ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • scl rup. 111-113
  • Uruhamo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uruhamo
  • Ivyanditswe bidufasha mu buzima
Ivyanditswe bidufasha mu buzima
scl rup. 111-113

Uruhamo

Kubera iki abakirisu bakwiye kwitega uruhamo?

Mt 10:22; Yoh 15:​19-21; 16:​2, 3; 2Tm 3:12

Kubera iki dukwiye gusaba Yehova inkomezi iyo turi mu ruhamo?

Zb 55:22; 2Kr 12:​9, 10; 2Tm 4:​16-18; Heb 13:6

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Bm 19:​1-18—Igihe umuhanuzi Eliya yari mu ruhamo, yarasukiye Yehova ibiri ku mutima maze araronka indemesho n’uruhoza

    • Ivk 7:​9-15—Yozefu yarahamwe na benewabo, ariko Yehova ntiyamuhemukiye. Yaramurokoye yongera aramukoresha mu kurokora umuryango wiwe

Ubwoko bumwebumwe bw’uruhamo ni ubuhe?

Gutukwa

2Ng 36:16; Mt 5:11; Ivk 19:9; 1Pt 4:4

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 2Bm 18:​17-35—Rabushake, umuvugizi w’umwami wa Ashuri, yaratutse Yehova yongera aracokora abantu b’i Yeruzalemu

    • Lk 22:​63-65; 23:​35-37—Abahama Yezu baramututse bongera baramucokora igihe yafatwa n’igihe yari ku giti co kubabarizwako

Guhamwa n’umuryango

Mt 10:​21, 35, 36

Gupfungwa canke kurengutswa imbere y’abategetsi

Mt 10:18; Mr 1:14; Lk 20:20; 21:12; Ivk 5:18; 8:3; Ivy 2:10

Kugirirwa nabi ku mubiri

Mt 27:​29, 30; Yoh 19:1; Ivk 5:40; 16:​22, 23; 2Kr 11:​23-25

Guterwa n’utugwi tw’abantu

Lk 4:​28, 29; Ivk 14:19; 17:5

Kwicwa

Mt 24:9; Ivk 12:​1, 2

Abakirisu bakwiye kuvyifatamwo gute bariko barahamwa?

Mt 5:44; Ivk 16:25; 1Kr 4:​12, 13; 1Pt 2:23

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Ivk 7:57–8:1—Naho umwigishwa Sitefano yagire apfe yishwe n’akagwi k’inkozi z’ikibi, yarasavye Imana kugirira imbabazi abariko baramuhama, hakaba harimwo na Sawuli w’i Taruso

    • Ivk 16:​22-34—Naho intumwa Pawulo yakubiswe agashirwa mu mpatane z’ibiti, yaragiriye umutima mwiza uwari amucunze, bituma uwo mugabo n’abo mu rugo rwiwe bacika abemera

Ni ibiki vyashikiye bamwebamwe mu bakirisu bo mu kinjana ca mbere?

Ivk 7:​52, 54, 60

Dukwiye kubona gute uruhamo?

Ivk 5:41; Fp 1:​27-29; Heb 11:​24-26

Icizigiro cacu ca kazoza kidukomeza gute mu gihe c’uruhamo?

Mt 10:​28, 29; Heb 11:​35-40

Raba kandi Fp 3:​8, 10, 11; Ivy 2:10

Kubera iki tudakwiye kureka ngo abaturwanya batume tumaramara, tugira ubwoba canke ngo ducike intege, kandi kuki tudaheba gukorera Yehova?

Zb 56:​1-4; Ivk 4:​18-20; 2Tm 1:​8, 12

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 2Ng 32:​1-22—Igihe umwami Senakeribu yaja gutera Yeruzalemu ari kumwe n’ingabo nyinshi, umwami w’umwizigirwa Hezekiya yarizigiye Yehova yongera arakomeza abantu kandi Yehova yaramuhezagiye cane

    • Heb 12:​1-3—Abahama Yezu baragerageje kumutetereza, ariko ntivyamuteye isoni ngo bitume acika intege mu buryo na bumwe

Ni ivyiza ibihe bishobora kuva ku ruhamo?

Iyo twihanganye turi mu bigeragezo, birahimbara Yehova kandi biratera iteka izina ryiwe

1Pt 2:​19, 20; 4:​12-16

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Yb 1:​6-22; 2:​1-10—Naho Yobu atari azi ko Shetani ari we yariko aramuteza ingorane zikomeye, yaranse guheba Yehova. Ivyo vyaraninahaje Imana vyongera bigaragaza ko Shetani ari umubeshi

    • Dn 1:​6, 7; 3:​8-30—Intahemuka Hananiya, Mishayeli na Azariya (Shadrake, Meshake, na Abedinego) bari biteguriye gupfa mu buryo bubi hako bagambararira Yehova. Icavuyemwo ni uko umwami w’umupagani Nebukadinezari yaninahaje Yehova imbere y’abantu

Uruhamo rurashobora gutuma haboneka akaryo ko kuvuga inkuru nziza

Lk 21:​12, 13; Ivk 8:​1, 4

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Ivk 11:​19-21—Abakirisu bari basanzaye kubera uruhamo barabandanije gukwiragiza inkuru nziza ahatari hake

    • Fp 1:​12, 13—Intumwa Pawulo yarahimbawe n’uko kuba yari apfunzwe vyatumye inkuru nziza itera imbere

Igihe twihanganira ibigeragezo birashobora gukomeza abakirisu bagenzi bacu

Fp 1:14; 2Ts 1:4

Ni uruhara uruhe indongozi z’amadini n’abanyapolitike bagira kenshi mu guhama abasavyi ba Yehova?

Yr 26:11; Mr 3:6; Yoh 11:​47, 48, 53; Ivk 25:​1-3

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Ivk 19:​24-29—I Efeso, abantu bamwebamwe bakora ibigirwamana biyumvira ko ubutumwa abakirisu bamamaza bwari gutuma bataronka amahera. Ivyo vyatumye bahama abakirisu

    • Gl 1:​13, 14—Imbere y’uko Pawulo (Sawuli) acika umukirisu, umwete mwinshi yari afitiye idini ry’Abayuda watumye ahama ishengero

Ni nde atuma abasavyi ba Yehova bahamwa?

1Pt 5:8; Ivy 12:17

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika