Amahera
Kubera iki gukunda amahera birimwo akaga?
Raba «Guhahamira amaronko»
Bibiliya yerekana gute ko kurondera amahera yo gutunga umuryango atari bibi?
Ums 7:12; 10:19; Ef 4:28; 2Ts 3:10; 1Tm 5:8, 18
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 31:38-42—Yakobo yarakoreye sebukwe Labani atamwiba, kugira atunge umuryango wiwe. Sebukwe yamufashe nabi, mugabo akuya Yakobo yabize, Yehova yaragahezagiye
Lk 19:12, 13, 15-23—Yezu yaratanze ikigereranyo cerekana ko ico gihe vyari bimenyerewe ko abantu bakoresha umutahe bakarondera inyungu
Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zifasha mu bijanye no kuguranana amahera?
Kubera iki ari vyiza kwirinda amadeni adakenewe?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Neh 5:2-8—Abisirayeli bamwebamwe bo mu gihe ca buramatari Nehemiya bafata nabi ababaheraniye
Mt 18:23-25—Iki kigereranyo Yezu yatanze kiratwibutsa ko umuntu ashobora guhanwa iyo atarishe ideni
Ni ibiki umuntu akwiye kubako maso imbere yo kwifatanya n’uwundi mu rudandazwa, yaba ari uwutizera, uwo dusangiye ukwizera, canke mbere incuti yacu?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 23:14-20—Biboneka ko kugira Aburahamu yirinde ingorane zari guhava zaduka, yarondeye ivyabona igihe yagura itongo n’isenga ryo guhambamwo Sara
Yr 32:9-12—Igihe umuhanuzi Yeremiya yagura itongo rya mwene sewabo, yaranditse urwandiko, yandika n’urundi, maze atanga amahera imbere y’ivyabona