ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/9 rup. 17-rup. 20 ing. 10
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Daniyeli

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Daniyeli
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INKURU Y’UKUNTU IBINTU VYAGIYE BIRAKURIKIRANA ITWIGISHA IKI?
  • (Daniyeli 1:1–6:28)
  • IVYO DANIYELI YERETSWE BIHISHURA IKI?
  • (Daniyeli 7:1–12:13)
  • Yehova ‘araha umugisha abamwubaha’
  • Nutege Yompi Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana Ryerekeye Igihe Cacu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye Daniyeli?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Imana yoba vy’ukuri ikubabaye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Niwigane Daniyeli
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/9 rup. 17-rup. 20 ing. 10

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Daniyeli

IGITABU kimwe c’inyizamvugo (Holman Illustrated Bible Dictionary) kigira giti: “Igitabu ca Daniyeli ni kimwe mu bitabu vyo muri Bibiliya bishimishije kuruta ibindi. Cuzuyemwo ukuri kudata igihe”. Inkuru Daniyeli atwiganira itangurira ku biba mu 618 B.G.C., igihe Umwami Nebukadinezari w’i Babiloni aza i Yeruzalemu akugariza ico gisagara maze akajana “bamwe bo mu Bisirayeli” mu bunyagano i Babiloni (Daniyeli 1:1-3). Muri bo harimwo uwukiri muto Daniyeli, uwushobora kuba yari umuyabaga ico gihe. Igitabu ca Daniyeli gisozera inkuru kivuga, Daniyeli akiri i Babiloni. Ubu Daniyeli yegereje imyaka 100, arahabwa n’Imana umuhango ugira uti: “Uzoruhuka, kand’uzohagarara mu mugabane wawe, kw iherezo ry’iyo misi”.​—Daniyeli 12:13.

Mu gihe igice ca mbere c’igitabu ca Daniyeli gishikirizwa mu muvugwa wa gatatu kandi hisunzwe ukuntu ibivugwamwo vyagiye birakurikirana, igice kigira kabiri co canditswe mu muvugwa wa mbere. Ico gitabu, icanditswe na Daniyeli, kirimwo ubuhanuzi bwerekeye uguhaguruka n’ugutemba kw’intwaro nganzasi, igihe c’ukuza kwa Mesiya, be n’ibintu biba muri kino gihe cacua. Uwo muhanuzi ageze mu zabukuru aratereza kandi amaso inyuma akibuka ikiringo kinini c’ubuzima bwiwe, maze agaca atwiganira ibintu bituremesha kuba abantu bubaha Imana kandi batayidohokako. Ubutumwa Daniyeli ashikiriza ni buzima kandi burafise ububasha.​—Abaheburayo 4:12.

INKURU Y’UKUNTU IBINTU VYAGIYE BIRAKURIKIRANA ITWIGISHA IKI?

(Daniyeli 1:1–6:28)

Turi mu 617 B.G.C. Daniyeli n’abasore bagenziwe batatu ari bo Shaduraka, Meshaki na Abedunego, bari ku kirimba c’i Babiloni. Mu myaka itatu abo basore bamara bamenyerezwa ibijanye n’ubuzima bwo ku kirimba, baguma ari intadohoka ku Mana. Nk’imyaka umunani inyuma y’ukwo kumenyerezwa, Umwami Nebukadinezari ararota indoto igoye gutahura. Daniyeli aramenyesha uwo mwami iyo ndoto akongera akayimusobanurira. Uwo mwami aremera ko Yehova ari we “Mana nya mana”, “Shebuja w’abami” kandi ko ari we “[a]hishura amabanga” (Daniyeli 2:47). Ariko rero, haciye igihe gito, bisa n’uko Nebukadinezari yibagira ico cigwa. Igihe ba bagenzi batatu ba Daniyeli banka gusenga igishushanyo amahero, uwo mwami aca ategeka ko batabwa mw’itanure ryaka umuriro. Imana y’ukuri irarokora abo basore batatu, maze bigatuma Nebukadinezari ategerezwa kwemera ko “ata yindi mana iriho ishobora gukiza [bene ubwo] buryo”.​—Daniyeli 3:29.

Nebukadinezari ararota iyindi ndoto itekeye insobanuro. Arabona igiti c’inganzamarumpu cicirwa, maze kikabuzwa gusubira gukura. Daniyeli aratanga insobanuro y’iyo ndoto. Iyo ndoto iragira igice c’iranguka igihe Nebukadinezari acika umusazi maze mu nyuma agakira. Hashize imyaka mirongo, Umwami Belushaza arategurira amazimano menshi abaganwa biwe, maze n’akagaye n’akantu agakoresha ibintu vy’imbombovu vyakuwe mu rusengero rwa Yehova. Muri iryo joro nyene, Belushaza aricwa maze Dariyo Umumedi agashikira ingoma (Daniyeli 5:30, 31). Ku ngoma ya Dariyo, igihe Daniyeli afise imyaka irenga 90, abakuru b’abanyeshari baragira umugambi wo kwicisha uwo muhanuzi ageze mu zabukuru. Yamara Yehova aramurokora “mu menyo y’intambge”.​—Daniyeli 6:27.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

1:11-15​—Imfungurwa z’insoromano zoba ari zo zatumye mu maso ha ba basore bane b’Abayuda haba heza? Ihibambewe! Nta mfungurwa zoshobora gutuma umuntu ahinduka gutyo mu misi cumi gusa. Ukwo guhinduka mu maso kw’abo basore b’Abaheburayo vyavuye kuri Yehova, we yabahezagiye kubera ko bamwizigiye.​—Imigani 10:22.

2:1​—Ni ryari Nebukadinezari yarose ibijanye na ca gishushanyo amahero? Inkuru ivyigana ivuga ko hari “mu mwaka ugira kabiri Nebukadineza ari ku ngoma”. Uwo mwami yagiye ku ngoma mu 624 B.G.C. Ni ukuvuga rero ko umwaka ugira kabiri w’ingoma yiwe woba watanguye mu 623 B.G.C., aho hakaba hari hasigaye imyaka itari mike ngo atere Ubuyuda. Muri uwo mwaka, Daniyeli ntiyari gushobora kuba ari i Babiloni kugira ngo asobanure iyo ndoto. Biragaragara rero ko uwo “mwaka ugira kabiri” uharurwa uhereye mu 607 B.G.C., igihe umwami w’i Babiloni yasangangura Yeruzalemu maze akaba umutegetsi w’intwaro nganzasi.

2:32, 39​—Ni mu buryo ki ubwami bugereranywa n’igice kigizwe n’ifeza butari bukomeye nk’ubugereranywa n’umutwe w’inzahabu, kandi ni gute ubwami bugereranywa n’igice kigizwe n’umuringa butari bukomeye nk’ubugereranywa n’igice c’ifeza? Inganji y’Abamedi n’Abaperesi, kuri ca gishushanyo ikaba yagereranywa n’igice kigizwe n’ifeza, ntiyanganya gukomera n’Inganji ya Babiloni yagereranywa n’umutwe w’inzahabu, mu buryo bw’uko Abamedi n’Abaperesi batakoreshejwe mu gutembagaza Ubuyuda. Inganji yakurikiye yabaye Ubugiriki, iyo na yo ikaba igereranywa n’igice kigizwe n’umuringa. Ubugiriki na bwo ntibwanganya gukomera n’Abamedi n’Abaperesi, nka kurya nyene umuringa utanganya gukomera n’ifeza. Naho Inganji y’Ubugiriki yigaruriye akarere kanini, ntiyigeze iterwa agateka ko gukura abasavyi b’Imana mu bunyagano nk’uko Inganji y’Abamedi n’Abaperesi yabigize.

4:8, 9​—Daniyeli yoba yarabaye umunyamareba? Ashwi da! Imvugo “umukuru w’abanyamarēba” yerekeza gusa ku kibanza Daniyeli yari afise co kuba “umukuru w’abaganza abanyabgenge bose b’i Babuloni”.​—Daniyeli 2:48.

4:10, 11, 20-22​—Igiti c’inganzamarumpu Nebukadinezari yabonye mu ndoto cagereranya iki? Mu ntango, ico giti cagereranya Nebukadinezari bwa mutegetsi w’intwaro nganzasi. Ariko rero, kubera yuko iyo ntwaro ivugwa yagutse “igashika ku mpera y’isi”, ico giti gitegerezwa kuba gisigura ikintu gihambaye kuruta. Muri Daniyeli 4:17 herekana ko iyo ndoto ifitaniye isano n’ubutegetsi “Īsumba vyose” ifise ku bantu. Ico giti rero, kigereranya kandi ubusegaba Yehova afise bwo kuganza ibiriho vyose, na canecane ibiri kw’isi. Ku bw’ivyo rero, iyo ndoto iranguka mu buryo bubiri, ni ukuvuga ku bijanye n’ingoma ya Nebukadinezari be no ku bijanye n’ubusegaba bwa Yehova.

4:16, 23, 25, 32, 33​—Ivyo “bihe ndwi” vyamaze ikiringo kingana gute? Amahinduka yose yashikiye Umwami Nebukadinezari yasaba ko ivyo “bihe ndwi” biba ikiringo kirekire kuruta ikiringo c’imisi indwi isanzwe. Ku bimwerekeye, ivyo bihe vyanganye n’imyaka indwi, umwumwe wose ukaba wamaze imisi 360, ni ukuvuga ko vyose vyamaze imisi 2.520. Mw’iranguka rihambaye, ivyo “bihe ndwi” bingana n’imyaka 2.520 (Ezekiyeli 4:6, 7). Ivyo bihe vyatanguye aho Yeruzalemu yasangangurwa mu 607 B.G.C., bikaba vyarangiye igihe Yezu yimikwa ngo abe Umwami mw’ijuru mu 1914 G.C.​—Luka 21:24.

6:6-10​—None ko gusenga Yehova bidasaba yuko umuntu aba yifashe ukunaka, ubwo ntivyari kuba biranga ubukerebutsi iyo Daniyeli asenga yinyegeje mu kiringo ca ya misi 30? Abantu bari basanzwe bazi ko Daniyeli yasenga incuro zitatu buri musi. Ni co gituma abamugiriye umugambi wo kumugirira nabi badukanye iciyumviro co gushinga itegeko ribuza gusenga. Iyo Daniyeli agira ico ahinduye ku bijanye n’ivyo yari asanzwe agira mu gusenga, hari aho vyari gushobora gutuma abandi babona ko yadohotse ku ngingo yisunga, kandi ivyo bikaba vyari gushobora kwerekana yuko atari akiyobokera Yehova we musa.

Ivyigwa tuhigira:

1:3-8. Umwiyemezo Daniyeli be na bagenziwe bari bafise wo kuguma ari intadohoka kuri Yehova, urashimika ku gaciro k’indero bategerezwa kuba bari bararonkejwe n’abavyeyi babo. Igihe abavyeyi batinya Imana babaho bashira ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere kandi bakigisha uruvyaro rwabo kubigenza gutyo, usanga bishoboka rwose ko abana babo bananira inyosha izo ari zo zose be n’imikazo iyo ari yo yose vyoshobora kwaduka kw’ishure canke ahandi hantu aho ari ho hose.

1:10-12. Daniyeli yaratahuye igituma “umukuru w’inkone” yatinye umwami, akaba ari co gituma atabandanije kumugobera. Ariko rero, mu nyuma Daniyeli yaregereye “umubgiriza”, uwushobora kuba yari agabirije kurushiriza kumutahura. Igihe tuba turi mu bintu bitoroshe, dukwiye kugira ukubona kure, ugutahura be n’ubukerebutsi nk’ukwo kwa Daniyeli.

2:29, 30. Nka kumwe kwa Daniyeli, ugushemezwa kwose kuvuye ku bumenyi ubwo ari bwo bwose, kuri kamere izo ari zo zose be no ku bubangukirwe ubwo ari bwo bwose twoba twararonse bivuye ku kwungukira ku ntunganyo Yehova yadushiriyeho mu vy’impwemu, gukwiye kuba ukwiwe.

3:16-18. Birashoboka ko ba Baheburayo batatu batari kwishurana ubujijutsi nk’ubwo, iyo baza kuba bari baradohotse ku ngingo ngenderwako ku bijanye na za mfungurwa. Na twebwe turakwiye kwihatira kuba “[a]bizigirwa muri vyose”.​—1 Timoteyo 3:11, NW.

4:24-27. Kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami, uburimwo imanza zo guhana z’Imana, bisaba ukwizera be n’uburindutsi nka bimwe Daniyeli yagaragaza mu kumenyesha ivyari bigiye gushikira Nebukadinezari no mu kubwira uwo mwami ivyo yari akwiye gukora kugira ngo ‘ukuroranirwa kwiwe kube kuramaze na kabiri’.

5:30, 31. Amajambo yo “[kwitamba] ku mu vyimba umwami w’i Babuloni” yararangutse (Yesaya 14:3, 4, 12-15). Shetani wa Mubesheranyi, uwufise ubwibone nk’ubw’abami batwaye Babiloni, na we nyene azoshikirwa n’iherezo rimaramaje.​—Daniyeli 4:30; 5:2-4, 23.

IVYO DANIYELI YERETSWE BIHISHURA IKI?

(Daniyeli 7:1–12:13)

Daniyeli arota indoto ya mbere mu 553 B.G.C., ico gihe akaba afise imyaka irenga 70. Arabona ibikoko bine bininibinini, ibigereranya ingene intwaro nganzasi zigenda zirakurakuranwa kuva mu gihe ciwe gushika muri kino gihe cacu. Mw’iyerekwa ry’ibiba mw’ijuru, arabona “uwusa n’Umwana w’umuntu” ahabwa “ingoma itazovaho” (Daniyeli 7:13, 14). Imyaka ibiri inyuma y’aho, Daniyeli arerekwa ivyerekeye Ubumedi n’Ubuperesi, ivyerekeye Ubugiriki, be n’ivyerekeye umuntu acika “umwami w’umujinya”.​—Daniyeli 8:23.

Ubu turi mu 539 B.G.C. Babiloni yatemvye, Dariyo Umumedi na we yabaye umutware w’ubwami bw’Abakaludaya. Daniyeli arasenga Yehova asaba ko igihugu ciwe c’amavukiro cosubira kwubakwa. Daniyeli akiriko arasenga, Yehova ararungika umumarayika Gaburiyeli kugira ngo ‘amwungure ubwenge’ ku bijanye n’ukuza kwa Mesiya (Daniyeli 9:20-25). Ubu na ho tugeze mu mwaka wa 536 ushira uwa 535 B.G.C. Hariho amasigarira yamaze gusubira i Yeruzalemu. Mugabo hariho abantu barwanya igikorwa co kwubaka urusengero. Ivyo biraraza ishinga Daniyeli. Aguma abishira mw’isengesho, maze Yehova akamurungikira umwe mu bamarayika bafise ikibanza co hejuru. Uwo mumarayika amaze kuremesha Daniyeli no ku mukomeza, aca amubwira ubuhanuzi bwerekana muri make ingene umwami wo mu Buraruko n’uwo mu Bumanuko banyinyana bapfa ubukuru. Ayo matati ari hagati y’abo bami babiri atangura igihe ubwami bwa Alegizandere Mukuru bugabanganywa n’abajenerali biwe bane agashika igihe Mikayeli wa Mugabisha Mukuru “azohagaruk[ira]”.​—Daniyeli 12:1.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

8:9​—Ubwo “bgiza” bugereranya iki? Muri uwo murongo, “ubgiza” bugereranya imimerere abakirisu basizwe barimwo kw’isi mu kiringo c’intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika.

8:25, NW​—Uwo “Muganwa w’abaganwa” ni nde? Ijambo ry’igiheburayo sar, ryahinduwe ngo “umuganwa,” mu bisanzwe risobanura “kizigenza” canke “uwuri kw’isonga”. Izina ry’icubahiro “Umuganwa w’abaganwa” rikoreshwa ng’aho ryerekeza gusa kuri Yehova Imana, we kizigenza w’abagabisha bose b’abamarayika, ushizemwo na “Mikayeli, umwe wo mu bagabisha bahambaye”.​—Daniyeli 10:13.

9:21​—Ni kubera iki Daniyeli yita umumarayika Gaburiyeli ngo ni “wa mugabo”? Ni kubera yuko uwo mumarayika Gaburiyeli yaje kuri we afise ishusho y’umuntu, nk’uko yari yamwiyeretse mw’iyerekwa ry’imbere y’aho.​—Daniyeli 8:15-17.

9:27, NW​—Ni isezerano irihe ‘ryabandanije gukora ku bwa benshi’ gushika mu mpera z’iyinga rigira 70 muri ya mayinga agizwe n’imyaka, ni ukuvuga gushika mu 36 G.C.? Isezerano ry’Ivyagezwe ryakuweho mu 33 G.C. igihe Yezu yamanikwa. Ariko rero, mu kureka isezerano yagiraniye na Aburahamu rikabandanya gukora ku bwa Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri gushika mu 36 G.C., Yehova yari yongerereje Abayuda ikiringo co kugirirwa ubutoni budasanzwe yishimikije ko bari abakomoka kuri Aburahamu. Iryo sezerano Imana yagiranye na Aburahamu rirabandanya gukora ku bijanye na “Isirayeli y’Imana”.​—Ab’i Galatiya 3:7-9, 14-18, 29; 6:16, NW.

Ivyigwa tuhigira:

9:1-23; 10:11. Daniyeli yabaye “umukundwa cane” kubera yuko yari umuntu yicisha bugufi, ayobokera Imana, akorana umwete kandi akovya mu gusenga. Ivyo bintu nyene ni vyo vyamufashije kuguma ari intahemuka ku Mana gushika apfuye. Nimuze twiyemeze kwigana akarorero ka Daniyeli.

9:17-19. N’igihe dusenga dusaba ko isi nshasha y’Imana yoza, iyo “ubugororotsi buzoba[mwo]”, none ikintu nyamukuru cari gikwiye kuturaza ishinga si ukwezwa kw’izina rya Yehova be n’ukwemezwa kw’ubusegaba bwiwe, aho kuba ugukurwaho kw’imibabaro n’ingorane vyacu bwite?​—2 Petero 3:13, NW.

10:9-11, 18, 19. Mu kwigana akarorero ka wa mumarayika yaza kuri Daniyeli, dukwiye kuremeshanya no gukomezanya mu gufashanya ibikorwa no mu guhumurizanya.

12:3. Mu gihe c’imisi y’iherezo, “abāgize ubgenge”, ni ukuvuga abakirisu basizwe, ‘baratse nk’amatara’ kandi barashikanye “benshi ku bugororotsi”, ushizemwo abagize “isinzi rinini” ry’“izindi ntama” (Ab’i Filipi 2:15, NW; Ivyahishuriwe 7:9, NW; Yohana 10:16). Abo bakirisu basizwe “bazokwaka nk’inyenyeri” mu buryo bwuzuye mu gihe c’Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, aho bazofadikanya na we kugira ngo batume abantu bagamburuka bazoba bari kw’isi, bungukira ku vyiza vyose biva kuri ya nkuka y’incungu. Abagize “izindi ntama” barakwiye kwifatanya badahemuka n’abo basizwe, bakabashigikira n’umutima wabo wose mu bintu vyose bakora.

Yehova ‘araha umugisha abamwubaha’

Igitabu ca Daniyeli kitwigisha iki ku bijanye n’Imana dusenga? Rimbura ubuhanuzi buvugwa muri co, ubumaze kuranguka n’ubwimirije kuranguka. Urazi ga ntuze ukuntu bwerekana neza ko Yehova yama ashitsa ijambo ryiwe!​—Yesaya 55:11.

None ca gice c’igitabu ca Daniyeli kidonda ibintu vyabaye kitwigisha iki ku bijanye n’Imana yacu? Ba basore bane b’Abaheburayo banka kubaho nk’uko abandi bari babayeho ku kirimba c’i Babiloni, barahawe ‘ubumenyi, ugutahura be n’ubukerebutsi’ (Daniyeli 1:17, NW). Imana y’ukuri yararungitse umumarayika wayo kugira ngo arokore Shaduraka, Meshaki na Abedunego muri rya tanure ryaka umuriro. Daniyeli yararokowe akurwa muri rwa rwobo rw’intambwe. Vy’ukuri, Yehova ‘aratabara kandi agakingira abamwizigira’, akongera ‘agaha umugisha abamwubaha’.​—Zaburi 115:9, 13.

[Akajambo k’epfo]

a Nimba wipfuza kurimbura igitabu ca Daniyeli umurongo ku wundi, raba igitabu Prêtons attention à la prophétie de Daniel!, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 18]

Ni kubera iki Daniyeli yari “umukundwa cane”?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika