ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • scl rup. 68-70
  • Kugamburuka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kugamburuka
  • Ivyanditswe bidufasha mu buzima
Ivyanditswe bidufasha mu buzima
scl rup. 68-70

Kugamburuka

Kubera iki kugamburuka bihambaye cane?

Kv 19:5; Gus 10:​12, 13; Ums 12:13; Yak 1:22

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Sm 15:​17-23—Umuhanuzi Samweli yarakosoye umwami Sawuli kubera ko atagamburukiye Yehova, aca arashimika ku kamaro ko kugamburuka

    • Heb 5:​7-10—Naho Yezu yamye ari Umwana w’Imana atunganye, imibabaro yamushikiye kw’isi yaramwigishije kugamburuka

Umukirisu akwiye gukora iki igihe abategetsi bamusavye kugambararira Imana?

Ivk 5:29

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Dn 3:​13-18—Abaheburayo batatu b’intahemuka baranse kwunamira igishusho cashinzwe n’umwami Nebukadinezari, naho vyari gutuma bahasiga ubuzima

    • Mt 22:​15-22—Yezu yerekanye yuko abigishwa biwe bagamburukira abategetsi, kiretse gusa babasavye kugambararira Yehova Imana

    • Ivk 4:​18-31—Intumwa zarabandanije kwamamaza n’umutima rugabo n’igihe abategetsi bazibuza kubikora

Dukwiye gukora iki kugira tugume tugamburuka amategeko ya Yehova?

Gus 6:​1-5; Zb 112:1; 1Yh 5:​2, 3

Raba kandi Zb 119:​11, 112; Rm 6:17

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Ezr 7:​7-10—Umuherezi w’intahemuka Ezira yarateguye umutima wiwe kugira afate iya mbere mu kugamburuka amategeko y’Imana no mu kuyigisha abandi

    • Yoh 14:31—Yezu yaravuze igituma akora ivyo Se amutegeka

Ni igiki gikwiye kutuvyurira umutima wo kugamburukira Yehova na Yezu?

Yoh 14:21; 1Yh 2:5; 2Yh 6

Kugamburuka vyerekana gute ko dufise ukwizera?

Rm 1:5; 10:​16, 17; Yak 2:​20-23

Raba kandi Gus 9:23

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 6:​9-22; Heb 11:7—Nowa yaragaragaje ukwizera mu kwubaka ubwato nk’uko Yehova yamutegetse, «akora gutyo nyene»

    • Heb 11:​8, 9, 17—Aburahamu yaragaragaje ukwizera mu kugamburuka igihe Yehova yamutegeka kuva i Uri n’igihe yamutegeka gutanga umwana wiwe nk’ikimazi

Yehova ahezagira gute abamugamburukira?

Yr 7:23; Mt 7:21; 1Yh 3:22

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Lw 26:​3-6—Yehova asezerana guhezagira no kwitwararika abamugamburukira

    • Gh 13:​30, 31; 14:​22-24—Kalebu yaragaragaje agatima ko kugamburuka, bituma Yehova amuhezagira

Kugambarara bigira ingaruka izihe?

Rm 5:19; 2Ts 1:​8, 9

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 2:​16, 17; 3:​17-19—Kubera ko Adamu na Eva bagambarariye Yehova Imana, baratakaje akaryo ku kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo ari abantu batunganye

    • Gus 18:​18, 19; Ivk 3:​12, 18, 22, 23—Yehova yaravuze ko hoje Umuhanuzi aruta Musa, arerekana ko kumugambararira vyovuyemwo ingaruka zibabaje

    • Yud 6, 7—Ba bamarayika b’abagarariji hamwe n’abantu b’i Sodomu n’i Gomora barashavuje Yehova kubera bagambaraye

Kubera iki dukwiye kugamburukira Yezu Kristu?

It 49:10; Mt 28:18

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Yoh 12:​46-48; 14:24—Yezu yavuze ko abatagamburuka ivyo yavuze bazocirwa urubanza rubi

Kubera iki abakirisu bagamburukira abahagarikizi b’amashengero?

Heb 13:17

Kubera iki umugore mukirisu akwiye kuyobokera umugabo wiwe?

1Kr 11:3; Ef 5:​22, 24; Kl 3:18; Tt 2:​4, 5; 1Pt 3:​1-6

Kubera iki abana bakwiye kugamburukira abavyeyi babo?

Img 23:22; Ef 6:1; Kl 3:20

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 37:​3, 4, 8, 11-13, 18—Yozefu akiri muto yaragamburukiye se araja kuraba benewabo naho bamwanka

    • Lk 2:51—Yezu yagumye agamburukira Yozefu na Mariya, naho we yari atunganye ariko abo bavyeyi biwe bakaba batari batunganye

Kubera iki ari vyiza kugamburukira abakoresha n’igihe abandi bataba bariko baratubona?

Ef 6:5; Kl 3:22; 1Pt 2:18

Kubera iki abakirisu bagamburukira abategetsi?

Rm 13:​1-6; Tt 3:1; 1Pt 2:​13, 14

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika