ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • scl rup. 98-100
  • Ukwiyegura

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukwiyegura
  • Ivyanditswe bidufasha mu buzima
Ivyanditswe bidufasha mu buzima
scl rup. 98-100

Ukwiyegura

Ni igiki gikwiye gutuma twiyegurira Yehova Imana?

Gus 6:5; Lk 10:​25-28; Ivy 4:11

Raba kandi Kv 20:5

Dukwiye kubona gute Bibiliya nimba twipfuza gukorera Imana?

Zb 119:105; 1Ts 2:13; 2Tm 3:16

Raba kandi Yoh 17:17; Heb 4:12

Dukwiye kubona gute uburyo Imana yakoresheje kugira idukize igicumuro?

Yoh 14:6; Ivk 4:12; Rm 3:23; Gl 1:4; Ef 1:7

Bisobanura iki kwigaya ibintu bitabereye twahozemwo?

Ivk 3:19; 26:20

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Lk 19:​1-10—Umukuru w’abatozakori Zakayo yarigaye kubera ko yahora anyaga abantu maze arasubiza ivyo yanyaze

    • 1Tm 1:​12-16—Intumwa Pawulo yarasiguye ukuntu yahevye ibicumuro yakora kera maze Imana na Kristu bamugirira imbabazi

Uretse guheba inyifato mbi, ni ibindi bintu ibihe dukwiye gukora?

Rm 12:​1, 2; Ef 4:​17, 18, 22-24; 1Ts 1:9

Ni ingingo ngenderwako izihe zigenga inyifato runtu dukwiye kwisunga kugira Imana ishime ivyo tuyikorera?

1Kr 6:​9-11; Kl 3:​5-9; 1Pt 1:​14, 15; 4:​3, 4

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Kr 5:​1-13—Intumwa Pawulo yasavye abo mw’ishengero ry’i Korinto gukura muri bo umugabo yakoze ubusambanyi bw’agahomerabunwa

    • 2Tm 2:​16-19—Intumwa Pawulo yahanuye Timoteyo kwamirira kure amajambo y’abahuni akwiragira nk’igisebe kiboze

Abasavyi b’Imana bakwiye kugira impagararo iyihe ku bijanye n’ivy’iyi si?

Yes 2:​3, 4; Yoh 15:19

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Yoh 6:​10-15 —Aho Yezu amariye kugaburira isinzi rinini ry’abantu ku gitangaro, abantu baciye bashaka kumugira umwami mugabo yaciye ahava

    • Yoh 18:​33-36—Yezu yarasiguye ko Ubwami bwiwe butivanga mu bibazo vya politike vy’iyi si

Impwemu nyeranda idufasha gute gukorera Imana?

Yoh 16:13; Gl 5:​22, 23

Raba kandi Ivk 20:28; Ef 5:18

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Ivk 15:​28, 29—Impwemu nyeranda yarayoboye abagize inama nyobozi y’i Yeruzalemu igihe bafata ingingo ihambaye ijanye no kugenyerwa

Abasavyi b’Imana bayiyeguriye bakwiye kwigana gute Yezu Kristu mu kuntu bayikorera?

Mt 22:37; Yoh 4:34; 6:38; Heb 10:​8, 9

Kubera iki abakirisu biyeguriye Imana basabwa kubatizwa?

Mt 28:​19, 20; Ivk 2:​40, 41; 8:12; 1Pt 3:21

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Mt 3:​13-17—Yezu yaritanze kugira akore ivyo Se agomba, avyerekana mu kubatizwa

    • Ivk 8:​26-39 —Umutegetsi w’Umunyetiyopiya yari yiteguriye kubatizwa aho amariye kumenya ukuri kwerekeye Yezu Kristu, akaba yari amaze kwinjira idini ry’Abayuda

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika