ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • scl rup. 22
  • Amaganya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amaganya
  • Ivyanditswe bidufasha mu buzima
Ivyanditswe bidufasha mu buzima
scl rup. 22

Amaganya

Woba ugira amaganya kubera ubukene, inzara no kubura uburaro?

Img 10:15; 19:7; 30:8

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Int 3:19—Inyuma y’isangangurwa rya Yeruzalemu, umuhanuzi Yeremiya ntiyari afise aho aba kandi ni ko vyari biri no ku bandi benshi bo mu gihugu ciwe

    • 2Kr 8:​1, 2; 11:27—Ubukene bwari bwugarije abakirisu b’i Masedwane, kandi n’intumwa Pawulo kenshi yarabura ibifungurwa, ivyambarwa n’aho akika umusaya

  • Ivyanditswe biremesha:

    • Zb 37:25; 145:15; Img 10:3; Mt 6:​25-34

    • Raba kandi Gus 24:19

Woba ugira amaganya kubera utinya kubura abagenzi, kwumva irungu canke kudakundwa?

Yb 19:19; Ums 4:​10, 12

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Bm 18:22; 19:​9, 10—Umuhanuzi Eliya yibaza ko ari we wenyene gusa yariko akorera Yehova adahemuka

    • Yr 15:​16-21—Umuhanuzi Yeremiya yarumva irungu mu bantu batanegwa ubutumwa yabashikiriza, bagashira imbere ivyo kwinezereza

  • Ivyanditswe biremesha:

    • Zb 25:​15, 16; 1Pt 5:7

  • Inkuru zo muri Bibiliya ziremesha:

    • 1Bm 19:​1-19—Yehova yarahaye umuhanuzi Eliya imfungurwa n’amazi, aramutega yompi igihe yamuganyira yongera aramuremesha mu gukora ibintu bikomeye bimwibutsa ububasha bwiwe

    • Yoh 16:​32, 33—Yezu yari azi ko abagenzi biwe bazomuta, ariko ko Yehova we atazomuta

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika