Akazi; ibikorwa
Ni isano irihe riri hagati y’akazi n’umunezero?
Kwiga gukora akazi neza nk’umuhanga bifise akamaro akahe?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
1Sm 16:16-23—Umusore Dawidi yaramenyekanye ko yari umuhinga mu gucuraranga. Ubwo buhinga yari azi bwatumye aza arafasha umwami wa Isirayeli kwumva amerewe neza
2Ng 2:13, 14—Hiramu-Abi yarafashije cane umwami Salomo mu gikorwa gikomeye c’ubwubatsi kubera ko yari umuhinga
Abasavyi ba Yehova bipfuza kuba abakozi bazwi gute?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 24:10-21—Rebeka yakoreye umusuku wa Aburahamu ibirenze ivyo uwo musuku yamusavye. Vyerekanye ko ari umuntu w’umunyamwete kandi akunda gufashanya
Fp 2:19-23—Intumwa Pawulo yarajeje Timoteyo ibanga rihambaye kubera ko uwo musore yari afise umutima wo gukorera abandi atiziganya kandi yicishije bugufi
Kubera iki abasavyi b’Imana birinda cane ubunebwe?
Img 13:4; 18:9; 21:25, 26; Ums 10:18
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
Img 6:6-11—Umwami Salomo yaratwigishije akamaro ko gukora cane tukirinda ubunebwe, afatiye ku kimonyo
Kubera iki dukwiye gukura amaboko mu mpuzu tukarondera ibidutunga?
Kubera iki dukwiye gukora cane kugira turonke ibitunga umuryango wacu?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Rs 1:16, 17; 2:2, 3, 6, 7, 17, 18—Umupfakazi akiri muto Rusi yarakorana umwete kugira yitwararike inabukwe Nawomi
Mt 15:4-9—Yezu yarateye ivyatsi abitwaza ivy’impwemu kugira ntibashitse ibanga bajejwe ryo kwitwararika abavyeyi babo
Kubera iki abakirisu bakwiye gusangira n’abandi ivyo babiriye icuya?
Dukwiye kubona gute amahera dukorera?
Tuzi gute ko Yehova yipfuza kudufasha gukora neza akazi tujejwe no kwironsa ivyo dukeneye?
Mt 6:25, 30-32; Lk 11:2, 3; 2Kr 9:10
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 31:3-13—Labani yarafashe nabi umukwe wiwe akaba n’umukozi wiwe Yakobo, ariko Yehova yarabona ko Yakobo ari umukozi kandi yaramuhezagiye
It 39:1-6, 20-23—Yehova yarahezagiye akazi Yozefu yakora ari umushumba kwa Potifari n’ako yakora ari imbohe
Kubera iki akazi kadakwiye kuza imbere y’igikorwa dukorera Imana?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Lk 12:15-21—Yezu yaratanze ikigereranyo kidufasha kubona ko gushira amatungo imbere y’ubutunzi bwo mu vy’impwemu ari ubujuju
1Tm 6:17-19—Intumwa Pawulo yaraburiye abakirisu batunze ngo birinde kwibona yongera abaremesha kuba «abatunzi mu bikorwa vyiza»
Ni ingingo ngenderwako izihe zodufasha guhitamwo neza akazi twokora?
Kv 20:4; Ivk 15:29; Ef 4:28; Ivy 21:8—Ako kazi koba kazosaba ko nkora ibintu Imana yanka?
Kv 21:22-24; Yes 2:4; 1Kr 6:9, 10; 2Kr 7:1—Ako kazi koba gashigikira canke gateza imbere ibintu Imana yanka ku buryo nanje noba ndabigizemwo uruhara?
Rm 13:1-7; Tt 3:1, 2—Ako kazi koba gasaba ko ndenga ku mategeko amwamwe ya Leta?
2Kr 6:14-16; Ivy 18:2, 4—Ako kazi koba kotuma ngira uruhara mw’idini ry’ikinyoma canke ndarishigikira?
Gukorera Yehova
Igikorwa gihambaye kuruta ibindi abakirisu bokora ni ikihe?
Kubera iki twipfuza gukorera Yehova n’umutima wacu wose?
Lk 13:24; Rm 12:11; 1Kr 15:58; Heb 6:10-12
Raba kandi 1Tm 3:1
Kubera iki tudakwiye kwitega ko abakorera Yehova bose bakora ibingana?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Mt 25:14, 15—Ikigereranyo Yezu yatanze kirerekana ko atiteze ko abayoboke biwe bose bakora ibingana
Lk 21:2-4—Yezu yarashimye cane intererano ntoya yatanzwe n’umupfakazi w’umukene
Ni hehe dukura inkomezi zo gukora ivyo twashinzwe mu gikorwa ca Yehova?
2Kr 4:7; Ef 3:20, 21; Fp 4:13
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
2Tm 4:17—Intumwa Pawulo yarerekanye yuko Imana yamuha ububasha igihe yaba abukeneye
Kubera iki gukorana umwete igikorwa ca Yehova bituma tunezerwa?
Raba kandi Mt 25:23