Yemwe Abahagarikiye Imiryango—Nimugumane Urutonde Rwiza rw’Ibikorwa vyo mu vy’Impwemu
1 Naho Daniyeli yari amaze imyaka mirongo aba mu bantu basenga ibigirwamana kandi bononekaye b’i Babiloni, yari azwi ko ‘yama nantaryo’ asukurira Yehova. (Dan. 6:16, 20) None yashoboye gute kuguma akomeye mu vy’impwemu? Inkuru ya Bibiliya yerekana yuko yari afise urutonde rwiza rw’ibikorwa vyo mu vy’impwemu rwo kurangura ibikorwa bijanye n’ugusenga kw’ukuri. Nk’akarorero, yari afise akamenyero ko gusenga gatatu ku musi ari mu cumba ciwe co hejuru. (Dan. 6:10) Nta gukeka kandi yuko yari yarashinze urutonde ntabanduka rw’ibindi bikorwa vyo mu vy’impwemu, nko gusoma Ivyagezwe. Kubera ivyo, igihe yari ahanganye n’ikigeragezo gihanamira ubuzima, Daniyeli ntiyahungabanye ngo areke kwibanda kuri Yehova; ku bw’ivyo yarakijijwe ku gitangaro.—Dan. 6:4-22.
2 No muri iki gihe nyene, dutegerezwa kwihata kugira ngo ‘twame turi maso.’ (Ef. 6:18) Isi tubayemwo iri “muri wa Mubi.” (1 Yoh. 5:19) Ukurwanywa canke ibigeragezo birashobora kwaduka bukwi na bukwi maze bigatuma ukwizera kwacu kugeragezwa. Muri wa mubabaro uhambaye, Gogi w’i Magogi azotera abasavyi b’Imana igitero simusiga, bikazoba bisa n’uko ata buhungiro bafise. Ivyo bizosaba ko bizigira Yehova n’umutima wabo wose.—Ezk. 38:14-16.
3 “Kimwe mu bintu nyamukuru bogira, ni uko ugusoma Bibiliya, ukuyiga n’ukuyiganirako mu muryango mu buryo kirumara bobigira inzira y’ubuzima.” Ivyo ni ivyavuzwe mu ntangamarara y’igikino cabaye kw’ihwaniro ry’intara ryo mu 1998 cari cataziriwe ngo “Yemwe Miryango—Ugusoma Bibiliya Imisi Yose Nimukugire Inzira Yanyu y’Ubuzima!” Iyo ntangamarara yabandanya igira iti: “Mu gihe imiryango ikurikije urutonde mwene urwo idahorereza kandi bikaba mu buryo butuma Bibiliya iba nzima, ako kamenyero kayobowe na Bibiliya karashobora kugira ico gahinduye kinini ku muryango. Karubaka ubumenyi bwacu. Karakomeza ukwizera kwacu. Vyongeye, karaduha abantu b’icitegererezo twokurikiza—abagabo n’abagore bo mu bihe vya kera babaye abizerwa bimwe bikomeye—bashobora kutwosha, bigatuma duharanira ukuri.” Uko turimbura imice itandukanye y’urutonde rwiza rw’ibikorwa vyo mu vy’impwemu, abahagarikiye imiryango barakwiye kurondera uburyo bumwe canke bubiri boryohora porogarama y’ibikorwa vyo mu vy’impwemu yo mu muryango wabo.
4 Nimurimbure Ijambo ry’Imana ku Musi ku Musi: “Igihe Ubwami bw’Imana buzoba butegeka ata wuburwanya kandi ivyo igomba bikaba bikorwa kw’isi nk’uko bikorwa mw’ijuru, nta bantu b’inkazi ‘bazogira ico bagiriye nabi canke bononye,’ eka mbere n’ibikoko ni ukwo nyene. (Yes. 11:9; Mat. 6:9, 10)” Ayo majambo yabonetse mu gatabu Twihweze Ivyanditswe ku Musi ku Musi—2001 mu nsasanuro zatanzwe ku canditswe co ku wa 11 Nyakanga. Ese ukuntu ico cibutswa caduhumurije! Kubera ko uhagarikiye umuryango, woba ufise akamenyero ko kurimbura ku musi ku musi icanditswe ca Bibiliya be n’insasanuro zaco uri kumwe n’umuryango wawe? Ivyo ni ngirakamaro cane. Nimba bitabashobokera gukoranira hamwe mu gitondo, kumbure mwoshobora gukoranira hamwe mu wundi mwanya kuri uwo musi. Sebibondo umwe avuga ati: “Ibifungurwa vyo ku mugoroba vyaratubereye igihe ciza c’uguhana ijambo ku gisomwa ca Bibiliya c’umusi.”
5 Nimba mu muryango wanyu musanzwe mufise urutonde rwiza rwo kwihweza icanditswe c’umusi, murakwiye gukezwa. Kumbure mwoshobora kwubakira kuri ivyo mu gusoma igihimba kinaka ca Bibiliya muri ico gihe nyene. Bamwe barafise akamenyero ko gusoma ikigabane cose cakuwemwo icanditswe c’umusi. Abandi basoma igisomwa gikurikirana, bakagenda intambwe ku yindi bahetura igitabu ca Bibiliya kinaka bahisemwo. Gusoma Bibiliya ku musi ku musi bizofasha umuryango wanyu gutsimbataza mu buryo bubereye ugutinya ko mwohava mudahimbara Yehova, kandi bizokwongereza icipfuzo canyu co gukora ivyo agomba.—Gus. 17:18-20.
6 Porogarama y’umuryango wanyu yo gusoma Bibiliya be no kwihweza icanditswe c’umusi izorushiriza mbere kuba ngirakamaro nimwaja murafata iminuta mikeyi mukaganira ku gaciro ngirakimazi k’ayo makuru. Igitabu Ishure ry’Ubusuku ku rupapuro rwa 60, kiratanga izi nama giti: “Ushobora . . . kurobanura imirongo mikeyi mu gisomwa ca Bibiliya cashizwe ku rutonde ku bw’uwo mushamvu, mukaganira ico isobanura, hanyuma maze mukabaza utubazo nk’utu: ‘Ivyo biduha ubuyobozi gute? Twoshobora gute gukoresha iyo mirongo mu busuku? Ihishura iki ku vyerekeye Yehova hamwe n’uburyo akora ibintu, kandi ivyo vyubaka gute ukumukengurukira kwacu?’ ” Mwene ivyo biyago vyo mu vy’impwemu bizofasha abo mu rugo rwawe bose ‘gutahura ivyo Yehova agomba ivyo ari vyo.’—Ef. 5:17.
7 Inyigisho y’Umuryango: Kurongora inyigisho y’umuryango udahorereza ku ndwi ku ndwi ni uburyo bwiza abahagarikiye imiryango bakoresha kugira ngo bereke abana babo yuko ibintu vyo mu vy’impwemu ari vyo biza mu kibanza ca mbere. Umusore umwe yibuka ati: “Rimwe na rimwe dawe yaba arushe rwose avuye ku kazi ku buryo vyamugora kuguma ari maso, mugabo naho vyaba ari ukwo, inyigisho yaragirwa, gutyo vyaradufashije gutahura yuko itari iyo gufata minenegwe.” Abana na bo nyene barashobora guterera agacumu k’ubumwe ku kwererwa kw’iyo ndinganizo. Hari umuryango urimwo abana icenda wama uvyuka imisi yose isaha cumi n’imwe zo mu gitondo kugira ngo bagire inyigisho yabo y’umuryango, kubera yuko ata wundi mwanya wabashobokera.
8 Kugira ngo inyigisho y’umuryango igire ico ivamwo, uwuhagarikiye umuryango ategerezwa ‘kwama agavye ku vyo yigisha.’ (1 Tim. 4:16) Igitabu Ishure ry’Ubusuku, ku rupapuro rwa 31-32, kigira giti: “Vyoshobora neza kuvugwa yuko inyigisho kirumara y’umuryango itangurana n’ukwiga umuryango wawe ubwawo. Mbega abagize umuryango wawe bariko batera imbere gute mu vy’impwemu? . . . Igihe uri mu busuku bwo mu ndimiro uri kumwe n’abana bawe, boba biyumvamwo ko borohewe n’ukuvuga imbere y’urunganwe rwabo yuko ari Ivyabona vya Yehova? Boba bahimbarwa na porogarama yanyu yo gusoma Bibiliya n’iy’ukuyigira mu muryango? Boba vy’ukuri bariko bagira inzira ya Yehova inzira yabo y’ubuzima? Witegereje witonze bizohishura ivyo wewe serugo ukeneye gukora kugira ngo ushinge wongere wubake kamere zo mu vy’impwemu muri umwumwe wese mu bagize umuryango.”
9 Amakoraniro y’Ishengero: Gutegura amakoraniro y’ishengero no kuyitaba bikwiye kuba igihimba gihambaye c’ibikorwa mutegekanya gukora ku ndwi ku ndwi. (Heb. 10:24, 25) Rimwe na rimwe, mwoshobora gutegurira hamwe mu muryango amakoraniro amwamwe. Aho kurindira umunuta wa nyuma, vyoba bishoboka ko mutunganya ivyo kwitegura hakiri kare bihagije? Urutonde rwiza rw’ibikorwa nk’ivyo, ruzotuma murushiriza gutegura neza rwongere rutume murushiriza kwungukira ku makoraniro.—Imig. 21:5.
10 Urutonde ngirakamaro rw’ibikorwa vyo mu vy’impwemu rurangwa n’ukuba rumeze neza kandi rudahindagurika. Wokora iki none mu gihe ukuntu ibintu vyifashe gutuma bitagushobokera gutegura amakoraniro yose? Igitabu Ishure ry’Ubusuku, ku rupapuro rwa 31, kitugira iyi nama: “Niwirinde imitego yo kwihutagiza kugira gusa uheze, canke kutiga ikintu na kimwe muri yo kubera ko udashoboye kubigira na gato, aho hoho bikaba vyoba ari bibi kuruta. Ahubwo, nurabe ivyo ushobora kwiga uko bingana, hanyuma ubigire neza. Ivyo nubigire ku ndwi ku ndwi. Mu nyuma, niwihatire kwagura ushiremwo ayandi makoraniro.”
11 Igihe imiryango ishika ku makoraniro hakiri kare, ivyo birafasha mu vyo gutuma bagira umuzirikanyi umeze neza witeguriye gushemeza Yehova bakongera bakungukira ku nyigisho atanga. None umuryango wanyu woba ufise ako kamenyero? Bisaba ko ibintu bitunganywa neza be n’uko abo mu rugo bose basenyera ku mugozi umwe. Nimba akenshi ubona yuko umuryango wawe wihutagiza kandi umutima ukaba utaba uri mu nda ku musi w’ikoraniro, mwoba mushobora kugira ico muhinduye mu rutonde rw’ibikorwa vyanyu? Hoba hariho ibintu vyoshobora kwitwararikwa imbere y’igihe? Nimba umwe mu bagize umuryango aremerewe n’ibikorwa vyinshi, abandi boba bashobora kumufasha? Mu gihe umwe wese yoba yiteguye kuja kw’ikoraniro iminuta mikeyi imbere y’igihe, vyoba vyogabanura umukazo? Urutonde rwiza ruratuma mu muryango no mw’ishengero harangwa amahoro.—1 Kor. 14:33, 40.
12 Umurimo wo mu Ndimiro: Gushinga ibihe ntabanduka vyo kugira uruhara mu busuku ni uwundi muce w’urutonde rwiza rw’ibikorwa vyo mu vy’impwemu. Umusore umwe yitwa Jayson yigana ati: “Mu muryango wanje, imisi ya Gatandatu mu gitondo cari igihe nantaryo cahebewe kuja mu murimo wo mu ndimiro. Ivyo vyari vyiza kuri jewe kubera yuko uko narushiriza kuja mu busuku, ni ko narushiriza kubona iciza kivamwo kandi nkarushiriza kukinezerererwa.” Benshi bakuriye mu ngo z’Ivyabona na bo nyene bariboneye yuko kugira igihe ntabanduka co kuja mu busuku uko indwi itashe, vyabafashije gutera imbere bakaba abasuku bakirisu.
13 Urutonde rwiza rw’ibikorwa rurashobora kandi gutuma umwanya umuryango wawe umara mu murimo wo mu ndimiro uba uwuhimbaye kuruta ukaba n’uwimbuka kuruta. Ivyo bishobora kurangurwa gute? Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 1999, ku rupapuro rwa 31 ugira uti: “Woba rimwe na rimwe ufata umwanya mu nyigisho yanyu y’umuryango kugira ngo usahirize abagize urugo gutegura umurimo wo mu ndimiro wo ku mushamvu? Ubigize gutyo birashobora kuba ngirakamaro cane. (2 Timoteyo 2:15) Birashobora kubafasha gutuma umurimo wabo ugira ico uvuze kandi ukimbuka. Rimwe na rimwe, mushobora gufata ikiringo c’inyigisho cose uko kingana mukagihebera kwitegura mwene ukwo. Kenshi cane, mushobora kuvuga ivyerekeye imice y’igikenurwa co mu ndimiro mu biyago bigufibigufi mwogira murangije inyigisho y’umuryango, canke mu wundi mwanya muri iyo ndwi.” Umuryango wawe woba warabigerageje?
14 Nimubandanye Gutera Muja Imbere: Muri ivyo duhejeje kwihweza, woba wabonye imice kanaka umuryango wawe uriko urakora neza? Nubakeze, kandi wihatire kwubakira kuri iyo mice. Nimba ubona yuko hariho imice myinshi ikeneye gutezwa imbere, nurobanure umuce umwe canke ibiri wobanza gutunganya. Niyamara gucika iyigize urutonde rwanyu rw’ibikorwa vyo mu vy’impwemu, nutunganye uwundi muce umwe canke ibiri. Nubone ko ibintu bizogenda neza kandi ukore ibishoboka. (Flp. 4:4, 5) Gushinga urutonde rwiza rw’ibikorwa vyo mu vy’impwemu ku bw’umuryango wawe bisaba akigoro gakomeye, ariko ntibizoba impfagusa, kubera yuko Yehova adukura amazinda ati: “Ūtunganya ingeso ziwe nzomwereka agakiza k’Imana.”—Zab. 50:23.