Intunganyo ifasha imiryango
1. Isabato ya buri ndwi yamarira iki imiryango y’Abisirayeli?
1 Isabato yari intunganyo iranga urukundo Yehova yashizeho yagirira akamaro imiryango. Abisirayeli bararuhuka ibikorwa biruhisha vya misi yose, bakaba baronse umwanya wo kuzirikana ku kumera neza kwa Yehova no ku bucuti bafitaniye na we. Abavyeyi barashobora guca baboneraho akaryo ko gushimangira rya Tegeko mu mitima y’abana babo. (Gus. 6:6, 7) Ku ndwi ku ndwi, Isabato yaraha abasavyi ba Yehova umwanya wo kwitunira ku vy’impwemu.
2. Isabato itwigisha iki ku bijanye na Yehova?
2 Ni ivy’ukuri yuko Yehova atagisaba ko imiryango yubahiriza Isabato. Ariko rero, iryo tegeko riri n’ico ritwigisha ku bijanye n’Imana yacu. Yamye yitwararika cane ko abasavyi bayo bamererwa neza mu vy’impwemu. (Yes. 48:17, 18) Muri iki gihe, uburyo bumwe Yehova yerekaniramwo ko atwitwararikana urukundo ni wa mugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango.
3. Intumbero y’umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango ni iyihe?
3 Intumbero y’umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango ni iyihe? Muri Nzero 2009, Inyigisho y’igitabu y’ishengero yaratanguye kuza iragirwa ku mugoroba uberako Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi be n’Ikoraniro ry’umurimo. Imvo imwe yatumye haba iryo hinduka kwari ukugira ngo imiryango ironke akaryo ko kwikomeza mu vy’impwemu mu kwishingira umugoroba kanaka buri ndwi ugenewe ugusenga kwo mu muryango. Buri muryango waremeshejwe yuko, nimba bishoboka, wokwungururiza inyigisho y’umuryango ku mugoroba wahora ukoreshwa ku bw’inyigisho y’igitabu, maze bagakoresha uwo mwanya kugira ngo baganire kuri Bibiliya bongere bayige batihutagiza kandi bahuje n’ivyo umuryango ukeneye.
4. Ikiganiro co mu muryango coba kibwirizwa kumara isaha imwe gusa? Sigura.
4 Kugira ngo twitabe Inyigisho y’igitabu y’ishengero, twarakenera umwanya wo kwambara, gufata urugendo, n’ibindi n’ibindi. Benshi muri twebwe wasanga kwitaba iryo koraniro ry’isaha imwe bidutwara igice kinini c’uwo mugoroba. Kubera ko urutonde rw’amakoraniro yacu rwahindutse, ubu turashobora gukoresha uwo mugoroba kugira ngo dusenge Yehova uko tugize umuryango. Ku bw’ivyo, si ngombwa ngo umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango umare isaha imwe itarenga ntirenguke. Ahubwo riho, dukwiye kurimbura ivyo abagize umuryango bakeneye be n’aho ubushobozi bwabo bugarukira maze tukavyisunga mu gushinga umwanya uwo mugoroba womara.
5. Uwo mwanya wose twoba tubwirizwa kuwumara tuganira? Sigura.
5 Umwanya wose twoba tubwirizwa kuwumara tuganirira hamwe? Igihe abubakanye be n’imiryango irimwo abana baganira ku bintu bishingiye ku Vyanditswe, bararemeshanya. (Rom. 1:12) Birakomeza ubucuti abagize umuryango bafitaniye. Ku bw’ivyo, ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya ni vyo bikwiye kuba intimatima y’umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango. Ariko rero, umwe wese mu bagize umuryango yoshobora kandi kumara umwanya ariko ariyigisha. Nk’akarorero, ikiganiro c’umuryango wose kirangiye, abawugize boshobora kuguma bari kumwe, umwe wese akabandanya yiga ku giti ciwe, kumbure akaba arasozera gutegura amakoraniro canke akaba arasoma ibinyamakuru. Imiryango imwimwe ishima kutatsa imboneshakure mu kiringo cose c’uwo mugoroba.
6. Ikiganiro coyoborwa gute?
6 Ikiganiro coyoborwa gute? Si ngombwa ngo came ari ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Kugira ngo umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango ubemwo ubushwashwanutsi kandi ube uwushimishije, imiryango myinshi usanga ifise urutonde rumeze nk’urw’ikoraniro ryacu ryo hagati mu ndwi. Ikiganiro cabo bakigaburamwo ibice nka bingahe maze ivyo bice bikagirwa mu buryo butandukanye. Nk’akarorero, boshobora gusomera hamwe Bibiliya, bagategurira hamwe igihimba kanaka c’amakoraniro, bakongera bakagira udukino two kwitegurira ubusuku. Ku rupapuro rwa 6 hariho ivyiyumviro bimwebimwe vyofasha.
7. Abavyeyi bokwihatira gutuma haba akayaga kameze gute?
7 Abavyeyi bokwihatira gutuma haba akayaga kameze gute? Umuryango wanyu uzokworoherwa no kwiga igihe ukwo gusenga kugizwe mu buryo burimwo urukundo kandi umwe wese akaba yumva yorohewe. Rimwe na rimwe mwoshobora kwigira hanze nimba ikirere cifashe neza. Ntimwitinye kuza murafata akanya ko kumira amate igihe bikenewe. Imiryango imwimwe irategekanya akantu ko kwihereza barangije. Naho abavyeyi bazokwirinda guhambararira canke gutoza indero abagize umuryango mu kiringo c’uwo mugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango, hari aho vyokenerwa ko bafata akanya ko gutorera umuti akageso canke ingorane kanaka bamaze kubona mu muryango. Ariko rero, ibibazo vyotera ubuyega biraba umwana kanaka vyoba vyiza mubiyaze mu mwiherero mu wundi mwanya muri iyo ndwi, kugira ngo mwoye kumumaramaza imbere y’abo bavukana. Umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango ntukwiye kuba uwurambira n’uwutarimwo igishika, ahubwo ukwiye kuba uwuhimbaye nk’uko n’Imana dusenga ihimbawe.—1 Tim. 1:11.
8, 9. Ni imyiteguro iyihe ba serugo basabwa kugira?
8 Serugo yokwitegura gute? Umuryango uzokwunguka vyinshi mu gihe serugo yitegura imbere y’igihe ku bw’umugoroba wose uhariwe Ugusenga kwo mu muryango mu kurimbura ivyoganirwako ivyari ari vyo be n’uburyo bwiza vyogirwa. (Imig. 21:5) Umunega yoba agize neza agishije inama umukenyezi wiwe. (Imig. 15:22) Yemwe ba serugo, mubona gute rimwe na rimwe musavye abana banyu ngo batange ivyiyumviro? Mubigize, bizobafasha gutahura cane ibishimisha abana banyu n’ibibaraje ishinga.
9 Akenshi ntibizoba ngombwa ko serugo amara umwanya munini cane ategura. Biboneka ko umuryango uzohimbarwa n’uko haba imice imwimwe y’ukwo gusenga iguma igaruka buri ndwi, kandi ntibizoba ngombwa ko serugo yama ategura urutonde rushasha igihe cose. Hari aho yosanga birushiriza kuba vyiza ateguye ivy’ubutaha igihe cose inyigisho irangiye, agifise ku muzirikanyi ivyo umuryango wiwe ukeneye mu vy’impwemu. Ba serugo bamwebamwe barandika urutonde rugufi rw’ibizorimburwa maze bakarumanika aho abagize umuryango bashobora kurubona bitagoranye, nko ku ruhome rwo muri salo. Ivyo bituma umuryango ubirindirana igishika, bikawuha n’umwanya wo kuvyitegurira igihe biba bikenewe.
10. Abibana bashobora gute gukoresha umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango?
10 Nokora iki nimba ndi jenyene? Abibana barashobora gukoresha umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango kugira biyigishe. Urutonde rwiza rw’ishimikiro rw’ukwiyigisha rukwiye kuba rurimwo ugusoma Bibiliya, ugutegura amakoraniro be n’ugusoma Umunara w’Inderetsi na Be maso! Abamamaji bamwebamwe barashiramwo n’ibintu kanaka bishingiye kuzokwiga. Hari igihe boshima rimwe na rimwe gutumira uwundi mwamamaji canke uwundi muryango ngo bifatanye mu kiganiro cubaka gishingiye ku Vyanditswe.
11, 12. Ni ivyiza bimwebimwe ibihe biva ku Gusenga kwo mu muryango kudahorereza?
11 Ni ivyiza ibihe biva ku Gusenga kwo mu muryango kudahorereza? Abagira uruhara mu gusenga kw’ukuri n’umutima wabo wose bararushiriza kwiyegereza Yehova. Vyongeye, abagize umuryango basengera hamwe barakomeza ubucuti buri hagati yabo. Hari abubakanye banditse ku bijanye n’imihezagiro bironkeye, bati: “Bwa mugabo n’umugore b’abatsimvyi batagira abana, si twe tubona umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango urageze. Turiyumvamwo yuko ubucuti dufitaniye be n’ubwo dufitaniye na Data wa twese wo mw’ijuru burushiriza gukomera. Ubu umusi tuba twategekanije kwigira hamwe ugeze, tuvyuka tubwirana duti: ‘Ndagupfinze! Ku mugoroba hari iki? Ugusenga kwo mu muryango!’”
12 Intunganyo y’umugoroba uhariwe ugusenga kwo mu muryango irafasha n’abafise vyinshi bacurumbamwo. Inabibondo umwe yireranye abana babiri akaba ari n’umutsimvyi asanzwe, yanditse ati: “Kera inyigisho yacu y’umuryango yaracumbagira. Yaba rimwe na rimwe kandi ivyayo bikama vyahindaguritse kubera yuko naba ndushe. Sinabona ukuntu twoyironkera ikibanza. Ndabandikiye rero kugira ndabashimire cane rwose ku bw’intunganyo y’umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango. Vyarakunze ko tuza turagira inyigisho y’umuryango idahorereza kandi turiko turibonera ivyiza bivamwo.”
13. Ni igiki kizotuma umuryango wanyu wungukira vyinshi canke bike kuri iyo ntunganyo?
13 Kurya kw’Isabato, umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango ni ingabirano ya Dawe wa twese wo mw’ijuru ishobora gufasha imiryango. (Yak. 1:17) Imiryango y’Abisirayeli yunguka vyinshi canke bike mu vy’impwemu bivanye n’ukuntu yakoresha umusi w’Isabato. Mu buryo nk’ubwo, umuryango wacu uzokwunguka vyinshi canke bike bivanye n’ukuntu dukoresha uwo mugoroba twahawe ugenewe ugusenga kwo mu muryango. (2 Kor. 9:6; Gal. 6:7, 8; Kol. 3:23, 24) Umuryango wanyu niwakoresha neza iyo ntunganyo, uzoshobora kwiyumva nka wa mwanditsi w’amazaburi yavuze ati: “Nayo jewe, kwegera Imana bimbera vyiza. Nashize ubuhungiro bwanje mu Mukama Segaba Yehova.”—Zab. 73:28.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 5]
Umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango ntukwiye kuba uwurambira n’uwutarimwo igishika, ahubwo ukwiye kuba uwuhimbaye nk’uko n’Imana dusenga ihimbawe
[Uruzitiro ku rup. 6]
BIKA NEZA IYI NYONGERA
Ivyiyumviro vyofasha ku bijanye n’umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango
Bibiliya:
• Nimusomere hamwe igihimba kanaka c’igisomwa ca Bibiliya c’umushamvu. Nimba igisomwa kibakundira, umwe yosoma amajambo y’uwigana inkuru, abandi bagasoma amajambo y’abavugwa muri iyo nkuru.
• Nimugire agakino k’ibivugwa mu gihimba kanaka c’igisomwa ca Bibiliya.
• Nuhe umwe wese mu bagize umuryango ibigabane vya Bibiliya yosoma imbere y’igihe wongere umusabe yandike ikibazo kimwe canke bibiri afise kuri nya gisomwa. Nimuce mugirira hamwe ubushakashatsi ku bibazo vy’umwumwe.
• Nimutegure buri ndwi udupapuro twanditseko umurongo umwumwe wo muri Bibiliya maze mugerageze kuwufata ku mutwe no kuwusigura. Nimwegeranirize hamwe utwo dupapuro, maze mutwihweze buri ndwi kugira murabe ivyanditswe mwibuka uko bingana.
• Nimwumvirize igisomwa ca Bibiliya cafashwe amajwi, mugikurikire muri Bibiliya.
Amakoraniro:
• Nimutegurire hamwe igihimba kanaka c’amakoraniro.
• Nimutegure indirimbo z’Ubwami zo ku ndwi ikurikira.
• Nimba hari uwuzoshikiriza ikiganiro mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi canke umwerekano mw’Ikoraniro ry’umurimo, nimuhane ivyiyumviro ku kuntu vyoshikirizwa canke bisubirwemwo imbere y’abagize umuryango.
Ibikenewe mu muryango:
• Nimurimbure ibiganiro vyo mu gitabu Urwaruka ruribaza canke Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye.
• Nimugire agakino k’ingene umuntu yovyifatamwo mu kintu kanaka coshobora kwaduka kw’ishure.
• Nimugire agakino aho abavyeyi bitwa ko ari abana, abana na bo bakitwa ko ari abavyeyi. Abana bagire ubushakashatsi ku kintu kanaka maze bafashe abavyeyi kuzirikana.
Ubusuku:
• Nimugire udukino two gutegura uburyo muzoshikiriza inkuru nziza mu mpera y’umushamvu.
• Nimuganire ku migambi ishoboka umuryango wokwishingira kugira ngo wongereze uruhara ugira mu busuku mu kiringo c’Icibutso canke c’uburuhuko.
• Nimuhe umwe wese mu bagize umuryango akanya ko kugira ubushakashatsi ku bibazo bitandukanye vyoshobora kuvyuka mu busuku, muheze mugire udukino tw’ingene mwovyishura.
Ibindi vyiyumviro:
• Nimusomere hamwe ikiganiro kanaka co mu binyamakuru muheruka kuronka.
• Umwe wese mu bagize umuryango nasome imbere y’igihe ikiganiro kanaka kimushimisha cane co mu binyamakuru muheruka kuronka, aheze agire ico akivuzeko.
• Rimwe na rimwe nimutumire umwamamaji canke abubakanye kugira ngo babiyungeko mu kiringo c’umugoroba mwahariye Ugusenga kwo mu muryango, kumbure mubabaze n’utubazo.
• Nimurabe imwe mu mavidewo yacu mwongere muyiganireko.
• Nimuyage ku kiganiro kivuga ngo “Urwaruka ruribaza” canke ikivuga ngo “Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe” vyo muri Be maso!
• Nimuyage ku kiganiro kivuga ngo “Niwigishe abana bawe” canke ikivuga ngo “Ku bw’urwaruka” vyo mu Munara w’Inderetsi.
• Nimusomere hamwe igihimba kanaka co mu gitabu c’umwaka (Annuaire) canke co mu gitabu casohotse kw’ihwaniro ry’intara riheruka, muheze mukiyageko.
• Mumaze kwitaba ihwaniro canke iteraniro, nimusubire mwihweze ibintu nyamukuru vyashikirijwe.
• Nimwitegereze ivyo Yehova yaremye maze muyage ku co bitwigisha ku bimwerekeye.
• Nimusuzumire hamwe ikintu kimwe, nk’ibijanye n’umuntu kanaka w’intangakarorero, ikarata, igicapo canke uruzitiro kanaka.