ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jl icig. 10
  • Ugusenga kwo mu muryango ni iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ugusenga kwo mu muryango ni iki?
  • Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
  • Ivyo bijanye
  • Intunganyo ifasha imiryango
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Urugo rwanyu rushobora gute kugira agahimbare?—Igice ca 2
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Nimusenge Yehova uko mugize umuryango
    Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
  • Ugusenga kwo mu muryango—Mwoba mwotuma kurushiriza kuryoha?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Ibindi
Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
jl icig. 10

ICIGWA CA 10

Ugusenga kwo mu muryango ni iki?

Umuryango uriko uragira ugusenga kwo mu muryango

Muri Koreya y’Epfo

Umugabo n’umugore bariko barigira Bibiliya hamwe

Muri Brezile

Icabona ca Yehova ariko ariga Bibiliya

Muri Ostraliya

Umuryango uriko uraganira ku ciyumviro co muri Bibiliya

Muri Guinée

Kuva kera na rindi, Yehova yamye asaba abagize umuryango kumara umwanya bari hamwe kugira ngo bakomeze ubucuti bafitaniye na we be n’ubwo bafitaniye hagati yabo. (Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7) Ni co gituma Ivyabona vya Yehova bategekanya umwanya buri ndwi kugira ngo uko bagize umuryango bahurire hamwe ku bwo gusenga, ni ukuvuga baganire ku bintu vyerekeye Imana bihuye n’ivyo baba bakeneye, ivyo bakabigira mu buryo umwe wese yumva yorohewe. Naho woba wibana, urashobora kumara uwo mwanya uri kumwe n’Imana mu kwiga ibintu kanaka vyo muri Bibiliya uba wahisemwo.

Ni akaryo ko kurushiriza kwiyegereza Yehova. Bibiliya ivuga iti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.” (Yakobo 4:8) Turarushiriza kumenya Yehova neza igihe twize biciye kw’Ijambo ryiwe ryanditse, ibintu vy’ido n’ido ku bijanye na kamere ziwe be n’ivyo yakoze. Uburyo bworoshe mwotangurirako mu kugira ugusenga kwo mu muryango ni ukumara umwanya muriko murasomera hamwe Bibiliya n’ijwi ryumvikana, kumbure mukaza murakurikiza igisomwa ca buri ndwi co mw’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu. Umwe wese mu bagize uwo muryango arashobora guhabwa igice kanaka co gusoma, maze bose bakagira ico bavuze ku bijanye n’ikintu bigiye ku Vyanditswe.

Ni akaryo ko kurushiriza gushikirana mu muryango. Abanega n’abakenyezi, cokimwe n’abavyeyi n’abana, bose barakomeza ubucuti bafitaniye iyo biga Bibiliya bari hamwe uko bagize umuryango. Ico kiringo gikwiye kuba gihimbaye, kirangwa amahoro kandi umwe wese mu bagize umuryango akaba aciteganye umushasharo. Bivanye n’imyaka abana babo bafise, abavyeyi barashobora guhitamwo ibiganiro ngirakamaro borimbura, kumbure bakabikura mu Munara w’Inderetsi na Be maso! canke ku muhora wacu wa Internet jw.org. Murashobora kuyaga ku vyerekeye ingorane abana banyu bahura na zo kw’ishure be n’ingene bovyifatamwo neza. Mubona gute muravye ikiganiro co kuri televiziyo yacu (tv.jw.org) maze mukakiganirako? Murashobora no kuririmbira hamwe indirimbo zizoririmbwa ku makoraniro hanyuma ukwo gusenga kwo mu muryango kurangiye mukaraba utwo mwosangirira hamwe.

Uwo mwanya udasanzwe mumara buri ndwi muriko murasenga Yehova muri hamwe uzobafasha mwese uko mugize umuryango guhimbarwa n’ukwiga Ijambo ry’Imana, kandi izohezagira cane utwigoro mugira.—Zaburi 1:1-3.

  • Ni kubera iki dutegekanya umwanya w’ugusenga kwo mu muryango?

  • Abavyeyi bashobora gute gutuma abagize umuryango bose bahimbarwa n’ukwo gusenga?

NURONDERE KUMENYA N’IBINDI

Nubaze abandi mw’ishengero bakubwire ivyo bakora mu gihe c’ugusenga kwo mu muryango wabo. Ikindi kandi, nurabe mu bisohokayandikiro biri ku Ngoro y’Ubwami ivyo wokoresha mu kwigisha abana bawe ivyerekeye Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika