Kugamburuka
Kubera iki kugamburuka bihambaye cane?
Kv 19:5; Gus 10:12, 13; Ums 12:13; Yak 1:22
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
1Sm 15:17-23—Umuhanuzi Samweli yarakosoye umwami Sawuli kubera ko atagamburukiye Yehova, aca arashimika ku kamaro ko kugamburuka
Heb 5:7-10—Naho Yezu yamye ari Umwana w’Imana atunganye, imibabaro yamushikiye kw’isi yaramwigishije kugamburuka
Umukirisu akwiye gukora iki igihe abategetsi bamusavye kugambararira Imana?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Dn 3:13-18—Abaheburayo batatu b’intahemuka baranse kwunamira igishusho cashinzwe n’umwami Nebukadinezari, naho vyari gutuma bahasiga ubuzima
Mt 22:15-22—Yezu yerekanye yuko abigishwa biwe bagamburukira abategetsi, kiretse gusa babasavye kugambararira Yehova Imana
Ivk 4:18-31—Intumwa zarabandanije kwamamaza n’umutima rugabo n’igihe abategetsi bazibuza kubikora
Dukwiye gukora iki kugira tugume tugamburuka amategeko ya Yehova?
Gus 6:1-5; Zb 112:1; 1Yh 5:2, 3
Raba kandi Zb 119:11, 112; Rm 6:17
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Ezr 7:7-10—Umuherezi w’intahemuka Ezira yarateguye umutima wiwe kugira afate iya mbere mu kugamburuka amategeko y’Imana no mu kuyigisha abandi
Yoh 14:31—Yezu yaravuze igituma akora ivyo Se amutegeka
Ni igiki gikwiye kutuvyurira umutima wo kugamburukira Yehova na Yezu?
Kugamburuka vyerekana gute ko dufise ukwizera?
Rm 1:5; 10:16, 17; Yak 2:20-23
Raba kandi Gus 9:23
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 6:9-22; Heb 11:7—Nowa yaragaragaje ukwizera mu kwubaka ubwato nk’uko Yehova yamutegetse, «akora gutyo nyene»
Heb 11:8, 9, 17—Aburahamu yaragaragaje ukwizera mu kugamburuka igihe Yehova yamutegeka kuva i Uri n’igihe yamutegeka gutanga umwana wiwe nk’ikimazi
Yehova ahezagira gute abamugamburukira?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Lw 26:3-6—Yehova asezerana guhezagira no kwitwararika abamugamburukira
Gh 13:30, 31; 14:22-24—Kalebu yaragaragaje agatima ko kugamburuka, bituma Yehova amuhezagira
Kugambarara bigira ingaruka izihe?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 2:16, 17; 3:17-19—Kubera ko Adamu na Eva bagambarariye Yehova Imana, baratakaje akaryo ku kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo ari abantu batunganye
Gus 18:18, 19; Ivk 3:12, 18, 22, 23—Yehova yaravuze ko hoje Umuhanuzi aruta Musa, arerekana ko kumugambararira vyovuyemwo ingaruka zibabaje
Yud 6, 7—Ba bamarayika b’abagarariji hamwe n’abantu b’i Sodomu n’i Gomora barashavuje Yehova kubera bagambaraye
Kubera iki dukwiye kugamburukira Yezu Kristu?
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
Yoh 12:46-48; 14:24—Yezu yavuze ko abatagamburuka ivyo yavuze bazocirwa urubanza rubi
Kubera iki abakirisu bagamburukira abahagarikizi b’amashengero?
Kubera iki umugore mukirisu akwiye kuyobokera umugabo wiwe?
Kubera iki abana bakwiye kugamburukira abavyeyi babo?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 37:3, 4, 8, 11-13, 18—Yozefu akiri muto yaragamburukiye se araja kuraba benewabo naho bamwanka
Lk 2:51—Yezu yagumye agamburukira Yozefu na Mariya, naho we yari atunganye ariko abo bavyeyi biwe bakaba batari batunganye