Kuja hamwe kw’amadini
Abantu bose boba basenga Imana imwe?
Yehova yoba yemera amadini yose naho ayo madini yigisha ibitandukanye?
Mt 7:13, 14; Yoh 17:3; Ef 4:4-6
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Yos 24:15—Yosuwa yarerekanye ko dukwiye guhitamwo gukorera Yehova canke izindi mana
1Bm 18:19-40—Biciye ku muhanuzi Eliya, Yehova yarerekanye ko abasavyi b’Imana y’ukuri badakwiye gusenga Bayali canke izindi mana
Yehova abona gute imana z’amahanga no kuba abantu bazisenga?
Yehova abona gute abantu bavuga ko bamusenga mugabo bagashiramwo imigenzo yanka?
Yes 1:13-15; 1Kr 10:20-22; 2Kr 6:14, 15, 17
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Kv 32:1-10—Abisirayeli bararemereye Aroni arakora igishusho c’inyana maze bagikoresha mu guhimbaza «umusi mukuru wa Yehova», bikaba vyatumye Yehova ashavura cane
1Bm 12:26-30—Umwami Yerobowamu yarakoze ibishusho vyitwa ko bigereranya Yehova kugira abuze abantu kuja ku rusengero i Yeruzalemu, bikaba vyatumye abantu bacumura
Yehova yigishije iki Abisirayeli ku bijanye no kwifatanya n’abasenga izindi mana?
Yehova yavyakiriye gute igihe abasavyi biwe bakurikiza imigenzo y’abasenga izindi mana?
Abc 10:6, 7; Zb 106:35-40; Yr 44:2, 3
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
1Bm 11:1-9—Umwami Salomo yarohejwe n’abagore biwe b’abanyamahangakazi, asenga izindi mana, atuma n’abandi bamukurikira, bibabaza Yehova
Zb 78:40, 41, 55-62—Asafu arasigura ukuntu Abisirayeli bagararije basenga ibigirwamana, bituma Yehova ababara, arabaheba
Yezu yoba yarashigikiye inyigisho z’amadini zidashingiye kw’Ijambo ry’Imana?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Mt 16:6, 12—Yezu yagereranije inyigisho z’Abafarizayo n’Abasadukayo n’umwambiro kubera ko inyigisho z’ikinyoma zinyaruka gukwiragira, zikonona ukuri gutyoroye kwo mw’Ijambo ry’Imana
Mt 23:5-7, 23-33—Yezu yariyamirije yivuye inyuma ubwiyorobetsi n’inyigisho zitari zo vy’abanditsi n’Abafarizayo
Mr 7:5-9—Yezu yarakosoye Abafarizayo n’abanditsi kubera bashira imigenzo y’abantu imbere y’inyigisho zo mw’Ijambo ry’Imana
Yezu yoba yararemesheje abayoboke biwe gushinga amadini menshi atandukanye?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Yoh 15:4, 5—Yezu yarakoresheje ikigereranyo c’umuzabibu mu kwerekana ubumwe abayoboke biwe bogiraniye na we be n’abakirisu bagenzi babo
Yoh 17:1, 6, 11, 20-23—Mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaranye n’abigishwa biwe imbere y’uko apfa, yarasenze asaba ko abayoboke biwe bose bunga ubumwe
Amashengero y’abakirisu atandukanye yo mu kinjana ca mbere yoba yaremera bimwe kandi agasenga Yehova kumwe?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Ivk 11:20-23, 25, 26—Amashengero yo muri Antiyokiya n’i Yeruzalemu yarerekanye ko yunze ubumwe kandi akora ahuje inama
Rm 15:25, 26; 2Kr 8:1-7—Amashengero yo mu kinjana ca mbere yaragaragaje urukundo mu gufashanya mu bihe bigoye, bikaba vyarerekanye ko yunze ubumwe
Imana yoba yemera amadini yose avuga ko yizera Kristu?
Igihe abantu badakurikiza inyigisho za Kristu hamwe n’intumwa, Imana yoba yokwemera ugusenga kwabo?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Mt 13:24-30, 36-43—Yezu yagereranije abakirisu b’ikinyoma n’icatsi kibi, avuga ko hobaye abakirisu b’ikinyoma benshi kandi ko bokwinyegeje mw’ishengero
1Yh 2:18, 19—Intumwa Yohani yitereye mu myaka, yarerekanye ko ba antikristu benshi bari bamaze kuboneka mu mpera y’ikinjana ca mbere