ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • scl rup. 3-5
  • Intangamarara

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Intangamarara
  • Ivyanditswe bidufasha mu buzima
Ivyanditswe bidufasha mu buzima
scl rup. 3-5

Intangamarara

Igitabu Ivyanditswe bidufasha mu buzima kizotuma woroherwa no kuronka imirongo n’inkuru zo muri Bibiliya vyogufasha kuvyifatamwo neza mu ngorane urimwo. Kizogufasha no kuronka imirongo yo muri Bibiliya wokoresha mu kuremesha abandi no mu kubafasha gufata ingingo zihimbara Yehova. Nurondere ikiganiro gihuye n’ivyo ukeneye. Ikiganiro cose kirafise ibibazo ngirakamaro, n’inkuru zo muri Bibiliya zavuzwe muri make. (Raba uruzitiro «Ukuntu wokoresha iki gitabu.») Uzonyaruka kuronka impanuro nyinshi, imfashanyo n’uruhoza biva mw’Ijambo ry’Imana, vyiza kandi vyogufasha. Uzoronka kandi ibintu vy’agaciro wobwira abandi, nk’imirongo yo muri Bibiliya yobakora ku mutima, ikabafasha mu ngorane barimwo, kandi ikabaronsa impanuro n’indemesho.

Ukuntu wokoresha iki gitabu

Kugira uronke ikiganiro kanaka, urashobora gukoresha akumba ko kurondeza canke ukaronderera mu migwi. Igitabu Ivyanditswe bidufasha mu buzima kigabuwe mu migwi indwi: Ingorane, Inyifato, Ishengero, Ivy’impwemu, Kamere, Ubuzima bwa misi yose n’Umuryango. Ikiganiro wipfuza kiba kiri muri umwe muri iyo migwi. Nuhitemwo umugwi bijanye, uce uraba ikiganiro uriko urarondera. Ariko nimba utazi neza umugwi urimwo ico kiganiro ushaka, fyonda ahavuga ngo Vyose hama urondere mu rutonde rw’ibiganiro gushika uronse ico wipfuza. Ku kiganiro cose, urahasanga udutwe twinshi turi mu ndome zizize. Udutwe tumwe ni ivyiyumviro, utundi na two twanditswe mu buryo bw’ibibazo. Igihe uzoba uriko urasoma ivyanditswe vyo mu ndome zizize biri munsi y’agatwe, iyumvire wongere uzirikane ukuntu bishigikira ico ciyumviro canke vyishura ico kibazo. Ibiganiro bimwebimwe bigabuwe mu bice kugira bikworohere kuronka amakuru ukeneye bitakugoye. Hamwehamwe harashizwemwo ivyanditswe biriko «Raba kandi.» Ivyo vyanditswe birimwo ivyiyumviro bifitaniye isano n’ikiganiro. Ahatari hake, usanga hari n’«Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha.» Munsi y’ako gatwe, haba hari icanditswe n’iryungane risigura iciyumviro nyamukuru canke icigwa kiri muri ico canditswe. Iryo ryungane riragufasha kumenya ivyo worondera igihe usoma ico canditswe.

Iki gitabu nticerekana ivyanditswe vyose biba bijanye n’ikiganiro kanaka. Ariko kiraguha amakuru woherako mu kugira ubushakashatsi. (Img 2:​1-6) Kugira winjire mu mizi, nukoreshe ivyanditswe vyo mu nkingi n’amakuru adufasha kwiga yo muri Bibiliya y’isi nshasha. Nukoreshe Igitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova canke ironderero ry’ibitabu vyacu (Index des publications des Témoins de Jéhovah) kugira utahure mu buryo bwimbitse insobanuro y’icanditswe kanaka canke ukuntu coshirwa mu ngiro. Nusuzume ibiheruka gusohoka vuba cane kugira uronke amakuru ahuye n’ukuntu dusigaye dutahura ukuri kwo mu Vyanditswe.

Ese iki gitabu Ivyanditswe bidufasha mu buzima cogufasha kuronka ubukerebutsi, ubumenyi n’ugutahura biri mu Vyanditswe vyeranda. Niwabandanya gukoresha iki gitabu, uzorushiriza kujijuka ko «ijambo ry’Imana ari rizima kandi rifise ububasha.»—Heb 4:12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika