ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bm igice 15 rup. 18
  • Umuhanuzi ari mu bunyagano yerekwa ibizoba

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umuhanuzi ari mu bunyagano yerekwa ibizoba
  • Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Ivyo bijanye
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Daniyeli
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Nutege Yompi Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana Ryerekeye Igihe Cacu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye Daniyeli?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Imana yoba vy’ukuri ikubabaye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
bm igice 15 rup. 18
Igishusho Nebukadinezari yarose

IGIHIMBA CA 15

Umuhanuzi ari mu bunyagano yerekwa ibizoba

Daniyeli aravuga ubuhanuzi bwerekeye Ubwami bw’Imana be n’ukuza kwa Mesiya. Babiloni iratemba

DANIYELI, uno akaba yari uwukiri muto afise ugutungana kudasanzwe, yaratwawe mu bunyagano i Babiloni imbere y’uko Yeruzalemu hasangangurwa. We hamwe n’abandi Bayuda bamwebamwe, bose bakaba bajanywe inyagano bakuwe mu bwami bw’Ubuyuda bwari bwaneshejwe, barahawe umwidegemvyo ku rugero runaka n’abari babagize inyagano. Mu kiringo kirekire Daniyeli yamaze i Babiloni, yarahezagiwe cane n’Imana, aranarokorwa mu cobo c’intambwe yongera arerekwa ibintu vyatumye atahura ivyobaye kure cane muri kazoza. Ubuhanuzi buhambaye kuruta ubundi bwose Daniyeli yavuze bwibanze canecane kuri Mesiya n’ubutegetsi bwiwe.

Daniyeli aramenya igihe Mesiya yoshikiyeko. Daniyeli yarabwiwe igihe abasavyi b’Imana bokwiteze ugushika kwa “Mesiya Segaba,” aho na ho hakaba hobaye haciye amayinga 69 agizwe n’imyaka, itegeko ryo gusubira kuvyura no kwubaka impome za Yeruzalemu ritanzwe. Iyinga risanzwe rigizwe n’imisi indwi, iyinga rigizwe n’imyaka na ryo, ni imyaka indwi. Nya tegeko ryatanzwe haciye igihe kirekire Daniyeli yarapfuye, ni ukuvuga, mu 455 B.G.C. Aho ni ho ya “mayinga” 69, ayangana n’imyaka 483, atangurira, akarangira mu mwaka wa 29 G.C. Mu gice gikurikira co muri aka gatabu, turaza kubona ivyabaye muri uwo mwaka. Daniyeli yareretswe kandi ko Mesiya ‘yokuweho,’ canke yokwishwe, kugira ngo abe impongano y’igicumuro.—Daniyeli 9:24-26.

Mesiya yobaye Umwami mw’ijuru. Mu bintu vy’imbonekarimwe Daniyeli yeretswe abona mw’ijuru ubwaho, yarabonye Mesiya, uwavuzwe ko ari “uwusa n’Umwana w’umuntu,” yegera intebe y’ubwami ya Yehova ubwiwe. Yehova yaramuhaye “inganji n’icubahiro n’ubgami.” Ubwo Bwami bwokwamyeho. Daniyeli yaramenye ayandi makuru y’ido n’ido ateye akamwemwe yerekeye Ubwami burongowe na Mesiya, na yo akaba ari ay’uko uwo Mwami yofadikanije n’abandi kuganza, bano bakaba bavugwa ko bagize umugwi w’“abera b’Īsumba vyose.”—Daniyeli 7:13, 14, 27.

Ubwo Bwami buzokuraho intwaro z’ino si. Imana yarahaye Daniyeli ubushobozi bwo gusobanura indoto yari yatesheje umutwe Nebukadinezari, umwami wa Babiloni. Uwo mwami yari yabonye igishusho amahero gifise umutwe w’inzahabu, igikiriza n’amaboko bikaba ivy’ifeza, inda n’amatako bikaba ivy’umujumbu, amaguru akaba ay’icuma, ibirenge na vyo bikaba vyari ivy’ifeza ivanze n’ibumba. Ibuye risituwe ku musozi ryarikubise kuri vya birenge bidakomeye vy’ico gishusho maze rirakimenagura gicika ifu. Daniyeli yasiguye ko ibihimba vy’ico gishusho vyagereranya intwaro nganzasi zogiye zirakurikirana mu kiringo kirekire, uhereye kuri Babiloni ari yo mutwe waco w’inzahabu. Daniyeli yareretswe ko mu gihe c’intwaro ya nyuma yobaye iganza iyi si mbi, Ubwami bw’Imana bwogize ico bukoze. Bwomenaguye intwaro zose z’iyi si, maze bugaca buganza ibihe vyose.—Daniyeli, ikigabane ca 2.

Daniyeli yararamvye cane maze aribonera ugutemba kwa Babiloni. Umwami Kuro yarasanganguye ico gisagara nk’uko nyene abahanuzi bari barabivuze. Budakeye na kabiri ivyo bibaye, ni ho Abayuda baza bakurwa mu bunyagano barimwo, kuri ca gihe nyene cavugwa, igihugu cabo kimaze imyaka 70 ari umusaka. Abayuda bayobowe na ba buramatari, abaherezi be n’abahanuzi b’abizigirwa, bahavuye basubira kwubaka Yeruzalemu bongera barasubira kuvyura urusengero rwa Yehova. Ariko none ni igiki cobaye ya myaka 483 irangiye?

​—Bivugwa mu gitabu ca Daniyeli.

  • Ni ibiki Daniyeli yamenye ku vyerekeye Mesiya hamwe n’Ubwami bw’Imana?

  • Ubwami bw’Imana bwogize ico bukoze gute ku ntwaro z’iyi si?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika