Yemwe Miryango, Nimushemeze Imana Muri Umuce w’Ishengero Ryayo
“Nzoshemagiriza Uhoraho mu makoraniro.”—ZABURI 26:12.
1. Uretse inyigisho hamwe n’isengesho bigirirwa i muhira, ni umuce uwuhe uhambaye mu gusenga kw’ukuri?
UGUSENGA Yehova si uguturira i muhira amasengesho n’ukwigiraho Bibiliya vyonyene, ariko harimwo n’ugukora turi umuce w’ishengero ry’Imana. Isirayeli ya kera yategetswe “[gukoranya] abantu, abagabo n’abagore n’abana,” ngo bige amategeko y’Imana kugira babone kugendera mu nzira yiwe. (Gusubira mu Vyagezwe 31:12; Yosuwa 8:35) Abakuze, ‘abasore be n’inkumi’ baremeshejwe kugira uruhara mu gushemeza izina rya Yehova. (Zaburi 148:12, 13) Indinganizo nk’izo nyene zirerekeye ishengero rya gikirisu. Mu Ngoro z’Ubwami kw’isi iyo iva ikagera, abagabo, abagore, n’abana, baragira uruhara badatinya mu biringo abumviriza bahabwa ijambo, kandi benshi baranezerwa cane no kubigiramwo uruhara.—Abaheburayo 10:23-25.
2. (a) Ni kuki ugutegura ari ikintu nyamukuru mu gufasha abakiri bato ngo banezererwe amakoraniro? (b) Ni akarorero ka nde gahambaye?
2 Ego niko, ugufasha urwaruka ngo rugire akamenyero keza ko gukora umurimo mwiza ujanye n’ishengero bishobora kuba bitoroshe. Nimba hari abana bitaba amakoraniro bari kumwe n’abavyeyi babo boba batanezererwa amakoraniro, ingorane ishobora kuba ari iyihe? Birumvikana, abana benshi ntiboroherwa no gukurikira igihe kirekire, kandi barambirwa ningoga. Ukwitegura kurashobora gufasha mu vy’ugutunganya iyo ngorane. Abana badateguye ntibashobora kugira uruhara mu makoraniro mu buryo bufise ico buvuze. (Imigani 15:23) Badateguye, bizobagora kugira iterambere ryo mu vy’impwemu ritera akanyamuneza. (1 Timoteyo 4:12, 15) Ni igiki none cogirwa? Ica mbere coco, abavyeyi barakwiye kwibaza nimba bo ubwabo bategura amakoraniro. Akororero batanga karafise akosho gakomeye. (Luka 6:40) Ugutegekanya neza inyigisho y’umuryango birashobora na vyo nyene kuba ikintu gihambaye.
Kwubaka Umutima
3. Mu gihe c’inyigisho y’umuryango, ni kuki akigoro kadasanzwe gakwiye kugirwa kugira ngo twubake imitima, kandi ivyo bisaba iki?
3 Inyigisho y’umuryango ntikwiye kuba ari igihe co kwirundaniriza ubumenyi gusa, ahubwo kandi gikwiye kuba igihe co kwubaka imitima. Ivyo bisaba kumenya neza ingorane abagize umuryango bahanganye na zo, no kwitwararikana urukundo umwumwe wese. Yehova ni we “[a]suzuma umutima.”—1 Ngoma 29:17.
4. (a) Kuba “i[g]ipfamutima” bisobanura iki? (b) “[Ukw]ironkera ubgenge” birimwo ni iki?
4 Mbega Yehova abona iki igihe asuzumye imitima y’abana bacu? Benshi muri bo boshobora kuvuga yuko bakunda Imana, kandi barakwiye kubishimirwa. Yamara rero, uwukiri muto canke umuntu agitangura kwiga ivyerekeye Yehova, ntaba aramenya twinshi mu vy’inzira za Yehova. Kubera ko aba ataraca uruma, arashobora kuba “i[g]ipfamutima,” nk’uko Bibiliya ibivuga. Kumbure imvo akorana zose si mbi, mugabo umuntu bimufata igihe kugira ngo umutima wiwe awugire uwuzohimbara Imana vy’ukuri. Ivyo bisaba ko umuntu afata ivyiyumviro vyiwe, ivyipfuzo vyiwe, ivyo afitiye igishika, inyiyumvo, hamwe n’imigambi yiwe yo mu buzima akabihuza n’ivyo Imana yemera, gushika ku rugero abantu b’abanyagasembwa bashobora gushikako. Igihe umuntu abumvye gutyo umuntu w’imbere mu buryo buhuye n’Imana, aba ariko “[ar]ironkera ubgenge.”—Imigani 9:4; 19:8.
5, 6. Abavyeyi bashobora gufasha gute abana babo ngo “[b]ironker[e] ubgenge”?
5 Abavyeyi boba boshobora gufasha abana babo “[kw]ironkera ubgenge”? Ego niko, nta muntu ashoboye gushira umutima mwiza mu wundi muntu. Umwe wese muri twebwe yarahawe ububasha bwo kwihitiramwo, kandi hari vyinshi bihagaze ku vyo tureka tukiyumvira. Ariko rero, abavyeyi babigiranye ubukerebutsi barashobora kenshi kuvoma ibiri mu mwana wabo, bakamenya ibiri mu mutima be n’aho bomufasha. Koresha ibibazo nk’ibi: ‘Iki kintu uciyumvirako iki?’ hamwe na ‘Woshima vy’ukuri gukora iki?’ Nuce wumviriza wihanganye. Ntiwishurane uburakari. (Imigani 20:5) Nimba ushaka gushikira umutima, gukorana ubuntu, gutahura, hamwe n’urukundo ni ibintu bihambaye.
6 Kugira ngo mukomeze utugeso twizatwiza, nimuganire kenshi ivyerekeye icamwa c’impwemu, muganire umuce umwumwe wose waco, hanyuma mukorere hamwe mu muryango kugira ngo mugitsimbataze. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Nimutsimbataze ugukunda Yehova na Yezu Kirisitu, atari mu kuvuga gusa yuko dukwiye kubakunda, ariko mu kuganira ibituma tubakunda kandi n’ukuntu dushobora guserura urwo rukundo. (2 Ab’i Korinto 5:14, 15) Nukomeze icipfuzo co gukora ibigororotse mu kwiyumvira ivyiza bizovamwo. Niwubake icipfuzo co kwirinda ivyiyumviro bibi, imvugo mbi, be n’ukwigenza nabi, mu kuganira ingaruka mbi za mwene ivyo bintu. (Amosi 5:15; 3 Yohana 11) Niwerekane ukuntu ivyiyumviro, imvugo, be n’imigenzo—vyaba vyiza canke bibi—bishobora kugira ico bikoze ku bucuti umuntu afitaniye na Yehova.
7. Ni igiki gishobora kugirwa ngo abana bafashwe guhangana n’ingorane no gufata ingingo mu buryo butuma baguma bafitaniye ubucuti bwa hafi na Yehova?
7 Igihe umwana afise ingorane canke akaba akeneye gufata ingingo ihambaye, twoshobora kumubaza duti: ‘Wibaza ko Yehova abibona gute? Ni igiki woba uzi kuri Yehova gitumye wishura gutyo? Woba waramutuye isengesho kuri ico kintu?’ Uhereye hakiri kare bishoboka, nufashe abana bawe mu buzima bwabo bame nantaryo bagira akigoro ko kumenya ivyo Imana igomba no kubishira mu ngiro. Uko baguma bunga ubucuti bwa hafi na Yehova ubwiwe, bazogira akanyamuneza ko kugendera mu nzira ziwe. (Zaburi 119:34, 35) Ivyo bizobubakamwo umutima wo gushima agateka ko kwifatanya n’ishengero ry’Imana y’ukuri.
Ugutegura Amakoraniro y’Ishengero
8. (a) Ni igiki codufasha kugira ngo dushire mu nyigisho yacu y’umuryango ibintu vyose bikeneye kwitwararikwa? (b) Iyo nyigisho ihambaye ku rugero rungana iki?
8 Hari ibintu vyinshi bikwiye kwitwararikwa mu biringo vy’inyigisho y’umuryango. None ivyo vyose mwobishiramwo gute? Ntibishoboka ko mukorera ibintu vyose rimwe. Mugabo hari aho mwosanga vyobafasha mwanditse urutonde rw’ivyokorwa. (Imigani 21:5) Rimwe na rimwe, ze murarusoma hanyuma murimbure ibikeneye kwitwararikwa mu buryo budasanzwe. Nimwitwararike cane iterambere ry’umwumwe wese mu bagize umuryango. Iyo ndinganizo y’ukugira inyigisho y’umuryango ni umuce uhambaye w’ugutanga inyigisho ya gikirisu, iradufasha mu buzima bwo muri iki gihe, ikanadufasha kwitegurira ubuzima buhoraho buri imbere.—1 Timoteyo 4:8.
9. Ni imigambi iyihe yerekeye ugutegura amakoraniro dushobora buhorobuhoro kwihatira gushikako mu nyigisho zacu z’umuryango?
9 Mbega mu nyigisho yanyu y’umuryango mwoba mushiramwo ugutegura amakoraniro? Hari imigambi itari mike mwoshobora kuza muragerageza gushikako uko mwigira hamwe. Imwimwe muri iyo hari aho yofata imishamvu, amezi, canke mbere n’imyaka kugira ngo iranguke. Nimurimbure iyi migambi: (1) kuba umwumwe wese mu muryango yiteguriye kwishura ku makoraniro y’ishengero; (2) umwumwe wese akihatira gutanga inyishu mu majambo yiwe bwite; (3) agashiramwo ivyanditswe mu nyishu atanga; akongera (4) agasuzuma amayagwa, arondera ingene yoyashira mu ngiro. Ivyo vyose birashobora gufasha umuntu kunyurwa n’ukuri.—Zaburi 25:4, 5.
10. (a) Dushobora gute kwitwararika rimwerimwe ryose mu makoraniro y’ishengero? (b) Ni kuki ivyo ari ngirakamaro?
10 Naho inyigisho yanyu y’umuryango ikunda kuba ishingiye ku cigwa c’Umunara w’Inderetsi c’umushamvu, ntimukirengagize akamaro ko gutegura Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero, Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi, hamwe n’Ikoraniro ry’Umurimo muri mwenyene canke muri mu muryango. N’iyo nyene ni imice ihambaye ya ya porogarama yo kutwigisha kugendera mu nzira ya Yehova. Rimwe na rimwe hari aho mwoshobora gutegura amakoraniro muri mu muryango. Mukoreye hamwe, ubuhinga bwo kwiga buzotera imbere. Ico bivamwo ni uko muzoronkera ibindi vyiza vyinshi ku makoraniro ubwayo. Mushobora nko kuganira ivyiza biva mu gutegura ayo makoraniro mudahorereza hamwe n’akamaro ko kugira umwanya ntabanduka wagenewe ico.—Abanyefeso 5:15-17.
11, 12. Ugutegura indirimbo turirimba mw’ishengero bishobora gute kutwungura, kandi ivyo bishobora kugirwa gute?
11 Kuri ya Materaniro yataziriwe ngo “Inzira y’Ubuzima Ishimwa n’Imana,” twararemeshejwe gutegura uwundi muce w’amakoraniro yacu—na wo ni ukuririmba. Ivyo woba warabikurikije? Tubigize birashobora kudufasha gutuma ukuri kwa Bibiliya kuguma mu mizirikanyi no mu mitima yacu kandi muri ico gihe nyene tukongereza ukunezererwa dufitiye amakoraniro y’ishengero.
12 Ugutegura kurimwo ugusoma n’ukuganira ku nsobanuro y’amajambo ari mu ndirimbo zimwezimwe zashizwe ku rutonde kurashobora kudufasha kuririmba bimwe bivuye ku mutima. Muri Isirayeli ya kera, ibicurarangisho vyarakoreshwa mu buryo bukomeye mu gusenga. (1 Ngoma 25:1; Zaburi 28:7) Hoba hari umuntu mu muryango wanyu azi kuvuza igicurarangisho? Ni kuki none mutogikoresha kugira ngo mwimenyereze rumwe mu ndirimbo z’Ubwami zitegekanijwe muri iyo ndwi, hanyuma maze mukaruririmba muri umuryango. Ubundi buryo ni ugukoresha ikaseti y’izo ndirimbo. Mu bihugu bimwebimwe abavukanyi bacu bararirimba neza cane batarinze kujana n’umuziki. Igihe bariko barigendagendera mu nzira canke bagiye gukora mu mirima, kenshi baranezerwa no kuririmba indirimbo zitegekanirijwe amakoraniro y’ishengero muri iyo ndwi.—Abanyefeso 5:19.
Umuryango Uritegurira Umurimo wo mu Ndimiro
13, 14. Ni kuki ibiyago bigirirwa mu muryango bitegura imitima yacu ku bw’igikenurwa c’agaciro co mu ndimiro?
13 Gushingira intahe abandi ku vyerekeye Yehova n’umugambi wiwe ni umuce uhambaye w’ubuzima bwacu. (Yesaya 43:10-12; Matayo 24:14) Twaba abakiri bato canke abakuze, iyo twiteguye turarushiriza kunezererwa ico gikorwa kandi tukarangura ivyiza bihambaye gusumba. None ivyo dushobora kubigira gute mu muryango?
14 Nk’uko bimeze ku bintu vyose bijanye n’ugusenga kwacu, birahambaye cane ko dutegura imitima yacu. Ntidukwiye kuganira ivyo tugiye gukora gusa, ariko kandi twoganira n’igituma tugiye kubikora. Mu misi y’Umwami Yehoshafati, abantu barahawe amacishabwenge mu mategeko y’Imana, mugabo Bibiliya itubwira yuko abantu “bataribwategure umutima wabo.” Ivyo vyatuma bakurikira amohe yashobora kubazimiza bagata ugusenga kw’ukuri. (2 Ngoma 20:33, NW; 21:11) Umugambi dufise si uwo gushobora gusa gutanga raporo y’amasaha twamaze mu murimo wo mu ndimiro, eka mbere si n’ugupfa gutanga ibisohokayandikiro gusa. Igikenurwa cacu gikwiye kuba uburyo bwo guserura urukundo dufitiye Yehova hamwe n’urwo dukunda abantu bakeneye akaryo ko guhitamwo ubuzima. (Abaheburayo 13:15) Ni umurimo turangura turi ‘abakorana n’Imana.’ (1 Ab’i Korinto 3:9) Mbega agateka! Uko tugira uruhara muri ico gikenurwa, tubigira dufadikanije n’abamarayika beranda. (Ivyahishuriwe 14:6, 7) Mbega ni umwanya uwuhe wo gukomeza ugukenguruka ivyo woza uruta ibiyago bigirirwa mu muryango, haba mu nyigisho tugira indwi ku ndwi canke igihe tuganira icanditswe kibereye muri ka gatabu Examinons les Écritures chaque jour.
15. Ni ryari twoshobora gutegura umurimo wo mu ndimiro mu muryango?
15 Woba rimwe na rimwe ufata umwanya mu nyigisho yanyu y’umuryango kugira ngo usahirize abagize urugo gutegura umurimo wo mu ndimiro wo ku mushamvu? Ubigize gutyo birashobora kuba ngirakamaro cane. (2 Timoteyo 2:15) Birashobora kubafasha gutuma umurimo wabo ugira ico uvuze kandi ukimbuka. Rimwe na rimwe, mushobora gufata ikiringo c’inyigisho cose uko kingana mukagihebera kwitegura mwene ukwo. Kenshi cane, mushobora kuvuga ivyerekeye imice y’igikenurwa co mu ndimiro mu biyago bigufibigufi mwogira murangije inyigisho y’umuryango, canke mu wundi mwanya muri iyo ndwi.
16. Nimuvuge agaciro k’intambwe imwimwe yose yatondekanijwe muri iyo ngingo.
16 Mu biringo vy’inyigisho y’umuryango hashobora kwitwararikwa intambwe zikurikirana, nk’izi: (1) Tegura umwerekano usubiwemwo neza harimwo n’icanditswe cosomwa muri Bibiliya igihe akaryo kabonetse. (2) Nimba bishoboka, nimurabe neza ko umwumwe wese afise agasakoshi kiwe bwite, Bibiliya, ako kwandikamwo, ikaramu canke ikaramu y’igiti, amataragiti, hamwe n’ibindi bisohokayandikiro bimeze neza. Ishakoshi y’igikorwa ntikwiye kuba iyizimvye, ariko ikwiye kuba isukuye. (3) Nimuganire ahantu mwoshingira intahe akaryo kizanye n’ukuntu mwobigira. Nimukurikire intambwe yose y’aya macishabwenge mu biringo muba muriko mukorera hamwe mu murimo wo mu ndimiro. Muratange inama ngirakamaro, ariko ntimutange impanuro ku bintu vyinshi birenze urugero.
17, 18. (a) Ni ukwitegura bwoko ki twogira uko turi umuryango gushobora kudufasha kugira ngo igikenurwa co mu ndimiro cacu kirushirize kwimbuka? (b) Ni umuce uwuhe w’ukwo kwitegura ushobora kugirwa indwi ku ndwi?
17 Igihimba kinini c’umurimo Yezu Kirisitu yahaye abayoboke biwe ni uguhindura abantu abigishwa. (Matayo 28:19, 20) Guhindura abantu abigishwa bisaba ibiruta kwamamaza inkuru nziza. Bisaba kwigisha. Inyigisho yanyu y’umuryango ishobora gute kubafasha ngo mube kirumara mu kugira ivyo?
18 Nimuganire mu muryango abo vyoba vyiza musubiye kugendera. Bamwe muri bo bashobora kuba baremeye ibisohokayandikiro; abandi bashobora kuba barumvirije gusa. Bashobora kuba abo mwahuye mu gikorwa c’inzu ku yindi canke mu gushinga intahe akaryo kizanye mu kaguriro canke kw’ishure. Nimureke Ijambo ry’Imana ribayobore. (Zaburi 25:9; Ezekiyeli 9:4) Nimurabe uwo umwe wese muri mwebwe ashaka gusubira kugendera muri iyo ndwi. Ni ibiki muzoganira? Ikiyago mugirira mu muryango kirashobora gufasha umwumwe wese mu bawugize kwitegura. Nimwandike ivyanditswe birashe mwosomera hamwe n’abashimishijwe, mutibagiye ingingo zibereye ziri muri ka gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? canke muri ca gitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira. Ntukagerageze kuganira vyinshi birenze igihe ugendeye umuntu. Numusigire ikibazo kizokwishurwa niwamugendera ubukurikira. Ni kuki none mu muryango wanyu mutokwama mutegekanya indwi yose abo umwumwe wese azogendera, igihe azoja kubaraba, n’ico yizigiye kuzorangura. Ivyo mubigize birashobora gufasha kugira igikenurwa co mu ndimiro c’umuryango wose kirushirize kwimbuka.
Nimubandanye Kubigisha Inzira ya Yehova
19. Mu gihe abagize umuryango babandanije bagendera mu nzira ya Yehova, ni igiki batabura kugira, kandi ivyo babifashwamwo n’iki?
19 Kuba serugo muri iyi si mbi si ikintu coroshe. Shetani hamwe n’amadayimoni yiwe barihata gusenyura ukwizera kw’abasavyi ba Yehova. (1 Petero 5:8) Vyongeye, muri iki gihe hariho umukazo mwinshi cane kuri mwebwe bavyeyi, canecane kuri mwebwe mureze abana muri mwenyene. Biragoye kuronka umwanya wo gukora ibintu vyose mwoba mwipfuza gukora. Mugabo utwigoro mugira mu kubikora si utw’impfagusa, naho nyene mwoba mushoboye gushira mu ngiro inama imwimwe hanyuma buhorobuhoro bigateza imbere porogarama yanyu yo kugira inyigisho y’umuryango. Ni impera yeza umutima kubona abantu mufitaniye ubucuti bwa hafi bagendera mu nzira ya Yehova badahemuka. Kugira ngo bagendere mu nzira ya Yehova batunganirwa, abagize umuryango bakeneye kuronkera umunezero mu kuba bari ku makoraniro y’ishengero no mu kugira uruhara mu gikenurwa co mu ndimiro. Kugira ivyo bishoboke, ukwitegura kurakenewe—na kwo kukaba ari ukwitegura kwubaka umutima kandi kugafasha umwumwe wese ngo agire uruhara ruri n’ico ruvuze.
20. Ni igiki gishobora gufasha abavyeyi benshi kwibonera wa munezero uvugwa muri 3 Yohana 4?
20 Ku vyerekeye abantu yari yarafashije mu buryo bw’impwemu, intumwa Yohani yanditse ati: “Nta wundi munezero mfise uruta uyu, kwumva kw abana banje bagendera mu kuri.” (3 Yohana 4) Inyigisho z’umuryango zirongorwa umuntu afise intumbero zitomoye ashaka gushikako, kandi ba serugo bakaba bagirira umwumwe wese mu bagize umuryango ibihuje n’ivyo akeneye mu buryo buranga umutima mwiza kandi bufasha, barashobora gushika kuri vyinshi vyotuma umuryango ushobora gusangira umunezero mwene uwo. Abavyeyi batsimbataje ugushima inzira y’ubuzima ishimwa n’Imana, baba bariko barafasha imiryango yabo kunezererwa inzira y’ubuzima nziza kuruta izindi.—Zaburi 19:7-11.
Woba Ushobora Gusigura?
◻ Ni kuki ugutegura amakoraniro bihambaye cane ku bana bacu?
◻ Abavyeyi bashobora gute gufasha abana babo “[kw]ironkera ubgenge”?
◻ Inyigisho yacu y’umuryango ishobora gute gufasha mu vy’ugutegura amakoraniro yose?
◻ Ugutegura umurimo wo mu ndimiro gushobora kudufasha gute mu muryango kugira ngo turushirize kuba kirumara?
[Ifoto ku rup. 30]
Mu nyigisho yanyu y’umuryango murashobora gushiramwo ugutegura amakoraniro y’ishengero
[Ifoto ku rup. 31]
Kwimenyereza kuririmba indirimbo zikoreshwa ku makoraniro ni ngirakamaro