ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yp2 rup. 227
  • Akarorero wokwigana—Paulo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akarorero wokwigana—Paulo
  • Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Ivyo bijanye
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Yezu yoba vy’ukuri yapfiriye jewe?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • “Nimwumve ukwiregura kwanje”
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Incungu ya Kirisitu—Ni Yo Nzira Imana Ikirizamwo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Ibindi
Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
yp2 rup. 227

Akarorero wokwigana—Paulo

Intumwa Paulo ariyizi neza. Ariyemerera adahisha ati: “Iyo nshatse gukora ikigororotse, ikibi kibana nanje.” Paulo aripfuza gukora ivyiza. Yandika ati: “Mu vy’ukuri ndahimbarwa n’itegeko ry’Imana nk’uko umuntu ndi imbere muri jewe ari.” None ingorane afise ni iyihe? Avuga ati: “Mbona . . . irindi tegeko rirwanya itegeko ry’umuzirikanyi wanje rikanjana ndi imbohe kw’itegeko ry’igicumuro riri mu bihimba vyanje.” Paulo arababazwa n’amakosa akora. Avugana akababaro ati: “Ewe jewe ndagowe!”—Abaroma 7:21-24.

Amakosa ukora yoba atuma ubona ko ugowe? Nimba ari ukwo biri, niwibuke ko na Paulo rimwe na rimwe vyamushikira. Ariko Paulo yaribuka kandi ko Kristu yapfiriye abantu bameze nka we, ivyo bikaba vyatumye avuga ati: “Hashimirwe Imana biciye kuri Yezu Kristu Umukama wacu!” (Abaroma 7:25) Paulo yabona ko incungu ari ingabirano we ubwiwe yahawe. Yanditse ati: ‘Umwana w’Imana yarankunze aranyigura.’ (Abagalatiya 2:20) Igihe wumva ucitse intege, nuce uzirikana ku ncungu. Nimba na ho amakosa ukora atuma udendebukirwa, ntiwigere wibagira ko Kristu yapfiriye abacumuzi, atapfiriye abantu batunganye.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika