Uruhoza
Uruhoza Ivyanditswe bitanga ku bijanye n’ibintu bimwebimwe biduca intege
Amaganya
Raba «Amaganya»
Ishari; inzigo
Raba «Ishari»
Ishavu; umwikomo
Hari abagira ishavu kubera ibintu bigoye canke ivyago bagiye baracamwo
Raba kandi Zb 142:4; Ums 4:1; 7:7
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Ivyanditswe biremesha:
Inkuru zo muri Bibiliya zokuremesha:
Rs 1:6, 7, 16-18; 2:2, 19, 20; 3:1; 4:14-16—Nawomi yariyegereje abasavyi b’Imana, aremera gufashwa yongera arafasha abandi. Ivyo vyatumye intuntu yari afise ihinduka umunezero
Yb 42:7-16; Yak 5:11—Yobu yarihanganye afise ukwizera, kandi Yehova yaramuhezagiye cane
Hari abagira ishavu kubera ibibi abandi bakora
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
1Sm 1:6, 7, 10, 13-16—Hana yarababajwe cane n’ukuntu Penina yamufata nabi be n’ukuntu umuherezi mukuru Eli yamwiyumviriye ukutari kwo
Yb 8:3-6; 16:1-5; 19:2, 3—Ba bagenzi batatu ba Yobu bitwa ko bari baje kumuremesha baribona ubugororotsi kandi baramutoye amahinyu, bituma Yobu arushiriza kubabara
Ivyanditswe biremesha:
Inkuru zo muri Bibiliya ziremesha:
1Sm 1:9-11, 18 —Umubabaro wa Hana waragabanutse aho amariye gusukira Yehova ibiri ku mutima
Yb 42:7, 8, 10, 17—Yobu amaze kubabarira abamubabaje, Yehova yaratumye asubira kugira amagara meza n’umunezero
Kuba hari ivyo tudashoboye kubera indwara canke ubusaza
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
2Bm 20:1-3—Umwami Hezekiya yararize cane kubera indwara yari kumuhitana
Fp 2:25-30—Epafurodito yaratuntujwe n’uko ishengero ryamenye yuko yarwaye. Yiyumvira yuko bobonye ko ibanga bamujeje ryamunaniye
Ivyanditswe biremesha:
Inkuru zo muri Bibiliya ziremesha:
2Sm 17:27-29; 19:31-38—Wa mwizigirwa Baruzilayi yarubahwa cane na Dawidi. Dawidi yaramusavye ngo bajane i Yeruzalemu mugabo yarifashe ruto aravyanka kubera ko yari ageze mu zabukuru
Zb 41:1-3, 12—Igihe umwami Dawidi yari aremvye, yarizigiye ko Yehova yomushigikiye
Mr 12:41-44—Yezu yarashemagije umupfakazi w’umukene yatanze ivyo yari afise vyose
Kugira ubwoba
Raba «Ubwoba»
Kugumana umubabaro kubera ko abandi badufashe nabi
Raba «Gufatwa nabi»
Kuvunika umutima kubera abandi badukoreye amakosa, batubabaje canke mbere baduhemukiye
Raba «Kuvunika umutima»
Kuvunika umutima kubera ubugoyagoye bwacu n’ibicumuro vyacu
Raba «Kuvunika umutima»
Kwiyagiriza birenze
Ezr 9:6; Zb 38:3, 4, 8; 40:12
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
2Bm 22:8-13; 23:1-3 —Umwami Yosiya n’abatwarwa biwe baratahuye ko bagirwa n’igicumuro gikomeye, aho bamariye kubasomera n’ijwi ryumvikana amategeko ya Musa
Ezr 9:10-15; 10:1-4—Umuherezi Ezira n’abanyagihugu bariyagirije cane kubera ko hari abari bararongoye abagore b’abanyamahangakazi kandi Yehova yari yarabibujije
Lk 22:54-62—Intumwa Petero yariyagirije cane aho amariye kwihakana Yezu gatatu
Ivyanditswe biremesha:
Raba kandi Yes 38:17; Mik 7:18, 19
Inkuru zo muri Bibiliya ziremesha:
2Ng 33:9-13, 15, 16—Manase yabaye umwe mu bami babi gusumba abandi bose batwaye Ubuyuda, ariko yarigaye Yehova aramubabarira
Lk 15:11-32—Yezu yaratanze ikigereranyo c’umwana w’icangazi mu kwerekana ukuntu Yehova ababarira cane kandi abikunze
Kwiyumvira yuko ata co tumaze
Raba «Gukekeranya»
Kwumva ko tudashoboye gutorera umuti ingorane ikomeye iduhanze canke kwitwararika igikorwa kitoroshe twashinzwe
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Ivyanditswe biremesha:
Inkuru zo muri Bibiliya ziremesha:
Kv 3:12; 4:11, 12 —Yehova yarahumurije umuhanuzi Musa akatari gake yuko yomufashije kurangura igikorwa yamushinze
Yr 1:7-10—Yehova yarahumurije umuhanuzi Yeremiya ko yomufashije gutsinda intambamyi zose bohuye
Uruhamo
Raba «Uruhamo»