukirira idini ry’ikinyoma zirisangangure! Ni igiki kizotuma izo ntwaro zikora ivyo? Igitabu ca Bibiliya c’Ivyahishuriwe kiratanga inyishu y’ico kibazo. Kivuga giti: ‘Imana yashize mu mitima yabo gukora ivyo yagabiye’ (Ivyahishuriwe 17:17). Ni vyo, Imana izobaza idini ry’ikinyoma amabi y’agahomerabunwa ryakoze mw’izina ryayo. Imana ibigiranye ubutungane bwayo butagira agahaze, izokoresha abakunzi baryo bo mu vya politike ngo bashitse urubanza rwayo.
Ubwirizwa gukora iki nimba udashaka gushikirwa n’ibiraririye gushikira idini ry’ikinyoma? Intwarabutumwa y’Imana itera aka kamo kagira gati: “Bantu banje, ni muve i we” (Ivyahishuriwe 18:4). Emwe, ubu ni co gihe co guhunga ukava mw’idini ry’ikinyoma! Mugabo none, ni hehe ushobora guhungira? Si mu batemera Imana, kuko na bo nyene bafise kazoza kabi (2 Ab’i Tesalonike 1:6-9). Aho wohungira honyene ni mw’idini ry’ukuri. Ushobora gute kumenya idini ry’ukuri?
Uburyo bwo kumenya idini ry’ukuri
Ni ivyamwa vyiza ibihe idini ry’ukuri rikwiye kwama?—Matayo 7:17.
Idini ry’ukuri . . .
◼ RIRAGARAGAZA URUKUNDO: Abasavyi b’Imana bukuri “s’ab’isi”, nta macakubiri ari hagati yabo ashingiye kw’ibara ry’urukoba canke ku mico kama, kandi ‘baragiranira urukundo’ (Yohana 13:35; 17:16; Ivyakozwe n’intumwa 10:34, 35). Aho kwicana, umwe wese muri bo ariteguriye kwigura mugenziwe.—1 Yohana 3:16.
◼ RIRIZIGIRA IJAMBO RY’IMANA: Aho kwigisha “imigenzo” canke “ivyagezwe n’abantu”, idini ry’ukuri rishingira inyigisho zaryo kw’Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya (Matayo 15:6-9). Kubera iki? Kubera ko “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya”.—2 Timoteyo 3:16.
◼ RIRAKOMEZA IMIRYANGO RIKONGERA RIGASHIGIKIRA INGINGO NFATIRWAKO ZIRI HEJURU ZIJANYE N’UKWIGENZA RUNTU: Idini ry’ukuri ririgisha abanega ‘gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite’, rigafasha abakenyezi gutsimbataza ‘ukwubaha abagabo babo’, rikongera rikigisha abana ‘kwumvira abavyeyi babo’ (Abanyefeso 5:28, 33; 6:1). N’ikindi kandi, abajejwe amabanga bategerezwa kuba intangakarorero mu vyo kwigenza runtu.—1 Timoteyo 3:1-10.
Hoba hari idini rishitsa ivyo bintu duhejeje kuvuga? Igitabu citwa Politike y’ubwicanyi bw’agahomerabunwa (mu congereza) casohowe mu 2001, kivuga giti: “Iyaba abantu benshi bakurikiza ivyo Ivyabona vya Yehova bigisha n’ivyo bakora, kwa gutikiza Abayahudi kwagirwa n’Abanazi ntikwari kuba, kandi nta honyabwoko ryokwongeye gutera umubabaro mw’isi”.
Mu vy’ukuri, mu bihugu 235, Ivyabona vya Yehova ntibigisha gusa ingingo mfatirwako za Bibiliya zijanye n’ukwigenza runtu, ariko kandi babaho bazisunga. Tukuremesheje gusaba Ivyabona vya Yehova ngo bagufashe kwiga ivyo Imana igusaba kugira ushobore kuyisenga mu buryo yemera. Ubu ni co gihe co kugira ico ukoze. Ntutebe. Idini ry’ikinyoma rigiye gukurwaho!—Zefaniya 2:2, 3.
Nimba ushaka kumenya n’ibindi ku vyerekeye ubutumwa bushingiye kuri Bibiliya Ivyabona vya Yehova bigisha, ntiwitinye kubandikira ukoresheje iyo aderese iri aho hepfo.
□ Ata co ndinze gusabwa, ndabasavye mundonse agatabu Mwame mugavye!
□ Ndabasavye mumenyeshe ibijanye n’inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana igirwa ku buntu.
[Akajambo kw’epfo]
a Nimba ushaka kumenya insobanuro zishika kure z’ivyo, raba agatabu Mwame Mugavye!, urupapuro rwa 12 n’urwa 13, kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Iciyumviro ku rup. 3]
“Bantu banje, ni muve i we”
[Iciyumviro ku rup. 3]
Idini ry’ikinyoma rirosha “abami bo kw isi”