Kuba abagenzi b’isi
Ni nde aganza isi y’abatemera Imana?
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
Lk 4:5-8—Shetani yaremereye Yezu intwaro zose zo mw’isi, kandi Yezu ntiyahakanye ko Shetani azifiseko ububasha
Gushaka kuba umugenzi w’isi vyogira ingaruka iyihe ku bucuti dufitaniye na Yehova?
Raba kandi Yak 1:27
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
2Ng 18:1-3; 19:1, 2—Yehova yarahambariye wa mwami mwiza Yehoshafati kubera ko yifatanije n’umwami mubi Ahabu
Kubona isi nk’uko Yehova ayibona bituma duhitamwo gute abo twifatanya?
Raba «Abagenzi»
Kubera iki twirinda kubona ibintu vy’umubiri nk’uko isi ibibona?
Raba «Guhahamira amaronko»
Kubera iki twirinda kubona ivyipfuzo bibi vy’umubiri nk’uko isi ibibona?
Kubera iki abakirisu birinda guhayagiza cane umuntu kanaka canke amashirahamwe?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Ivk 12:21-23—Yehova yarahanye umwami Herodi Agiripa wa mbere kubera yemeye gusengwa
Ivy 22:8, 9—Umumarayika umwe w’ububasha yaranse ko intumwa Yohani amwunamira, avuga ko Yehova ari we wenyene akwiye gusengwa
Kubera iki abakirisu baguma ata ho bahengamiye mu vya politike no mu vyo kwishimira igihugu?
Kubera iki abakirisu birinda kwifatanya n’ayandi madini?
Raba «Kuja hamwe kw’amadini»
Kubera iki abakirisu banka kurenga ku ngingo ngenderwako za Yehova?
Lk 10:16; Kl 2:8; 1Ts 4:7, 8; 2Tm 4:3-5
Raba kandi Lk 7:30