ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bm igice 16 rup. 19
  • Mesiya ashika

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Mesiya ashika
  • Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Ivyo bijanye
  • Bararindiriye Mesiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Yezu Kristu ni nde?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Yezu Kristu ni nde?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Mesiya! ni we Imana ikoresha kugira ngo iturokore
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
bm igice 16 rup. 19
Yohani ariko arabatiza Yezu

IGIHIMBA CA 16

Mesiya ashika

Yehova aramenyesha ko Yezu w’i Nazareti, ari we Mesiya yari amaze igihe kirekire yarasezeranywe

YEHOVA yoba yofashije abantu kumenya Mesiya yari yarasezeranywe? Egome. Rimbura ivyo Imana yakoze. Hari haciye nk’ibinjana bine Ivyanditswe vy’igiheburayo birangiye kwandikwa. Mu gisagara citwa Nazareti, mu karere ko mu Buraruko bwa Galilaya, inkumi yitwa Mariya yaragendewe n’umuntu itari yiteze namba. Umumarayika yitwa Gaburiyeli yaramwiyeretse maze amubwira ko Imana yari igiye gukoresha inguvu ikora yayo, ari yo mpwemu yayo nyeranda, kugira ngo itume asama inda maze avyare umwana w’umuhungu, naho yari akiri isugi. Uwo mwana ni we yobaye wa Mwami yari amaze igihe kirekire yarasezeranywe, akaba yoganje ibihe bidahera! Uwo mwana yobaye ari Umwana w’Imana bwite, Imana ikaba yokwimuriye ubuzima bwiwe mu nda ya Mariya ibukuye mw’ijuru.

Mariya yaremeye abigiranye ukwicisha bugufi ico gikorwa giteye akoba yari ashinzwe. Uwari amureheje, uno akaba yari umubaji yitwa Yozefu, yarubakanye na we inyuma y’aho Imana irungikiye umumarayika ngo amukure amazinda ku bijanye n’igituma Mariya yari yibungenze. Ariko none, bite ho ku bijanye n’ubuhanuzi bwavuga yuko Mesiya yovukiye i Betelehemu? (Mika 5:2) Ico gisagara gitoyi cari nko ku bilometero 140 uvuye i Nazareti!

Hari umutegetsi w’Umuroma yategetse ko abantu bose bisansumisha. Abantu basabwa kuja kwiyandikishiriza mu gisagara bavukiyemwo. Bigaragara ko Yozefu na Mariya bompi bari bavukiye i Betelehemu, akaba ari co gituma Yozefu yaciye atwara umukenyezi wiwe yari yibungenze muri ico gisagara. (Luka 2:3) Mariya yibarukiye mu ruhongore rubayabaye, aca aryamika uruyoya rwiwe mu bwato bw’inka. Imana yaciye irungika abamarayika isinzi kugira ngo babwire umugwi w’abungere bari ku musozi yuko umwana yari ahejeje kuvuka ari we Mesiya yari yarasezeranywe, canke Kristu.

Mu nyuma, hari n’abandi bokwemeje ko Yezu ari we Mesiya yari yarasezeranywe. Umuhanuzi Yesaya yari yaravuze ko hobonetse umuntu yociriye inzira igikorwa gihambaye cane Mesiya yokoze. (Yesaya 40:3) Iyo nteguza yari Yohani Umubatizi. Igihe yabona wa mugabo Yezu, yavuze n’ijwi rirenga ati: “Raba, Umwagazi w’intama w’Imana ukuraho igicumuro c’isi!” Bamwebamwe mu bigishwa ba Yohani baciye ubwo nyene bakurikira Yezu. Umwe muri bo yavuze ati: “Twabonye Mesiya.”—Yohani 1:29, 36, 41.

Harabonetse ibindi bimenyamenya. Igihe Yohani yabatiza Yezu, Yehova ubwiwe yaravuze ari mw’ijuru. Abicishije ku mpwemu nyeranda, yaragenye Yezu ngo abe Mesiya maze avuga ati: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye.” (Matayo 3:16, 17) Mesiya yari amaze igihe kirekire yarasezeranywe yari ashitse!

Ivyo none vyabaye ryari? Mu mwaka wa 29 G.C., igihe nyene ya myaka 483 yari yaravuzwe na Daniyeli yarangira. Emwe, ico ni kimwe mu bimenyamenya ntasubirwamwo vyerekana ko Yezu ari Mesiya, canke Kristu. Ariko none ni ubutumwa ubuhe yokwamamaje igihe yobaye ari ng’aha kw’isi?

​—Bivugwa muri Matayo ikigabane ca 1 gushika ku ca 3; Mariko ikigabane ca 1; Luka ikigabane ca 2; Yohani ikigabane ca 1.

  • Yehova yakoresheje gute abamarayika kugira ngo amenyeshe ko Yezu ari we Mesiya?

  • Imana yakoresheje gute Yohani Umubatizi kugira ngo yerekana ko Yezu ari we Mesiya?

  • Yehova ubwiwe yerekanye gute ko Umwana wiwe ari we Mesiya?

NI UMWANA W’IMANA MU BURYO UBUHE?

Yehova ni Se wa Yezu, mugabo atari mu buryo bisanzwe bimeze ku bijanye na ba se b’abantu. Yezu ntiyasamwe n’umugore, ahubwo yaremwe n’Imana. Nkako, ni we muntu wa mbere Yehova yaremye. (Abakolosayi 1:15-17) Kubera ko Yehova yatumye Yezu agira ubuzima mu kumurema, arashobora kwitwa Se wiwe. Inyuma y’aho Yehova aremeye uwo Mwana wiwe w’impwemu, yaramukoresheje ari “umukozi w’umuhanga” mu gutuma ibindi bintu vyose bibaho, ushizemwo n’ibiri mu kirere vyose.—Imigani 8:30.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika