ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • scl rup. 20-21
  • Akazi; ibikorwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akazi; ibikorwa
  • Ivyanditswe bidufasha mu buzima
Ivyanditswe bidufasha mu buzima
scl rup. 20-21

Akazi; ibikorwa

Ni isano irihe riri hagati y’akazi n’umunezero?

Ums 2:24; 3:​13, 22; Yes 65:22

Kwiga gukora akazi neza nk’umuhanga bifise akamaro akahe?

Img 22:29

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Sm 16:​16-23—Umusore Dawidi yaramenyekanye ko yari umuhinga mu gucuraranga. Ubwo buhinga yari azi bwatumye aza arafasha umwami wa Isirayeli kwumva amerewe neza

    • 2Ng 2:​13, 14—Hiramu-Abi yarafashije cane umwami Salomo mu gikorwa gikomeye c’ubwubatsi kubera ko yari umuhinga

Abasavyi ba Yehova bipfuza kuba abakozi bazwi gute?

Ef 4:28; Kl 3:23

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 24:​10-21—Rebeka yakoreye umusuku wa Aburahamu ibirenze ivyo uwo musuku yamusavye. Vyerekanye ko ari umuntu w’umunyamwete kandi akunda gufashanya

    • Fp 2:​19-23—Intumwa Pawulo yarajeje Timoteyo ibanga rihambaye kubera ko uwo musore yari afise umutima wo gukorera abandi atiziganya kandi yicishije bugufi

Kubera iki abasavyi b’Imana birinda cane ubunebwe?

Img 13:4; 18:9; 21:​25, 26; Ums 10:18

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Img 6:​6-11—Umwami Salomo yaratwigishije akamaro ko gukora cane tukirinda ubunebwe, afatiye ku kimonyo

Kubera iki dukwiye gukura amaboko mu mpuzu tukarondera ibidutunga?

2Ts 3:​10-12; 1Tm 5:18

Kubera iki dukwiye gukora cane kugira turonke ibitunga umuryango wacu?

1Tm 5:8

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Rs 1:​16, 17; 2:​2, 3, 6, 7, 17, 18—Umupfakazi akiri muto Rusi yarakorana umwete kugira yitwararike inabukwe Nawomi

    • Mt 15:​4-9—Yezu yarateye ivyatsi abitwaza ivy’impwemu kugira ntibashitse ibanga bajejwe ryo kwitwararika abavyeyi babo

Kubera iki abakirisu bakwiye gusangira n’abandi ivyo babiriye icuya?

Rm 12:13; 2Kr 8:​1-4; 9:​5, 7, 11; 1Tm 6:​17, 18

Dukwiye kubona gute amahera dukorera?

Img 30:8; 2Ts 3:12; 1Tm 6:​6-10; Heb 13:5

Tuzi gute ko Yehova yipfuza kudufasha gukora neza akazi tujejwe no kwironsa ivyo dukeneye?

Mt 6:​25, 30-32; Lk 11:​2, 3; 2Kr 9:10

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 31:​3-13—Labani yarafashe nabi umukwe wiwe akaba n’umukozi wiwe Yakobo, ariko Yehova yarabona ko Yakobo ari umukozi kandi yaramuhezagiye

    • It 39:​1-6, 20-23—Yehova yarahezagiye akazi Yozefu yakora ari umushumba kwa Potifari n’ako yakora ari imbohe

Kubera iki akazi kadakwiye kuza imbere y’igikorwa dukorera Imana?

Zb 39:​5-7; Mt 6:33; Yoh 6:27

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Lk 12:​15-21—Yezu yaratanze ikigereranyo kidufasha kubona ko gushira amatungo imbere y’ubutunzi bwo mu vy’impwemu ari ubujuju

    • 1Tm 6:​17-19—Intumwa Pawulo yaraburiye abakirisu batunze ngo birinde kwibona yongera abaremesha kuba «abatunzi mu bikorwa vyiza»

Ni ingingo ngenderwako izihe zodufasha guhitamwo neza akazi twokora?

  • Kv 20:4; Ivk 15:29; Ef 4:28; Ivy 21:8—Ako kazi koba kazosaba ko nkora ibintu Imana yanka?

  • Kv 21:​22-24; Yes 2:4; 1Kr 6:​9, 10; 2Kr 7:1—Ako kazi koba gashigikira canke gateza imbere ibintu Imana yanka ku buryo nanje noba ndabigizemwo uruhara?

  • Rm 13:​1-7; Tt 3:​1, 2—Ako kazi koba gasaba ko ndenga ku mategeko amwamwe ya Leta?

  • 2Kr 6:​14-16; Ivy 18:​2, 4—Ako kazi koba kotuma ngira uruhara mw’idini ry’ikinyoma canke ndarishigikira?

Gukorera Yehova

Igikorwa gihambaye kuruta ibindi abakirisu bokora ni ikihe?

Mt 28:​19, 20; Lk 9:2; 2Tm 4:​2, 5

Kubera iki twipfuza gukorera Yehova n’umutima wacu wose?

Lk 13:24; Rm 12:11; 1Kr 15:58; Heb 6:​10-12

Raba kandi 1Tm 3:1

Kubera iki tudakwiye kwitega ko abakorera Yehova bose bakora ibingana?

Gl 6:​3-5

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Mt 25:​14, 15—Ikigereranyo Yezu yatanze kirerekana ko atiteze ko abayoboke biwe bose bakora ibingana

    • Lk 21:​2-4—Yezu yarashimye cane intererano ntoya yatanzwe n’umupfakazi w’umukene

Ni hehe dukura inkomezi zo gukora ivyo twashinzwe mu gikorwa ca Yehova?

2Kr 4:7; Ef 3:​20, 21; Fp 4:13

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • 2Tm 4:17—Intumwa Pawulo yarerekanye yuko Imana yamuha ububasha igihe yaba abukeneye

Kubera iki gukorana umwete igikorwa ca Yehova bituma tunezerwa?

Zb 40:8; Yoh 13:17; Yak 1:25

Raba kandi Mt 25:23

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika