Ukwiyegura
Ni igiki gikwiye gutuma twiyegurira Yehova Imana?
Gus 6:5; Lk 10:25-28; Ivy 4:11
Raba kandi Kv 20:5
Dukwiye kubona gute Bibiliya nimba twipfuza gukorera Imana?
Zb 119:105; 1Ts 2:13; 2Tm 3:16
Raba kandi Yoh 17:17; Heb 4:12
Dukwiye kubona gute uburyo Imana yakoresheje kugira idukize igicumuro?
Bisobanura iki kwigaya ibintu bitabereye twahozemwo?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Lk 19:1-10—Umukuru w’abatozakori Zakayo yarigaye kubera ko yahora anyaga abantu maze arasubiza ivyo yanyaze
1Tm 1:12-16—Intumwa Pawulo yarasiguye ukuntu yahevye ibicumuro yakora kera maze Imana na Kristu bamugirira imbabazi
Uretse guheba inyifato mbi, ni ibindi bintu ibihe dukwiye gukora?
Ni ingingo ngenderwako izihe zigenga inyifato runtu dukwiye kwisunga kugira Imana ishime ivyo tuyikorera?
1Kr 6:9-11; Kl 3:5-9; 1Pt 1:14, 15; 4:3, 4
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
1Kr 5:1-13—Intumwa Pawulo yasavye abo mw’ishengero ry’i Korinto gukura muri bo umugabo yakoze ubusambanyi bw’agahomerabunwa
2Tm 2:16-19—Intumwa Pawulo yahanuye Timoteyo kwamirira kure amajambo y’abahuni akwiragira nk’igisebe kiboze
Abasavyi b’Imana bakwiye kugira impagararo iyihe ku bijanye n’ivy’iyi si?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Yoh 6:10-15 —Aho Yezu amariye kugaburira isinzi rinini ry’abantu ku gitangaro, abantu baciye bashaka kumugira umwami mugabo yaciye ahava
Yoh 18:33-36—Yezu yarasiguye ko Ubwami bwiwe butivanga mu bibazo vya politike vy’iyi si
Impwemu nyeranda idufasha gute gukorera Imana?
Raba kandi Ivk 20:28; Ef 5:18
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
Ivk 15:28, 29—Impwemu nyeranda yarayoboye abagize inama nyobozi y’i Yeruzalemu igihe bafata ingingo ihambaye ijanye no kugenyerwa
Abasavyi b’Imana bayiyeguriye bakwiye kwigana gute Yezu Kristu mu kuntu bayikorera?
Kubera iki abakirisu biyeguriye Imana basabwa kubatizwa?
Mt 28:19, 20; Ivk 2:40, 41; 8:12; 1Pt 3:21
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Mt 3:13-17—Yezu yaritanze kugira akore ivyo Se agomba, avyerekana mu kubatizwa
Ivk 8:26-39 —Umutegetsi w’Umunyetiyopiya yari yiteguriye kubatizwa aho amariye kumenya ukuri kwerekeye Yezu Kristu, akaba yari amaze kwinjira idini ry’Abayuda